Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 13:1-18

13  “Nihagira umuhanuzi+ canke umurosi+ w’indoto ahaguruka hagati yawe akaguha koko ikimenyetso canke imburizi+,  kandi nya kimenyetso canke nya mburizi bikaranguka koko, ari vyo yari yakubwiye+ avuga ngo: ‘Tugendere inyuma y’izindi mana utamenye, tuzikorere,’  ntuze wumvirize amajambo y’uwo muhanuzi canke uwo murosi w’iyo ndoto+, kuko Yehova Imana yanyu azoba ariko arabageza+ kugira amenye nimba mukunda Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+.  Inyuma ya Yehova Imana yanyu ni ho mukwiye kugendera, kandi ni we mukwiye gutinya, kandi amabwirizwa yiwe ni yo mukwiye kugumya, kandi ijwi ryiwe ni ryo mukwiye kwumviriza, kandi ni we mukwiye gukorera, kandi ni we mukwiye kwumirako+.  Uyo muhanuzi+ canke uyo murosi wa nya ndoto aze yicwe+, kuko yavuze ivy’ukugarariza Yehova Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Misiri akagucungura ukava mu nzu y’abashumba, nya muntu akabigira ngo aguhindukize uve mu nzira Yehova Imana yawe yagutegetse kugenderamwo+; utegerezwa gukura ikibi hagati muri wewe+.  “Mwene wanyu, mwene nyoko wawe, canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe canke umugore wawe ukunda cane canke umugenzi wawe pfampfe+, niyagerageza kuguhendahenda mu mpisho, ngo: ‘Tugende dukorere izindi mana+,’ izo utamenye yaba wewe canke ba sogokuruza bawe,  zimwe mu mana z’ibisata vy’abantu biri irya n’ino yanyu, ibiri hafi yawe canke ibiri kure yawe, kuva ku mpera imwe y’igihugu gushika ku yindi,  ntuze ukundire icipfuzo ciwe canke ngo umwumvirize+, eka n’ijisho ryawe ntirize rimwumvire akagongwe, eka kandi ntuze umwumvire impuhwe+, canke ngo umuhishire;  ahubwo uze umwice ata kabuza+. Ukuboko kwawe ni kwo ubwa mbere gukwiye kuza kuri we kumwica, ukuboko kw’abantu bose na kwo kugakurikira+. 10  Uze umutere amabuye, apfe+, kuko yarondeye kuguhindukiza ngo uve kuri Yehova Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+. 11  Maze Isirayeli yose izovyumva itinye, kandi ntibazokwongera gukora ikintu kibi nk’ico hagati yawe+. 12  “Muri kimwe mu bisagara vyawe Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ubemwo hariya, niwumva bivugwa 13  ngo: ‘Hari abagabo b’imburakimazi basohotse bava hagati yawe+ kugira bagerageze guhindukiza ababa mu gisagara cabo+, bavuga ngo: “Tugende dukorere izindi mana,” izo mutamenye,’ 14  utegerezwa rero kurondera, ugatohoza, ukabariritsa neza+; maze nimba nya kintu cemejwe ko ari ukuri, kandi ico kintu giteye ishishi kikaba cakozwe hagati yawe, 15  ukwiye ata kabuza gukubita ubugi bw’inkota ababa muri ico gisagara+. Uze ugitikize be n’ikintu cose kiri muri co, n’ibitungwa vyaco+, biciye ku bugi bw’inkota. 16  Isahu ryaco ryose uze uryegeranirize hagati mu kibanza ca bose caho, kandi utegerezwa guturira mu muriro nya gisagara+ be n’isahu ryaco ryose bibe ishikanwa ritangwa uko ryakabaye rihabwa Yehova Imana yawe, kandi gitegerezwa gucika ikirundo c’ibihomvagurike gushika igihe kitagira urugero+. Ntikize cigere congera kwubakwa. 17  Kandi ntihaze hagire ikintu na kimwe, emwe na kimwe, kimata ku kuboko kwawe co ku kintu caziririjwe kikagirwa ceranda+, kugira ngo Yehova ahindukire areke ishavu ryiwe rirurumba+, maze akugirire koko imbabazi kandi akwereke koko imbabazi+ yongere akugwize, nk’uko nyene yarahiye ba sogokuruza bawe+. 18  Kuko ukwiye kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe mu kugumya amabwirizwa yose+ ndagutegetse uno musi, kugira ukore ibigororotse mu maso ya Yehova Imana yawe+.

Amakuru yiyongereye