Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezira 6:1-22

6  Ico gihe ni ho Dariyo umwami yatanga itegeko, maze bagira itohoza mu nzu y’inyandiko z’ivyabaye+ yabikwamwo ibintu vy’agaciro ng’aho i Babiloni.  Nuko i Ekibatana, mu kibanza gikingijwe ibihome cari mu ntara y’ubutware y’Ubumedi+, huburwa umuzingo, ukaba wari wanditswemwo ubutumwa bugira buti:  “Mu mwaka wa mbere wa Kuro umwami+, Kuro umwami yaratanze itegeko ryerekeye inzu y’Imana i Yeruzalemu: Iyo nzu nisubire kwubakwa ibe ahantu bashikanira ibimazi+, kandi imishinge yayo ishimangirwe; amahagarara yayo azobe amatambwe* mirongo itandatu, ubwaguke bwayo na bwo bube amatambwe mirongo itandatu+,  igire imirongo itatu y’amabuye atembagazwa*+ gushika mu kibanza cayo, n’umurongo umwe w’ibiti+; amahera azokoreshwa kuri yo aze ave ku nzu y’umwami+.  Vyongeye, ivyombo vy’inzahabu n’ifeza+ vy’inzu y’Imana Nebukadinezari+ yakuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu akabizana i Babiloni nibisubizwe, kugira ngo bijanwe ku rusengero ruri i Yeruzalemu, mu kibanza cavyo, bishirwe mu nzu y’Imana+.  “Nuko rero Tatenayi+ buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi+, na Shetari-bozenayi+ na bagenzi banyu, ba buramatari+ batobato bari hakurya ya rwa Ruzi, ntimwegere aho hantu+.  Nimureke igikorwa co kuri iyo nzu y’Imana+. Buramatari w’Abayuda n’abagabo b’inararibonye b’Abayuda bazosubira kwubaka iyo nzu y’Imana mu kibanza cayo.  Kandi ntanze itegeko+ ku vyo muzokorera abo bagabo b’inararibonye b’Abayuda, kugira ngo iyo nzu y’Imana isubire kwubakwa; abo bagabo bazoze barahabwa+ bidatevye amahera yo gukoresha avuye mu kigega c’umwami+ c’ikori ritozwa hakurya ya rwa Ruzi, bayahabwe ubudasiba+.  Kandi ibikenewe, ni ukuvuga ibimasa+ n’impfizi z’intama+ n’imyagazi y’intama+ bigenewe amashikanwa aturirwa ahabwa Imana yo mw’ijuru, ingano+, umunyu+, umuvinyu+ n’amavuta+, nk’uko abaherezi bari i Yeruzalemu bazovuga, ntibaze babure kwama babihabwa ku musi ku musi; 10  kugira ngo bame+ bashikiriza Imana y’amajuru amashikanwa aruhura+ bongera basengera ubuzima bw’umwami n’ubw’abahungu biwe+. 11  Ntanze itegeko yuko umuntu wese azorenga+ iyi ngingo ishinzwe, bazorandura igiti+ mu nzu yiwe maze amanikwe+ kuri co, kandi inzu yiwe izohindurwa akazu ka surwumwe ka bose ku bw’ivyo+. 12  Imana yatumye izina ryayo+ riba ng’aho, iragatembagaza umwami wese n’igisata cose bizobangura ukuboko ngo birenge iri tegeko bigasambura+ iyo nzu y’Imana iri i Yeruzalemu. Jewe Dariyo ntanze itegeko. Nirikurikizwe bidatevye.” 13  Maze Tatenayi buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi+, na Shetari-bozenayi+ na bagenzi babo, bakora bidatevye nk’uko Dariyo umwami yari yategetse. 14  Abagabo b’inararibonye+ b’Abayuda baguma bubaka+ bongera batera imbere kubera amajambo y’ubuhanuzi ya Hagayi+ umuhanuzi na Zekariya+ umwuzukuru wa Ido+, barayubaka barayirangiza bivuye kw’itegeko ry’Imana ya Isirayeli+ no kw’itegeko rya Kuro+ na Dariyo+ na Aritazeruzi+ umwami w’Ubuperesi. 15  Barangiza iyo nzu ku musi ugira gatatu w’ukwezi* kwa Adari+, ni ukuvuga mu mwaka ugira gatandatu w’ingoma ya Dariyo umwami. 16  Nuko bene Isirayeli, abaherezi n’Abalewi+ n’abasigaye mu bahora ari inyagano+, bahimbaza ibirori vyo kwinjira+ iyo nzu y’Imana bafise akanyamuneza. 17  Maze ku bw’ukwinjira iyo nzu y’Imana, bashikana amashūri ijana, impfizi z’intama amajana abiri, imyagazi y’intama amajana ane, hanyuma bwa shikanwa ry’igicumuro rya Isirayeli yose bashikana amasuguru y’impene cumi n’abiri, bakurikije igitigiri c’imiryango ya Isirayeli+. 18  Bashira abaherezi mu migwi yabo n’Abalewi mu mice yabo+, ngo bakore igikorwa c’Imana kiri i Yeruzalemu, hakurikijwe itegeko ryo mu gitabu ca Musa+. 19  Maze abahora ari inyagano batangura guhimbaza pasika*+ ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa mbere+. 20  Kubera ko abaherezi n’Abalewi bari bihumanuye+ uko ari umugwi, bose bari abadahumanye; nuko bakerera imbagwa ya pasika+ ku bw’abahora ari inyagano bose no ku bwa bene wabo abaherezi no ku bwabo. 21  Hanyuma bene Isirayeli bari baragarutse bavuye mu Bunyagano bararya+, n’umuntu wese yari yaritandukanije n’ubuhumane+ bw’amahanga y’ico gihugu akabiyungako, kugira arondere Yehova Imana ya Isirayeli+. 22  Maze bahimbaza umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+ mu kiringo c’imisi indwi banezerewe; kuko Yehova yari yatumye banezerwa, kandi yari yarahindukirije+ kuri bo umutima w’umwami wa Ashuri kugira akomeze amaboko yabo mu gikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri, Imana ya Isirayeli.

Amakuru yiyongereye

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Ni ukuvuga, amabuye aremereye cane ku buryo ata woshobora kuyatwara.
Ukwo kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
Raba Inyongera ya 21.