Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezira 4:1-24

4  Abarwanizi+ ba Yuda na Benyamini bumvise ko abavuye mu Bunyagano+ bariko bubakira urusengero Yehova Imana ya Isirayeli,  baca begera Zerubabeli+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru, bababwira bati: “Dufadikanye namwe kwubaka+; kuko turondera Imana yanyu+ cokimwe namwe, kandi turayishikanira ibimazi kuva mu misi ya Esari-hadoni+ umwami wa Ashuri, uwatuzanye ng’aha+.”  Ariko Zerubabeli na Yeshuwa+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru ba Isirayeli basigaye bababwira bati: “Nta co muhuriyeko natwe ku bijanye no kwubakira inzu Imana yacu+, kuko twebwe ubwacu tuzokwubakira Yehova Imana ya Isirayeli turi hamwe, nk’uko nyene Umwami Kuro+ umwami w’Ubuperesi yadutegetse.”  Nuko abanyagihugu baguma badendebura+ amaboko y’abantu bo muri Yuda, babavuna umutima ngo ntibubake+,  bongera bahera+ abajanama ngo bahindure ubusa impanuro yabo imisi yose ya Kuro umwami w’Ubuperesi gushika ku ngoma ya Dariyo+ umwami w’Ubuperesi.  Ku ngoma ya Ahasuwerusi, mu ntango y’ingoma yiwe, bandika ikirego+ co kurega ababa muri Yuda n’i Yeruzalemu.  Mu misi ya Aritazeruzi na ho nyene, Bishilamu, Mitiredati, Tabeyeli na bagenziwe basigaye bandikira Aritazeruzi umwami w’Ubuperesi; igisomwa c’iryo kete cari canditse mu ndome z’igiharameya kandi gihinduwe mu rurimi rw’igiharameya+.  Rehumu umukuru w’abakozi b’intwaro na Shimushayi umwanditsi bandikira Aritazeruzi umwami ikete ryo kurega Yeruzalemu rigira riti:  Maze Rehumu+ umukuru w’abakozi b’intwaro na Shimushayi umwanditsi na bagenzi babo basigaye, abacamanza na ba buramatari batobato bo hakurya ya rwa Ruzi+, abanyamabanga+, abantu b’i Ereki+, Abanyababiloni+, ababa i Susa+, ari bo Belamu+, 10  n’amahanga asigaye+, ayo wa muntu akomeye kandi ahambaye Asenapari+ yatwaye mu bunyagano maze akabashira mu bisagara vya Samariya+, n’abasigaye bo hakurya ya rwa Ruzi, . . .; nuko rero 11  ng’iyi ikopi y’ikete barungitse ku bijanye n’ico kintu: “Kuri Aritazeruzi umwami+, ni twebwe abasuku bawe, abagabo bo hakurya ya rwa Ruzi: Nuko rero 12  umwami namenye yuko ba Bayuda baduga ino aho turi bavuye iwawe bashitse i Yeruzalemu. Bariko bubaka ca gisagara c’ikigarariji kandi kibi; bagira barangize kwubaka impome+ no gusanasana imishinge. 13  Umwami namenye rero yuko iki gisagara nicasubira kwubakwa kandi impome zaco zikarangira, ata kori+ canke ikibuguro+ canke itagisi ry’inzira bazotanga, kandi ivyo bizotera uruhombo ibigega+ vy’abami. 14  Nuko rero, kubera ko turya umunyu wo ku kirimba, kandi bikaba bitabereye ko tubona ingene bakoba umwami, ni co gituma turungitse ubutumwa tukabimenyesha umwami, 15  kugira ngo hagirwe itohoza mu gitabu c’inyandiko z’ivyabaye+ ca ba sokuruza bawe. Maze muri ico gitabu c’inyandiko z’ivyabaye uzobona wongere umenye yuko ico gisagara ari igisagara c’ikigarariji kandi gitera uruhombo abami n’intara z’ubutware, be n’uko camye kirimwo abatera umugumuko kuva mu misi ya kera. Ni co catumye ico gisagara kigirwa igiharabuga+. 16  Turamenyesheje umwami yuko ico gisagara nicasubira kwubakwa kandi impome zaco zikarangira, ata muturi rero uzoba koko ukironka hakurya ya rwa Ruzi+.” 17  Umwami arungikira inyishu Rehumu+ umukuru w’abakozi b’intwaro, na Shimushayi umwanditsi, na bagenzi babo basigaye+ baba i Samariya, n’abasigaye bo hakurya ya rwa Ruzi, ati: “Ndabaramukije+! Nuko rero 18  urwandiko rwemewe mwaturungikiye rwarasomewe imbere yanje mu buryo butomoye. 19  Nanje rero naratanze itegeko, baratohoza+ maze basanga kuva mu misi ya kera ico gisagara camye ari igisagara kigarariza abami kikaba n’igisagara camye kiberamwo ubugarariji n’umugumuko+. 20  Harabayeho abami bakomeye+ baganza Yeruzalemu bagatwara n’intara yose yo hakurya ya rwa Ruzi+; barahabwa ikori n’ikibuguro n’itagisi ry’inzira+. 21  Ubu rero, nimutange itegeko abo bagabo bahagarike igikorwa, kugira ngo ico gisagara ntigisubire kwubakwa gushika ntanze itegeko. 22  Mugabe rero ntihagire urwangara ruba mu bijanye no kugira ico mukoze muri ivyo, kugira ngo inabi ntiyongerekane ngo abami bahahombere+.” 23  Nuko nya kopi y’urwandiko rwemewe rwa Aritazeruzi umwami imaze gusomerwa imbere ya Rehumu+ na Shimushayi+ umwanditsi na bagenzi babo+, baca bagenda ningoga i Yeruzalemu ku Bayuda, maze bababuza kubandanya igikorwa bakoresheje inguvu z’ibirwanisho+. 24  Ico gihe ni ho igikorwa c’inzu y’Imana yari i Yeruzalemu cahagarara; kiguma gihagaze gushika mu mwaka ugira kabiri w’ingoma ya Dariyo+ umwami w’Ubuperesi.

Amakuru yiyongereye