Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gucura intimba 2:1-22

א [Alefu] 2  Ewe kuntu Yehova mw’ishavu ryiwe atwikirije ibicu umukobwa wa Siyoni+!Yararirije kw’isi+ ubwiza bwa Isirayeli+ abukuye mw’ijuru.Ntiyibutse intebe y’ibirenge vyiwe+ ku musi w’ishavu ryiwe. ב [Beti]   Yehova yarokeje ahantu ho kuba+ ha Yakobo, nta na hamwe yagiriye impuhwe.Mu burake bwiwe yasambuye ibibanza bikingijwe ibihome+ vy’umukobwa wa Yuda.Yakojeje hasi ubwami+ n’abaganwa biwe+, yabihumanije+. ג [Gimelu]   Yakondoye ihembe ryose rya Isirayeli+ yarunguriye n’ishavu.Yasubije inyuma ukuryo kwiwe agukura imbere y’umwansi+;Kandi muri Yakobo aguma yaka nk’umuriro ururumba watongoye irya n’ino+. ד [Daleti]   Yashinze ikirenge ku muheto wiwe nk’umwansi+. Ukuryo kwiwe+ kwafashe ikibanzaNk’umurwanizi+, kandi yagumye yica abaryoheye ijisho bose+.Yasutse ubushangashirwe bwiwe mw’ihema+ ry’umukobwa wa Siyoni, nk’umuriro+. ה [Heʼ]   Yehova yabaye nk’umwansi+. Yamize miyonzwa Isirayeli+.Yamize miyonzwa iminara yo kubamwo yiwe yose+; yahoneje ibibanza vyiwe bikingijwe ibihome+.Kandi agwiza mu mukobwa wa Yuda ukugandara n’ugucura intimba+. ו [Vau]   Amerera nabi urusago rwiwe+ nk’aho rwoba ari urwo mu murima+. Yahoneje umusi mukuru+ wiwe.Yehova yatumye umusi mukuru n’isabato vyibagirana muri Siyoni,Mu misibo yiwe yuzuye ishavu, ntiyubaha umwami n’umuherezi+. ז [Zayini]   Yehova yashibuye igicaniro* ciwe+. Yiyamye aheranda hiwe+.Yatanze mu kuboko kw’umwansi impome z’iminara yiwe yo kubamwo+.Bumvikanishije ijwi ryabo mu nzu ya Yehova, nko ku musi mukuru+. ח [Heti]   Yehova yiyumviriye guhonya uruhome+ rw’umukobwa wa Siyoni.Yaramvuye ikamba yo gupimisha+. Ntiyasubije inyuma ukuboko kwiwe ngo areke kumira+.Atuma igikuta n’uruhome bigandara+. Vyayamiye rimwe. ט [Teti]   Amarembo yiwe+ yanyikiye mu kuzimu. Yaranduye yongera aravunagura ibihindizo vyiwe.Umwami wiwe n’abaganwa biwe bari mu mahanga+. Nta tegeko rihari+.Abahanuzi biwe na bo nyene nta yerekwa baronse rivuye kuri Yehova+. י [Yodi] 10  Abagabo b’inararibonye b’umukobwa wa Siyoni bicaye hasi, baguma bacereje+.Biyoreye umukungugu ku mutwe+. Bakenyeye amagunira*+. Abigeme b’isugi ba Yeruzalemu bunamitse umutwe gushika hasi+. כ [Kafu] 11  Amaso yanje yarangiriye mu mosozi+. Amara yanje ariko aradobangana+.Igitigu canje casutswe hasi+, kubera ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+,Kubera abana be n’abonka barabiye mu bibanza vya bose vyo mu gisagara+. ל [Lamedi] 12  Bagumye babwira ba nyina bati: “Intete n’umuvinyu biri hehe+?”Kuko bari baravye nk’uwiciwe mu bibanza vya bose vyo mu gisagara,Kuko ubuzima bwabo bwariko bucuranurirwa mu gikiriza ca ba nyina. מ [Memu] 13  Uzombera icabona mu biki? Nzokugereranya n’iki ga mukobwa wa Yeruzalemu+?Nzokunganisha n’iki, kugira ndaguhoze, ga wa mukobwa w’isugi wa Siyoni+?Kuko ugusenyuka kwawe+ ari kunini nk’ikiyaga. Ni nde yogukiza+? נ [Nuni] 14  Abahanuzi bawe bwite beretswe ku bijanye nawe ibintu bitagira akamaro kandi bitamara ipfa+,Ntibashize ahabona ikosa ryawe kugira bakubuze kuja kugirwa imbohe+,Mugabo bagumye berekwa ku bijanye nawe amajambo atagira akamaro kandi azimiza+. ס [Sameki] 15  Abahita ku nzira bose bakubise amashi ku yandi baguhema+.Bavugije agahwa+ kandi baguma bazungiriza umutwe+ umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati:“Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: ‘Ni ubwiza butagira akanenge, umwigino w’isi yose+’?” פ [Peʼ] 16  Abansi bawe bose bakwasamiye+.Bavugije agahwa, baguma bahekenya amenyo+. Bavuze ngo: “Tuzomumira miyonzwa+.Ni ukuri uwu ni wo musi twari twiteze+. Turawuronse! Turawubonye+!” ע [ʽAyini] 17  Yehova yakoze ivyo yari yiyumviriye+. Yashikije ivyo yavuze+,Ivyo yari yarategetse kuva mu misi ya kera+. Yasambuye, ntiyagira impuhwe+.Kandi atuma umwansi anezerwa ku bikwerekeye+. Yashize hejuru ihembe ry’abarwanizi bawe+. צ [Tsade] 18  Umutima wabo watakambiye Yehova+, ewe ruhome rw’umukobwa wa Siyoni+!Reka amosozi atembe nk’uruzi rw’isumo umurango n’ijoro+.Ntutimbe. Imbone y’ijisho ryawe ntireke kurira. ק [Kofu] 19  Haguruka! Anīra mw’ijoro, mu ntango y’amaterama+ yo mu gatondo.Suka umutima wawe+ nk’amazi imbere y’amaso+ ya Yehova.Duza ibiganza+ uvyerekeza kuri we kubera ubuzima bw’abana bawe,Bariko barabikwa n’ikigoyi mw’ihuriro ry’amabarabara yose+. ר [Reshi] 20  Ewe Yehova, raba, witegereze+ uwo wamereye nabi gutya.Mbega abagore babandanye kurya icamwa cabo, abana bavukanye amagara meza+,Canke umuherezi n’umuhanuzi bicirwe aheranda ha Yehova+? ש [Sini] 21  Agahungu n’umutama+ baryamye hasi kw’ivu ryo mu mabarabara+.Abigeme banje b’isugi n’imisore yanje bagwishijwe n’inkota+.Wabishe ku musi w’ishavu ryawe+. Warabakereye+; ntiwagize impuhwe+. ת [Tau] 22  Watanguye guhamagaza nko ku musi mukuru+ abantu bo mu bibanza biri irya n’ino, aho baba ari ba kavamahanga.Kandi ku musi w’uburake bwa Yehova nta wacitse kw’icumu canke uwarokotse+;Abo navyaye bafise amagara meza kandi nkabarera, umwansi wanje yabatikije+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.