Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Gucura intimba 1:1-22

א [Alefu] 1  Ewe kuntu yicaye ari inyakamwe+, umwe yari igisagara kigwiriyemwo abantu+! Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi+, umwe yahoramwo abanyagihugu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+! Ewe kuntu uwari umuganwakazi mu ntara z’ubutware asigaye ari uwo gukora ibikorwa vy’agahato+!              ב [Beti]   Ararira cane mw’ijoro+, kandi amosozi yiwe ari ku matama yiwe+. Ntagira uwumuhoza mu bakunzi biwe bose+. Abagenzi biwe bose baramuhemukiye+. Basigaye ari abansi kuri we+. ג [Gimelu]   Yuda yagiye mu bunyagano kubera amarushwa+ no kubera ubushumba bukomeye+. Yabwirijwe kuba mu mahanga+. Nta hantu ho kuruhukira yaronse. Abahora bamuhama bose bamuhambirije mu marushwa+. ד [Daleti]   Inzira za Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+. Amarembo yiwe yose bayagize umusaka+; abaherezi biwe baraniha+. Abigeme biwe b’isugi bishwe n’intuntu, na we ubwiwe afise umururazi+. ה [Heʼ]   Abarwanizi biwe basigaye bari hejuru yiwe+. Abasanzwe ari abansi biwe nta co banezwe+. Kuko Yehova ubwiwe yamuteje intuntu kubera ubwinshi bw’ibigabitanyo vyiwe+, Abana biwe bagiye ari imbohe imbere y’umurwanizi+. ו [Vau]   Ubwiza bw’umukobwa wa Siyoni bwose buramuvuyeko+. Abaganwa biwe babaye nk’amafumbēri yabuze ubwatsi bwo kurisha+; Baguma bagenda batagira inguvu imbere y’uwubakurikirana+. ז [Zayini]   Yeruzalemu, mu misi y’amarushwa yiwe n’iy’abantu biwe batagira aho baba, yibutse Ibintu bihimbaye vyiwe vyose vyariho kuva mu misi ya kera+. Igihe abantu biwe bagwa mu kuboko kw’umurwanizi, na we akabura uwumutabara+, Abarwanizi baramubonye. Baratwenze ugusenyuka kwiwe+. ח [Heti]   Yeruzalemu yakoze igicumuro ceruye+. Ni co gituma yabaye ikintu co kuzinukwa+. Abahora bamutera iteka bose basigaye bamukengera+, kuko babonye ubwambure bwiwe+. We ubwiwe araniha+, agahindukiza umugongo. ט [Teti]   Ubuhumane bwiwe buri mu mpuzu* ziwe+. Ntiyibutse kazoza kiwe+, Kandi amanuka mu buryo bw’akajoreza. Ntagira uwumuhoza+. Ewe Yehova, raba amarushwa yanje+, kuko umwansi yihambaje+. י [Yodi] 10  Umurwanizi yaramvuriye ukuboko ibintu bihimbaye vyiwe vyose+. Kuko yabonye amahanga yinjiye aheranda hiwe+, Ayo wategetse ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe. כ [Kafu] 11  Abantu biwe bose baraniha; barondera umukate+. Batanze ibintu vyabo bihimbaye kugira baronke utwo kurya, ngo bahembure umutima+. Ewe Yehova, raba, witegereze, kuko nsigaye ndi nk’umugore ata co amaze+. ל [Lamedi] 12  Mbe nta co bibabwiye mwebwe mwese abariko barahita ku nzira? Nimwitegereze, murabe+. Mbega hari umubabaro uriho umeze nk’umubabaro wanje natejwe+, Uwo Yehova yaduteresheje intuntu ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba+? מ [Memu] 13  Yarungitse ari hejuru umuriro mu magufa yanje+, kandi anesha rimwerimwe ryose. Yateze ibirenge vyanje urusenga+. Yansubije inyuma. Yampinduye umugore yagizwe umusaka. Umusi wose nirirwa ndwaye+. נ [Nuni] 14  Yagumye arikanuye kugira ngo abone ibigabitanyo vyanje+. Mu kuboko kwiwe birasobekerana. Vyaduze kw’izosi ryanje+. Inkomezi zanje zatsitaye. Yehova yantanze mu kuboko kw’abo ntashobora guhagurukira ngo ndabarwanye+. ס [Sameki] 15  Abanyenkomezi banje bose Yehova yabashibuye abakuye hagati muri jewe+. Yampamagariye ikoraniro, kugira risavye imisore yanje+. Yehova yaganishije ibirenge mu ruganiro rw’umuvinyu+ rw’umukobwa w’isugi wa Yuda+. ע [ʽAyini] 16  Jewe umugore, ivyo bintu ni vyo biriko bindiza+. Ijisho ryanje, ijisho ryanje ririko ritemba amazi+. Kuko umuhoza yabaye kure yanje, uwohembura umutima wanje. Abana banje bagizwe umusaka+, kuko umwansi yihambaje+. פ [Peʼ] 17  Siyoni yashanje amaboko+. Ntagira uwumuhoza+. Ku bijanye na Yakobo, Yehova yategetse abamukikije bose ngo babe abarwanizi biwe+. Yeruzalemu isigaye ari ikintu co kuzinukwa hagati muri bo+. צ [Tsade] 18  Yehova aragororotse+, kuko nagararije akanwa kiwe+. Nimwumvirize rero, yemwe bisata vy’abantu mwese, murabe umubabaro wanje. Abigeme banje b’isugi n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+. ק [Kofu] 19  Nahamagaye abahora bankunda rwinshi+. Barampenze. Abaherezi banje n’abatama banje bacikaniye+ mu gisagara, Mu gihe bariko barondera utwo kurya kugira ngo bahembure umutima+. ר [Reshi] 20  Ewe Yehova, raba, kuko ngeze habi. Amara yanje ariko aradobangana+. Umutima wanje wacurangukiye muri jewe+, kuko nagararije koko+. Hanze inkota yarahekuye+. Mu nzu na ho nyene ni urupfu+. ש [Shini] 21  Abantu bumvise ingene jewe umugore niha+. Nta wumpoza ariho+. Abansi banje bose barumvise ivyago vyanje+. Bariginye, kuko ari wewe wabigize+. Emwe, uzozana umusi watangaje+, kugira bamere nkanje+. ת [Tau] 22  Ububi bwabo bwose nibuze imbere yawe, ubamerere nabi+, Nk’uko wamereye nabi kubera ibigabitanyo vyanje vyose+. Kuko iminiho yanje ari myinshi+, n’umutima wanje ukaba urwaye+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “ibice vyo hepfo vy’impuzu.”