Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 11:1-32

11  “Kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe+ no gushitsa ivyo yabajeje n’ivyagezwe vyiwe n’ingingo ziwe z’ubutungane+ n’amabwirizwa yiwe nantaryo.  Kandi urazi neza uno musi (kuko ntariko mbwira abana banyu batamenye kandi batabonye indero ya Yehova+ Imana yanyu, ubukuru bwiwe+, ikiganza ciwe gikomeye+ n’ukuboko kwiwe kuramvuye+,  canke ibimenyetso vyiwe n’ibikorwa vyiwe yakoreye hagati ya Misiri+, abikoreye Farawo umwami wa Misiri n’igihugu ciwe cose;  canke ivyo yakoreye inteko za gisirikare za Misiri, amafarasi yiwe n’imikogote yiwe y’intambara, ivyo yatumye amazi y’ikiyaga Gitukura abirengera igihe bariko baboma inyuma+, Yehova akabarandura gushika uyu musi+;  canke ivyo yakoreye mwebwe mu gahinga kugeza mushitse aha hantu;  canke ivyo yakoreye Datani na Abiramu+ abahungu ba Eliyabu mwene Rubeni, hamwe isi yasamika akanwa kayo ikabamirana n’ingo zabo n’amahema yabo n’ikintu cose kibaho cabagendera inyuma hagati ya Isirayeli yose+);  kuko amaso yanyu ari yo yiboneye ibikorwa bikomeye vyose Yehova yakoze+.  “Kandi mutegerezwa kugumya ibwirizwa ryose+ ndagutegetse uno musi, kugira mukomere kandi mwinjire koko, mwigarurire igihugu mugira mujabukiremwo ngo mucigarurire+,  no kugira mushobore kurambira+ ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu ko azobaha be n’uruvyaro rwabo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 10  “Kuko igihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire atari nka ca gihugu ca Misiri mwaje muvamwo, aho wahora ubiba imbuto yawe kandi ukabwirizwa kuhanyōsha ukoresheje ikirenge cawe, nk’umurima w’imboga. 11  Ariko igihugu mugira mujabukiremwo ngo mucigarurire ni igihugu c’imisozi n’ibiyaya vy’imibande+. Amazi y’imvura yo mu majuru ni yo cinywera, 12  kikaba ari igihugu Yehova Imana yawe yitaho. Amaso+ ya Yehova Imana yawe yama kuri co, kuva mu ntango z’umwaka gushika ku mpera z’umwaka. 13  “Kandi nimwagamburuka koko amabwirizwa+ ndabategetse uno musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukamukorera n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, 14  nanje sinzobura gutanga imvura ku gihugu canyu ku gihe cayo+, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi+, kandi koko uzokwegeranya intete zawe n’umuvinyu wawe usosa n’amavuta yawe. 15  Kandi sinzobura gutanga ibimera vyo mw’itongo ryawe ku bw’ibitungwa vyawe+, kandi uzorya koko uhage+. 16  Mwiyubare, umutima wanyu ntuhave ukwegakwegwa+, mugakevya, mugasenga izindi mana, mukazunamira+, 17  maze ishavu rya Yehova rikabarurumbira, akugara amajuru ku buryo ata mvura izohaba+ n’ubutaka ntibutange umwimbu wabwo, namwe mukabwirizwa guhona vyihuta mu gihugu ciza Yehova agira abahe+. 18  “Kandi mutegerezwa gushira aya majambo yanje ku mutima wanyu+ no ku muzirikanyi* wanyu, mukayabohera ku kuboko kwanyu nk’ikimenyetso, kandi aze abe nk’agatengaruhanga hagati y’amaso yanyu+. 19  Mutegerezwa kandi kuyigisha abana banyu, ukavuga ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe n’igihe ugenda ku nzira n’igihe uryamye n’igihe uvyutse+. 20  Kandi utegerezwa kuyandika ku bishimaryango vy’inzu yawe no ku marembo yawe+, 21  kugira ngo imisi yanyu n’imisi y’abana banyu ibe myinshi+ ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu ko azobaha+, ibe nk’imisi y’amajuru hejuru y’isi+. 22  “Kuko nimwagumya ata gukevya iri bwirizwa ryose+ ndabategetse mukarishitsa, mugakunda Yehova Imana yanyu+, mukagendera mu nzira ziwe zose+ kandi mukumira kuri we+, 23  Yehova na we azokwirukana ayo mahanga yose ku bwanyu+, kandi ntimuzobura kwomora amahanga akomeye kubaruta kandi y’abantu benshi kubaruta+. 24  Ahantu hose ubworo bw’ikirenge canyu buzohonyora hazocika rwanyu+. Kuva ku gahinga gushika i Libani, kuva kuri rwa Ruzi, uruzi Efurate, gushika ku kiyaga co mu burengero, ni ho urubibe rwanyu ruzoshika+. 25  Nta muntu n’umwe azohagarara ashikamye imbere yanyu+. Yehova Imana yanyu azotuma igihugu cose muzohonyozako ikirenge kibagirira ubwoba, kibatinye+, nk’uko nyene yabasezeraniye. 26  “Raba, uno musi nshize imbere yanyu umuhezagiro n’umuvumo+: 27  uzoba umuhezagiro, nimwagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+ ndabategetse uno musi, 28  ube umuvumo+, nimutagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+, mugakevya mugata inzira ndabategetse uno musi, mukagendera inyuma y’izindi mana mutamenye. 29  “Kandi, Yehova Imana yawe niyakuzana mu gihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire+, utegerezwa rero kuvugira* uwo muhezagiro ku musozi Gerizimu+ n’uwo muvumo ku musozi Ebali+. 30  Mbega iyo misozi ntiri ku ruhande rwa Yorodani amaja mu burengerazuba, mu gihugu c’Abanyakanani baba muri Araba+, imbere ya Gilugali+, iruhande ya vya biti binini vya More+? 31  Kuko mugira mujabuke Yorodani ngo mwinjire maze mwigarurire igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, kandi mutegerezwa kucigarurira mukakibamwo+. 32  Kandi mutegerezwa kuba maso mugashitsa ingingo nyobozi zose n’ingingo z’ubutungane+ nshize imbere yanyu uno musi+.

Amakuru yiyongereye

Ni ukuvuga umuntu uko ari wese.
Ijambo ku rindi ni “gutangira.”