Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezira 7:1-28

7  Inyuma y’ivyo bintu, ku ngoma ya Aritazeruzi+ umwami w’Ubuperesi, Ezira+ mwene Seraya+, Seraya mwene Azariya, Azariya mwene Hilikiya+,  Hilikiya mwene Shalumu+, Shalumu mwene Zadoki, Zadoki mwene Ahitubu+,  Ahitubu mwene Amariya+, Amariya mwene Azariya+, Azariya mwene Merayoti+,  Merayoti mwene Zerahiya+, Zerahiya mwene Uzi+, Uzi mwene Buki+,  Buki mwene Abishuwa+, Abishuwa mwene Finehasi+, Finehasi mwene Eleyazari+, Eleyazari mwene Aroni+ umukuru w’abaherezi+  uwo Ezira araduga avuye i Babiloni; yari umwimuzi w’umuhanga+ mu bijanye n’itegeko rya Musa+, iryo Yehova Imana ya Isirayeli yari yaratanze, ku buryo umwami amuha ivyo yasavye vyose akurikije ukuboko kwa Yehova Imana yiwe kwari kuri we+.  Nuko bamwe muri bene Isirayeli no mu baherezi+, n’Abalewi+, n’abaririmvyi+, n’abarinzi b’amarembo+, n’Abanetinimu+, baduga i Yeruzalemu mu mwaka ugira indwi wa Aritazeruzi+ umwami.  Amaherezo ashika i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatanu, ni ukuvuga mu mwaka ugira indwi w’umwami.  Kuko ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, we ubwiwe yashinze ivyo kuduga avuye i Babiloni, maze ashika i Yeruzalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu, akurikije ukuboko kwiza kw’Imana kwari kuri we+. 10  Kuko Ezira yari yarateguriye+ umutima wiwe gusuzuma itegeko rya Yehova+, kurikurikiza+ no kwigisha+ muri Isirayeli ingingo nyobozi+ be n’ubutungane+. 11  Ng’iyi ikopi y’ikete Umwami Aritazeruzi yahaye Ezira umuherezi, wa mwimuzi+, umwimuzi w’amajambo yo mu mabwirizwa ya Yehova akaba n’umwimuzi w’ingingo nyobozi ziwe zashiriweho Isirayeli: 12  “Aritazeruzi+, umwami w’abami+, kuri Ezira umuherezi, umwimuzi w’itegeko ry’Imana y’amajuru+: Gira amahoro y’umusesekara+! Ubu rero 13  ntanze itegeko+: mu karere ntwara+, umuntu wese wo mu bantu ba Isirayeli n’abaherezi babo n’Abalewi babo agomba kujana nawe i Yeruzalemu, nagende+. 14  Kubera ko itegeko ryarungitswe rivuye imbere y’umwami n’abajanama biwe indwi+ kugira ngo hagirwe itohoza+ ku vyerekeye Yuda na Yeruzalemu mu buryo buhuye n’itegeko+ ry’Imana yawe+ riri mu kuboko kwawe, 15  no kugira ngo hajanwe ifeza n’inzahabu umwami n’abajanama biwe bahaye babikunze+ Imana ya Isirayeli iba i Yeruzalemu+, 16  be n’ifeza zose n’inzahabu uzosanga mu ntara y’ubutware yose ya Babiloni hamwe n’ingabirano y’abantu+ n’iy’abaherezi batanga babikunze ku bw’inzu y’Imana yabo+ iri i Yeruzalemu; 17  ayo mahera rero uzoce buno nyene uyagura amashūri+, impfizi z’intama+, imyagazi y’intama+ n’amashikanwa yayo y’intete+ n’amashikanwa yayo y’ikinyobwa+ uheze ubishikane ku gicaniro c’inzu y’Imana yanyu+ iri i Yeruzalemu+. 18  “Kandi ifeza n’inzahabu bisigaye+, wewe na bene wanyu muze mubikoreshe ico muzobona ko kibereye+, mukurikije ivyo Imana yanyu igomba+. 19  Ivyombo+ uhawe ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana yawe uze ubishikane vyose imbere y’Imana i Yeruzalemu+. 20  Ibisigaye mu bintu vya nkenerwa vy’inzu y’Imana yawe ubwirizwa gutanga, uze ubitange ubikuye mu nzu y’amatunga y’umwami+. 21  “Nanje ubwanje, jewe Aritazeruzi umwami, mpaye itegeko+ abanyabigega+ bose bari hakurya ya rwa Ruzi+, yuko ikintu cose Ezira+ umuherezi, wa mwimuzi w’itegeko ry’Imana y’amajuru, azobasaba kizokorwa bidatevye, 22  ahabwe no gushika kw’italanto ijana+ z’ifeza n’ingero ijana za koro*+ z’ingano n’ingero ijana za bati*+ z’umuvinyu+ n’ingero ijana za bati z’amavuta+, n’umunyu+ utagira urugero. 23  Ikintu cose gitegetswe+ n’Imana y’amajuru kize gikoranwe umwete+ ku bw’inzu y’Imana y’amajuru+, kugira ngo akarere umwami atwara n’abahungu biwe ntibirakirwe+. 24  Namwe mumenyeshejwe yuko uwo ari we wese mu baherezi+ n’Abalewi+, abacuraranzi+, abarinzi b’imiryango+, Abanetinimu+, n’abakozi b’iyi nzu y’Imana, bitemewe kumutangisha ikori canke ikibuguro+ canke itagisi ry’inzira+. 25  “Nawe Ezira, wisunze ubukerebutsi+ bw’Imana yawe buri mu kuboko kwawe, nugene ibisongerezi vy’abacamanza n’abacamanza kugira ngo bagume bacira imanza+ abantu bose bari hakurya ya rwa Ruzi, egome, abazi amategeko y’Imana yawe bose; kandi uwutayazi wese muze muyamwigishe+. 26  Nayo umuntu wese atazokurikiza itegeko ry’Imana yawe+ n’itegeko ry’umwami, aze ashitsweko urubanza bidatevye, rwaba urwo gupfa+ canke urwo kwomorwa+, canke urwo gutanga amande y’amahera+ canke urwo gufungwa.” 27  Hahezagirwe Yehova Imana ya ba sogokuruza bacu+, we yashize ikintu nk’ico mu mutima+ w’umwami, kugira ngo asharize+ inzu ya Yehova iri i Yeruzalemu! 28  Kandi yarangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+ imbere y’umwami n’abajanama+ biwe no ku baganwa bakomeye b’umwami bose. Nanje narikomeje nk’uko ukuboko+ kwa Yehova Imana yanje kwari kuri jewe, maze ntangura kwegeranya muri Isirayeli abakuru kugira badugane nanje.

Amakuru yiyongereye

Koro imwe yangana n’amalitiro 220.
Bati imwe yangana n’amalitiro 22.