Gusubira mu vyagezwe 12:1-32
12 “Ng’izi ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+ mukwiye kuba maso mugashitsa+ mu gihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe atazobura kukwemerera kwigarurira, imisi yose muzomara muri bazima ku butaka+.
2 Mukwiye gusenyagura koko+ ibibanza vyose amahanga muriko muromora yakorereyemwo imana zayo, ku misozi miremire n’imirambi no munsi y’igiti gitotahaye+ cose.
3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+.
4 “Ntimugakore gutyo kuri Yehova Imana yanyu+,
5 mugabo ahantu Yehova Imana yanyu azotora mu miryāngo yanyu yose ngo ahashire izina ryiwe, atume ari ho riba, muzoharondera, kandi utegerezwa kuza ng’aho+.
6 Aho ni ho mutegerezwa kuzana amashikanwa yanyu aturirwa+, n’ibimazi vyanyu, n’ivy’icumi vyanyu+, n’intererano yo mu kuboko kwanyu+, n’amashikanwa yanyu y’indagano+, n’amashikanwa yanyu atangwa ku bushake+, n’ivy’uburiza vyo mu busho bwanyu n’ivyo mu mukuku wanyu+.
7 Aho ni ho mutegerezwa kurira imbere ya Yehova Imana yanyu+ no kunezererwa mu migambi yanyu yose+, mwe n’ingo zanyu, kuko Yehova Imana yawe yaguhezagiye.
8 “Ntimugakore mwisunze ivyo turiko turakora vyose ng’aha uno musi, umwe wese ngo akore ibigororotse mu maso yiwe bwite+,
9 kuko mutarinjira ahantu h’ukuruhukira+ n’ahantu h’intoranwa Yehova Imana yawe agira aguhe.
10 Mutegerezwa kujabuka Yorodani+ mukaba mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo mucigabire+, kandi ntazobura kubaha akaruhuko, mugakira abansi banyu bose babakikuje, kandi muzokwibera koko mu mutekano+.
11 Kandi, ahantu+ Yehova Imana yanyu azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba, ni ho muzozana ivyo ndabategetse vyose, amashikanwa yanyu aturirwa+ be n’ibimazi vyanyu, ivy’icumi vyanyu+ n’intererano+ yo mu kuboko kwanyu, n’amashikanwa yanyu yose y’indagano+ mezameza muzoraganira Yehova.
12 Kandi mutegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+, mwebwe n’abahungu banyu n’abakobwa banyu n’abashumba banyu n’abashumbakazi banyu n’Umulewi ari imbere mu marembo yanyu, kuko ata muturi canke intoranwa afise kumwe namwe+.
13 Wiyubare ntushikanire amashikanwa aturirwa yawe ahandi hantu aho ari ho hose wobona+.
14 Mugabo ahantu Yehova azotora muri umwe mu miryāngo yawe ni ho ukwiye gushikanira amashikanwa aturirwa yawe, kandi aho ni ho ukwiye gukorera ivyo ndagutegetse vyose+.
15 “Ariko igihe cose umutima wawe uzoba uhahamiye akanyama, uzokerera igitungwa+, urye akanyama nk’uko Yehova Imana yawe yaguhezagiye, mu marembo yawe yose. Uwuhumanye+ n’uwudahumanye boshobora kuzirya, nk’uko barya ingeregere n’ifumbēri+.
16 Ariko amaraso ni yo mutegerezwa kutarya+. Uze uyasese hasi nk’amazi+.
17 Ntuzokwemererwa kurira mu marembo yawe ic’icumi c’intete zawe+, canke c’umuvinyu wawe mushasha canke c’amavuta yawe, canke uburiza bw’ubusho bwawe n’ubw’umukuku wawe+, canke ico ari co cose mu mashikanwa yawe y’indagano uzoragana canke amashikanwa yawe atangwa ku bushake+, canke intererano y’ukuboko kwawe+.
18 Mugabo imbere ya Yehova Imana yawe ni ho uzobirira, ahantu Yehova Imana yawe azotora+, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi ari imbere mu marembo yawe; kandi utegerezwa kunezerwa+ imbere ya Yehova Imana yawe mu migambi yawe yose.
19 Wiyubare ntuhebe Umulewi+, imisi yose uzomara ku butaka bwawe.
20 “Igihe Yehova Imana yawe azokwagura akarere kawe+, nk’uko yagusezeraniye+, maze ukavuga koko uti: ‘Hinge ndye akanyama,’ kuko uhahamiye kurya akanyama, igihe cose umutima wawe uzoba ubihahamiye uzoshobora kwirira akanyama+.
21 Mu gihe ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo abe ari ho ashira izina ryiwe+ hoba kure yawe, uze ukerere zimwe mu zo mu busho na zimwe mu zo mu mukuku wawe Yehova yaguhaye, nk’uko nagutegetse, kandi uze urire mu marembo yawe igihe cose umutima wawe uzoba ubihahamiye+.
22 Ariko nka kurya barya ingeregere n’ifumbēri, ni ko ushobora kuzirya+: uwuhumanye+ n’uwudahumanye bose hamwe bashobora kuzirya.
23 Kimwe gusa, wiyemeze ushikamye kutarya amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+ kandi ukaba utegerezwa kutarya ubuzima kumwe n’inyama.
24 Utegerezwa kutayarya. Uze uyasese ku butaka nk’amazi+.
25 Utegerezwa kutayarya, kugira bikugendere neza+ n’abana bawe bo mu nyuma zawe, kuko uzoba ukoze ibigororotse mu maso ya Yehova+.
26 Ibintu vyeranda vyawe+ vyonyene, ibizocika rwawe, n’amashikanwa yawe y’indagano+, ni vyo uzobwirizwa kujana, uheze uje ahantu Yehova azotora+.
27 Kandi utegerezwa guhereza amashikanwa yawe aturirwa+, inyama n’amaraso+, ku gicaniro ca Yehova Imana yawe. Amaraso y’ibimazi vyawe akwiye gusukwa imbere y’igicaniro ca Yehova+ Imana yawe, mugabo inyama urashobora kuzirya.
28 “Wiyubare, kandi ugamburuke aya majambo yose ndagutegetse+, kugira ngo bikugendere neza wewe+ n’abana bawe mu nyuma zawe gushika igihe kitagira urugero, kuko uzoba ukoze ivyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yawe+.
29 “Igihe Yehova Imana yawe azokuraho imbere yawe amahanga uriko urajamwo ngo uyomore+, uze uyomore ube mu gihugu cayo+.
30 Wiyubare ntufatwe n’umutego inyuma yayo+ amaze kuzimanganywa akava imbere yawe, kandi ntubariritse ivy’imana zayo ngo: ‘Ayo mahanga yahora akorera imana zayo ate? Nanje, egome, jewe, nzogira gutyo nyene.’
31 Ntuze ukore gutyo kuri Yehova Imana yawe+, kuko ikintu cose giteye ishishi kuri Yehova, ico yanka koko, ari co ayo mahanga yakoze ku mana zayo, kuko mbere n’abahungu bayo n’abakobwa bayo yama abaturira mu muriro ku bw’imana zayo+.
32 Ijambo ryose ndabategetse, muze mube maso murishitse+. Ntimuze mugire ico mwongera kuri ryo canke ico mukura kuri ryo+.