Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gucura intimba 4:1-22

א [ʼAlefu] 4  Ewe kuntu ya nzahabu ikayangana ibaye iyifyirifyitiye, ya nzahabu nziza+!Ewe kuntu ya mabuye meranda+ yandagajwe mw’ihuriro ry’amabarabara yose+! ב [Beti]   Nayo abahungu b’agaciro ba Siyoni+, abari baringaniye n’inzahabu ityoroye,Ewe kuntu bafashwe nk’imibindi mininiminini y’imibumbano, igikorwa c’amaboko y’umubumvyi+! ג [Gimelu]   Mbere n’imbwebwe zahereje ivyana vyazo amabere. Zonkeje ivyana vyazo.Umukobwa w’abantu banje asigaye ari ruburakigongwe+, nk’ibinyoni vyitwa imbuni mu gahinga+. ד [Daleti]   Ururimi rw’umwana yonka rwamase ku magage yiwe kubera inyota+.Abana basavye umukate+. Nta n’umwe awubaha+. ה [Heʼ]   Abahora barya ibiryoshe bajorewe mu mabarabara+.Abahora barererwa mu mpuzu z’agahama+ babwirijwe kugumbira ibirundo vy’umunyota+. ו [Vau]   Igihano c’ikosa ry’umukobwa w’abantu banje kibaye kinini kuruta igihano c’igicumuro ca Sodomu+,Iyaranduwe mu kanya gato, ntihagire amaboko ahindukira kuyitabara+. ז [Zayini]   Abanaziri*+ biwe bari batyoroye kurusha shelegi*+; bari bera kuruta amata.Emwe, bari inzobe+ kurusha amabuye y’agaciro yitwa korali; bari basenye nka safiro+. ח [Heti]   Basigaye birabura kurusha ubwirabure ubwabwo. Nta wabamenye mu mabarabara+.Urukoba rwabo rwakabiraniye ku magufa yabo+. Rusigaye rwumye nk’igiti. ט [Teti]   Abagandaguwe n’inkota+ bobo vyopfuma kurusha abagandaguwe n’ikigoyi+,Kuko bano bagwabira, batobekeranijwe n’ukubura ivyimburwa vyo mu murima. י [Yodi] 10  Amaboko y’abagore b’abanyempuhwe yatetse abana babo+.Babereye abantu nk’umukate w’uruhoza mu gihe c’ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+. כ [Kafu] 11  Yehova yimaze ishavu+. Yasutse ubushangashirwe bwiwe bururumba+.Adomeka umuriro muri Siyoni, ukarigata imishinge yaho+. ל [Lamedi] 12  Abami bo mw’isi n’ababa ku butaka bwimbuka bose ntibemeye+Yuko umurwanizi n’umwansi bokwinjiye mu marembo ya Yeruzalemu+. מ [Memu] 13  Kubera ibicumuro vy’abahanuzi biwe, amakosa y’abaherezi biwe+,Hagati muri we hǎri abasesa amaraso y’abagororotsi+. נ [Nuni] 14  Bayerereye nk’impumyi+ mu mabarabara+. Biyandurishije amaraso+,Ku buryo ata n’umwe ashobora gukora ku mpuzu zabo+. ס [Sameki] 15  Basemereye bababwira ngo: “Nimwigireyo! Mwa bihumane mwe+! Nimwigireyo! Nimwigireyo! Ntimudukoreko+!”Kuko basigaye ari abantu batagira aho baba+. Kandi barayerereye irya n’ino+. Mu mahanga abantu bavuze ngo: “Ntibazosubira kubaho ari ba kavamahanga+. פ [Peʼ] 16  Mu maso ha Yehova harabashwiragije+. Ntazosubira kubaraba+.Ni ukuri abantu ntibazokwubaha abaherezi+. Emwe, ntibazogirira ubutoni abatama+.” ע [ʽAyini] 17  Mu gihe tukiriho, amaso yacu aguma agwabirira ubusa areretse imfashanyo tworonka+.Mu gihe twari tureretse, twareretse ihanga ridashobora kuzana ubukiriro+. צ [Tsade] 18  Bahize intambuko zacu+ bituma tutagendagenda mu bibanza vya bose vyacu.Iherezo ryacu riregereje. Imisi yacu yakwiye, kuko iherezo ryacu rishitse+. ק [Kofu] 19  Abadukurikirana banyarutse kurusha inkona zo mu kirere+.Badukurikiranye ku misozi barakaye+. Batubundiye+ mu gahinga. ר [Reshi] 20  Uwari impemu zo mu mazuru yacu+, uwo Yehova yarobanuje amavuta*+, yafatiwe mu cobo cabo kinini+,Uwo twavugako duti: “Tuzoba mu gitutu ciwe+ mu mahanga+.” ש [Sini] 21  Niwigine kandi unezerwe+, ewe mukobwa wa Edomu+, wewe uba mu gihugu ca Uzu+.Na wewe nyene igikombe kizogushikira+. Uzoborerwa, werekane ubwambure bwawe+. ת [Tau] 22  Ikosa ryawe, ewe mukobwa wa Siyoni, rirarangiye+. Ntazosubira kukujana mu bunyagano+.Yitayeho ivy’ikosa ryawe, ewe mukobwa wa Edomu. Yapfukuye ibicumuro vyawe+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
“Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.
Raba Inyongera ya 21.