Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezira 5:1-17

5  Nuko Hagayi+ umuhanuzi na Zekariya+ umwuzukuru wa Ido+ umuhanuzi bavuga ubuhanuzi mw’izina+ ry’Imana ya Isirayeli yari hejuru yabo+, babwira Abayuda bari muri Yuda n’i Yeruzalemu.  Ico gihe ni ho Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki bahaguruka bagatangura gusubira kwubaka inzu y’Imana yari i Yeruzalemu; bari kumwe n’abahanuzi b’Imana+ babafasha.  Ico gihe Tatenayi+ buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi+ na Shetari-bozenayi na bagenzi babo baza kuri bo, bababwira bati: “Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyo nzu no kurangiza ico kintu cubakishijwe ibigiga+?”  Maze bababwira bati: “Amazina y’abagabo bariko bubaka iyi nyubakwa ni ayahe?”  Kandi ijisho+ ry’Imana yabo ryari ku+ bagabo b’inararibonye b’Abayuda, ntibabahagarika gushika bimenyeshejwe Dariyo maze urwandiko rwemewe rujanye n’ico kintu rukagaruka.  Ng’iyi ikopi+ y’ikete Tatenayi buramatari+ wo hakurya ya rwa Ruzi+ na Shetari-bozenayi+ na bagenziwe+, ba buramatari batobato bari hakurya ya rwa Ruzi, barungikiye Dariyo umwami;  bamurungikira ubutumwa, muri bwo hakaba hari handitswe ngo: “Kuri Dariyo umwami: “Gira amahoro+!  Umwami namenye yuko twagiye mu ntara y’ubutware+ ya Yuda, ku nzu ya ya Mana ihambaye+; iriko yubakishwa amabuye atembagazwa* gushika mu kibanza cayo, kandi n’ibiti biriko birashirwa mu mpome; ico gikorwa bariko baragikora babishashaye kandi kiriko kiratera imbere mu maboko yabo.  Twarabajije rero abo bagabo b’inararibonye. Ibi ni vyo twababwiye: ‘Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyo nzu no kurangiza ico kintu cubakishijwe ibigiga+?’ 10  Vyongeye, twarababajije amazina yabo ngo tuyakumenyeshe, kugira ngo twandike amazina y’abagabo babarongōye+. 11  “Ibi rero ni vyo batwishuye: ‘Turi abasavyi b’Imana y’amajuru n’isi+, kandi turiko dusubira kwubaka inzu yari yarubatswe kera, ubu hakaba haciye imyaka myinshi, iyo umwami ahambaye wa Isirayeli yubatse akayirangiza+. 12  Ariko kubera yuko ba data bateye ishavu+ Imana y’amajuru, yarabatanze+ mu kuboko kwa Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni Umukaludaya+, maze uno abomora iyi nzu+ yongera atwara abantu mu bunyagano i Babiloni+. 13  Yamara rero, mu mwaka wa mbere wa Kuro+ umwami wa Babiloni, Kuro umwami yaratanze itegeko ryo gusubira kwubaka iyi nzu y’Imana+. 14  Vyongeye, ivyombo vy’inzahabu n’ifeza+ vyo mu nzu y’Imana Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero+ rwari i Yeruzalemu akabijana mu rusengero rw’i Babiloni, ivyo vyombo Kuro umwami+ yarabisohoye mu rusengero rw’i Babiloni, maze bihabwa Sheshibazari+, rino rikaba ari izina ry’uwo yagize buramatari+. 15  Hanyuma amubwira ati: “Tora ibi vyombo+. Genda ubishire mu rusengero ruri i Yeruzalemu, kandi inzu y’Imana isubire kwubakwa mu kibanza cayo+.” 16  Igihe uwo Sheshibazari yaza, yarashinze imishinge y’inzu y’Imana+ yari i Yeruzalemu; kuva ico gihe gushika ubu, iriko isubira kwubakwa, mugabo ntirarangira+.’ 17  “Nuko rero, nimba umwami abona ko ari vyiza, nihagirwe itohoza+ mu nzu y’amatunga y’umwami iri ng’aho i Babiloni, barabe ko vyoba ari ivy’ukuri yuko hari itegeko+ ryatanzwe na Kuro umwami ryo gusubira kwubaka iyo nzu y’Imana i Yeruzalemu; maze ingingo y’umwami ijanye n’ico kintu ayiturungikire.”

Amakuru yiyongereye

Ni ukuvuga, amabuye aremereye cane ku buryo ata woshobora kuyatwara.