Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gucura intimba 5:1-22

5  Ewe Yehova, ibuka ivyadushikiye+. Itegereze ubone iceyi cacu+.   Intoranwa yacu yahawe ab’ahandi, amazu yacu ahabwa abanyamahanga+.   Dusigaye turi impfuvyi zitagira se+. Ba mama bameze nk’abapfakazi+.   Amazi yacu dusigaye tuyanywa ari uko dutanze amahera+. Inkwi zacu tuzironka ari uko turishe ikiguzi.   Baradukurikiranye bari hafi y’izosi ryacu+. Twarambiwe. Nta karuhuko badusigiye+.   Misiri+ twayayiye amaboko+; twayiye amaboko Ashuri+ kugira duhage umukate.   Ba sogokuruza bacu ni bo bacumuye+. Ntibakiriho. Ariko twebwe, twabwirijwe kwikorera amakosa yabo+.   Abasuku busuku ni bo batuganza+. Nta wudushikura mu kuboko kwabo+.   Tuzana umukate wacu duhatswe kuhasiga ubuzima+, kubera inkota yo mu gahinga. 10  Urukoba rwacu rusigaye ruturira nk’itanure, kubera imisonga y’inzara+. 11  Bacishije bugufi abagore muri Siyoni+, abigeme b’isugi mu bisagara vya Yuda. 12  Abaganwa ubwabo bamanikiwe ku kuboko kwabo+. Mu maso h’abatama ntihatewe iteka+. 13  Imisore yateruye urusyo rw’amaboko+, uduhungu twatsitaye turemerewe n’inkwi+. 14  Abatama ntibacicara kw’irembo+, imisore ntigicuraranga umuziki wayo w’ibicurarangisho+. 15  Umwigino w’umutima wacu waheze. Ugutamba kwacu kwahindutse ikigandaro+. 16  Urugori rwo ku mutwe wacu rwakorotse+. Turagowe rero, kuko twacumuye+! 17  Kubera ivyo, umutima wacu warwaye+. Kubera ivyo bintu, amaso yacu asigaye abona ivyijiji+, 18  Kubera umusozi wa Siyoni wacitse umusaka+; imbwebwe zisigaye zitembera kuri wo+. 19  Ariko wewe, ewe Yehova, uzovyagira igihe kitagira urugero+. Intebe yawe y’ubwami izokwamaho uko iyaruka rikurikira irindi+. 20  Kubera iki utwibagira ibihe bidahera+, ukaduheba imisi myinshi+? 21  Ewe Yehova, nutugarukane+ kuri wewe, natwe tuzogaruka n’umutima ukunze. Tuzanire imisi mishasha nka kera+. 22  Mugabo waradutaye vy’ukuri+. Waraturakiye birenze+.

Amakuru yiyongereye