Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gusubira mu vyagezwe 10:1-22

10  “Ico gihe nyene Yehova ambwira ati: ‘Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, hanyuma uduge aho ndi ku musozi, kandi utegerezwa kwihingurira isandugu y’igiti+.  Nanje nzokwandika kuri nya bisate ya majambo yari kuri vya bisate vya mbere, bimwe wasavya, kandi utegerezwa kubishira muri nya sandugu.’  Nuko mpingura isandugu y’igiti c’umunyinya nongera mbaza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+ ndaheza nduga ku musozi, kandi nya bisate bibiri vyari mu kuboko kwanje.  Maze yandika kuri nya bisate inyandiko nk’imwe ya mbere+, ya Majambo Cumi+, ayo Yehova yari yababwiriye ku musozi hagati mu muriro+ kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+; inyuma y’ivyo Yehova arabimpa.  Maze ndahindukira, manuka mvuye ku musozi+ ndaheza nshira nya bisate muri ya sandugu nari nahinguye, kugira ngo bigumeyo, nk’uko Yehova yari yantegetse+.  “Hanyuma bene Isirayeli bafata inzira bava i Beyeroti Bene-yakani+ baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye, hanyuma aba ari ho ahambwa+; maze Eleyazari umuhungu wiwe atangura gukora bwa muherezi mu kibanza ciwe+.  Bava ng’aho bafata inzira baja i Gudigoda, hanyuma bava i Gudigoda baja i Yotibata+, igihugu c’imyonga itemba amazi.  “Ico gihe nyene Yehova ashira ku ruhande umuryango wa Lewi+ kugira urerure isandugu y’isezerano rya Yehova+, kugira uhagarare imbere ya Yehova ku bwo kumukorera+ no kugira ngo uhezagire mw’izina ryiwe gushika uyu musi+.  Ni co gituma Lewi ataronse umuturi n’intoranwa+ kumwe na bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe, nk’uko Yehova Imana yawe yari yaramubwiye+. 10  Nayo jewe, nagumye ku musozi nko muri ya misi ya mbere, ngumayo imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, hanyuma Yehova aranyumviriza n’ico gihe nyene+. Yehova ntiyashatse kubahonya+. 11  Maze Yehova ambwira ati: ‘Haguruka, genda imbere y’abantu bafate inzira, kugira binjire maze bigarurire igihugu narahiye ba sekuruza babo ko nzobaha+.’ 12  “Ubu none ga Isirayeli, hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba+ atari ugutinya+ Yehova Imana yawe, kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose+ no kugira ngo umukunde+, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+, 13  ngo ugumye amabwirizwa ya Yehova n’ivyagezwe vyiwe+ ndagutegetse uno musi, ku neza yawe+? 14  Itegereze: amajuru ni aya Yehova Imana yawe+, mbere amajuru y’amajuru, isi+ n’ibiri muri yo vyose. 15  Ba sogokuruza bawe ni bo gusa Yehova yifatanije na bo kugira abakunde, ku buryo yatoye uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+, egome, mwebwe, abakuye mu bisata vyose vy’abantu, nk’uko biri uyu musi. 16  Kandi mutegerezwa kugenyera imitima yanyu+ ntimwongere gukomantaza amazosi yanyu+. 17  Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana iruta izindi mana*+ n’Umukama w’abakama+, Imana ihambaye, y’inkomezi kandi iteye ubwoba+, itagira nkunzi ku muntu n’umwe+ canke ngo yemere igiturire+, 18  ishitsa urubanza ku bw’impfuvyi* n’umupfakazi+ kandi igakunda kavamahanga+ ku buryo imuha umukate n’umutamana. 19  Na mwebwe mutegerezwa gukunda kavamahanga+, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. 20  “Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+. Ni we ukwiye gukorera+, kandi ni we ukwiye kwumirako+, kandi mw’izina ryiwe ni ho ukwiye kurahira indahiro+. 21  Ni We ubwirizwa gushemeza+, kandi ni we Mana yawe yagukoreye vya bintu bikomeye kandi biteye ubwoba amaso yawe yiboneye+. 22  Ba sogokuruza bawe bamanutse mu Misiri bari kumwe n’abantu mirongo irindwi+, none ubu Yehova Imana yawe yakugize nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “Imana y’imana.”
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”