Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gucura intimba 3:1-66

א [ʼAlefu] 3  Ndi umuntu w’umugabo yabonye amarushwa+ kubera ikibando c’uburake bwiwe.   Ni jewe yayoboye, ancisha mu mwiza, atari mu muco+.   Emwe, ni jewe aguma abangurira ukuboko bukarinda bwira+. ב [Beti]   Yatumye umubiri wanje n’urushato rwanje bishira+. Yavunaguye amagufa yanje+.   Yubatse irya n’ino yanje, kugira ankikuze+ igiterwa c’ubumara+ be n’amagume.   Yanyicaritse ahantu h’umwiza+ nk’abantu bapfuye kera+. ג [Gimelu]   Yanzibiye impande zose nk’aho akoresheje uruhome rw’amabuye, kugira sinsohoke+. Yatumye amapingu yanje y’umujumpu+ aremera.   Vyongeye, iyo ndamutakambiye, nkamutabaza, aratangira koko isengesho ryanje+.   Yazibije inzira zanje amabuye abajwe+. Yagoramitse amabarabara yanje+. ד [Daleti] 10  Amereye nk’idubu ibunze+, nk’intambwe iri mu bwihisho+. 11  Yadabanganije inzira zanje, kandi angira ahantu h’ikirare. Yampinduye umusaka+. 12  Yashinze ikirenge ku muheto wiwe+, aranshinga ngo mbe ico umwampi wiwe ugema+. ה [Heʼ] 13  Yanyinjije mu mafyigo abana b’umutana wiwe+. 14  Nahindutse agatwengo+ ku bantu bose bandwanya; ni jewe bavuga mu ruririmbo rwabo bukarinda bwira+. 15  Yampagije ibintu birura+. Yanyujuje ibamba+. ו [Vau] 16  Avunaguza amenyo yanje urucekeri+. Yatumye nituna mu minyota+. 17  Vyongeye, uranshibura bigatuma umutima wanje ubura amahoro. Naribagiye iciza ico ari co+. 18  Nguma mvuga nti: “Ubutore bwanje bwayogeye, be n’ivyo niteze biva kuri Yehova+.” ז [Zayini] 19  Ibuka amarushwa yanje n’ukuba ntagira aho mba+, wibuke ibamba n’igiterwa c’ubumara+. 20  Emwe, uzokwibuka, wuname unshikire+. 21  Ivyo ni vyo nzokwibutsa umutima wanje+. Ni co gituma nzoguma ndindiriye+. ח [Heti] 22  Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo+ vya Yehova ni vyo vyatumye tudaherengetera+, kuko imbabazi ziwe zitazogenda ziheze+. 23  Zama ari nshasha buri gitondo+. Ubwizigirwa bwawe ni bwinshi+. 24  Navuze nti: “Yehova ni we muturi wanje+, ni co gituma nzoguma ndamurindiriye+.” ט [Teti] 25  Yehova ni mwiza ku wumwizigira+, ku wuguma amurondera+. 26  Ni vyiza ko umuntu arindira+ ubukiriro bwa Yehova+, egome, akarindira acereje+. 27  Ni vyiza ko umuntu w’umugabo yikorera ingǒgo* mu buto bwiwe+. י [Yodi] 28  Niyicare ari wenyene kandi agume acereje+, kuko yamushizeko ikintu+. 29  Nashire umunwa mu mukungugu+. Kumbure hariho icizigiro+. 30  Nahe itama ryiwe uwumukubita+. Nahage iceyi+. כ [Kafu] 31  Kuko Yehova atazoshibura gushika igihe kitagira urugero*+. 32  Kuko naho yateje intuntu+, atazobura no kugira imbabazi, nk’uko ubwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buri+. 33  Kuko atateje amarushwa abana b’abantu abikuye ku mutima, eka kandi ntabatuntuza abikuye ku mutima+. ל [Lamedi] 34  Kujanjagurira munsi y’ibirenge+ imbohe zose zo kw’isi+, 35  Kugoreka urubanza rw’umuntu w’umugabo mu maso ya Musumbavyose+, 36  Kurenganya umuntu mu rubanza rwiwe, Yehova ntavyerekwa+. מ [Memu] 37  Ni nde none yavuze ngo ikintu kibe kandi Yehova ubwiwe atabitegetse+? 38  Mu kanwa ka Musumbavyose ntihavamwo ibibi n’ivyiza+. 39  Umuntu muzima ashobora ate kuja mu vyo kwidoga+, umuntu w’umugabo akidoga kubera igicumuro ciwe+? נ [Nuni] 40  Duserangure inzira zacu, tuzigendure+, maze tugaruke kuri Yehova+. 41  Umutima wacu tuwudugirize rimwe n’ibiganza vyacu ku Mana mu majuru+, tuvuge duti: 42  “Twebwe twaracumuye, twaragararije+. Wewe, ntiwatubabariye+. ס [Sameki] 43  Wazibije ishavu inzira ishika iwawe+, kandi uguma udukurikirana+. Warishe; ntiwagize impuhwe+. 44  Wazibije ibicu inzira ishika kuri wewe+, kugira ngo isengesho ntirirengane+. 45  Utugira imicafu n’umwanda hagati mu bisata vy’abantu+.” פ [Peʼ] 46  Abansi bacu bose baratwasamiye+. 47  Ubwoba n’icobo vyabaye ivyacu+, umusaka n’ugusenyuka+. 48  Ijisho ryanje riguma ritemba imigezi y’amazi kubera ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+. ע [ʽAyini] 49  Ijisho ryanje ryarindimutse kandi ntirizohagarika, ku buryo ata kuruhuka kuriho+, 50  Gushika Yehova aravye hasi ari mw’ijuru, akabona+. 51  Ijisho ryanje ryamereye nabi+, kubera abakobwa bose b’igisagara canje+. צ [Tsade] 52  Emwe, abansi banje bampize nka kurya bahiga inyoni+, kandi ata gituma+. 53  Banumirije ubuzima bwanje mu kinogo+, kandi baguma bantera amabuye. 54  Amazi yatembeye ku mutwe wanje+. Navuze nti: “Nzorandurwa ata kabuza+!” ק [Kofu] 55  Ewe Yehova, nasemereye izina ryawe ndi mu cobo co hasi cane+. 56  Ntuzobura kwumva ijwi ryanje+. Ntunyegeze ugutwi kwawe ugutaka kwanje nsaba ko nduhurirwa, ntukunyegeze ugutabaza kwanje+. 57  Waregereye ku musi naguma ndaguhamagara+. Wavuze uti: “Ntutinye+.” ר [Reshi] 58  Ewe Yehova, warifatiye mu minwe imburano zanje+. Waracunguye ubuzima bwanje+. 59  Ewe Yehova, warabonye inabi nagiriwe+. Enda nuhagarikire urubanza rwanje+. 60  Warabonye uguhōra kwabo kwose, ivyiyumviro vyabo vyose vyo kungirira nabi+. ש [Sini] canke [Shini] 61  Warumvise agacokoro kabo, ewe Yehova, ivyiyumviro vyabo vyose vyo kungirira nabi+, 62  Iminwa y’abankurira hasi+ be n’ubwongoshwe bwabo bwo kungirira nabi bukarinda bwira+. 63  Niwitegereze igihe bicaye n’igihe bahagurutse+. Ni jewe bavuga mu ruririmbo rwabo+. ת [Tau] 64  Uzobasubiriza mu nkoko, ewe Yehova, ibihwanye n’igikorwa c’amaboko yabo+. 65  Uzobaha ukutisonera kw’umutima+, ari wo muvumo ubavumye+. 66  Uzobakurikirana ushavuye, ubazimanganye+ munsi y’amajuru ya Yehova+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.