Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezira 10:1-44

10  Nuko Ezira akimara gusenga+ no kwatura+ ivyo bicumuro arira, kandi yubaraye hasi+ imbere y’inzu+ y’Imana y’ukuri, abo muri Isirayeli bakoranira kuri we, ishengero rinini cane, abagabo n’abagore n’abana, kuko abantu bari barize cane.  Maze Shekaniya mwene Yehiyele+ wo muri bene Elamu+ arishura, abwira Ezira ati: “Twebwe twarahemutse ku Mana yacu twabira abagore b’abanyamahangakazi bo mu bantu b’iki gihugu+. Yamara ubu hariho icizigiro+ kuri Isirayeli ku bijanye n’ico kintu.  Ubu rero, tugirane isezerano+ n’Imana yacu ryo kwirukana+ abagore bose n’abavutse kuri bo, dukurikije impanuro ya Yehova n’iy’abajugumira+ kubera ibwirizwa+ ry’Imana yacu, kugira ngo bigirwe hisunzwe itegeko+.  Haguruka, kuko ico kintu ari wewe cega, natwe turi kumwe nawe. Komera, ukore.”  Ezira aca ava hasi, arahiza+ abakuru b’abaherezi, Abalewi na Isirayeli yose gukora bisunze iryo jambo. Nuko bararahira.  Maze Ezira arahaguruka ava imbere y’inzu y’Imana y’ukuri, aja mu cumba c’uburiro+ ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Naho yagiyeyo, ntiyariye umukate+ kandi ntiyanyoye amazi, kuko yari agandaye+ kubera ubuhemu bw’abajanywe ari inyagano.  Maze batera akamo muri Yuda hose n’i Yeruzalemu ku bahora ari inyagano bose+, kugira ngo bakoranire i Yeruzalemu;  uwutoje wese+ mu kiringo c’imisi itatu, nk’uko impanuro y’abaganwa+ n’iy’abagabo b’inararibonye yari, ibintu vyiwe vyose vyonyazwe+, na we ubwiwe agacibwa+ mw’ishengero ry’abajanywe ari inyagano.  Nuko abagabo bose ba Yuda na Benyamini bakoranira i Yeruzalemu mu misi itatu, ni ukuvuga mu kwezi kugira icenda+, ku musi ugira mirongo ibiri w’ukwo kwezi, maze abantu bose baguma bicaye mu kibanza co hanze c’inzu y’Imana y’ukuri, basusumira kubera ico kintu no kubera imvura nyinshi+. 10  Amaherezo Ezira umuherezi arahaguruka, ababwira ati: “Mwebwe mwarahemutse kubera mwabiriye abagore b’abanyamahangakazi+ kugira mwongereze icaha ca Isirayeli+. 11  Ubu rero nimwaturire+ ibicumuro vyanyu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, mukore ibimuhimbara+ mwongere mwitandukanye n’abantu b’iki gihugu n’abagore b’abanyamahangakazi+.” 12  Ishengero ryose rica ririshura n’ijwi rirenga riti: “Tubwirizwa gukora neza na neza nk’uko uvuze+. 13  Ariko abantu ni benshi, kandi ni ikiringo c’imvura nyinshi, ntibishoboka guhagarara hanze; bisubiye, ico gikorwa ntikizotwara umusi umwe canke ibiri, kuko twagararije ku rugero runini muri ico kintu. 14  Turakwinginze rero abaganwa+ bacu baserukire ishengero ryose; nayo abo mu bisagara vyacu bose babiriye abagore b’abanyamahangakazi, bazoze ku bihe vyashinzwe bari kumwe n’abagabo b’inararibonye b’igisagara kimwekimwe cose n’abacamanza baco, gushika dusubije inyuma ishavu rirurumba ry’Imana yacu rikatuvako, kubera ico kintu.” 15  (Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikiva barwanya+ ico kintu, kandi Meshulamu na Shabetayi+ Abalewi baba ari bo babafasha.) 16  Mugabo abahora ari inyagano+ batangura gukora kuno; nuko Ezira umuherezi n’abagabo bari abakuru ba ba se ku bw’inzu ya ba sekuru+ yabo, egome, bose nk’uko amazina yabo yari, baritandukanya rero hanyuma batangura kwicara ku musi wa mbere w’ukwezi kugira cumi+ kugira ngo batohoze ico kintu+; 17  amaherezo barangiza ivy’abagabo bose bari barabiriye abagore b’abanyamahangakazi+, ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere. 18  Maze basanga mu bahungu b’abaherezi+ hari abari barabiriye abagore b’abanyamahangakazi; muri bene Yeshuwa+ mwene Yehozadaki+ na bene wabo bari Mayaseya na Eliyezeri na Yaribu na Gedaliya. 19  Mugabo basezerana mu guhana amaboko yuko birukana abagore babo, be n’uko, kubera bagirwa n’icaha+, hatangwa impfizi y’intama+ yo mu mukuku ku bw’icaha cabo. 20  Muri bene Imeri+ hari Hanani na Zebadiya; 21  muri bene Harimu+ hari Mayaseya na Eliya na Shemaya na Yehiyele na Uziya; 22  muri bene Pashuri+ hari Eliyowenayi na Mayaseya na Ishimayeli na Netaneli na Yozabadi na Eleyasa. 23  Mu Balewi hari Yozabadi na Shimeyi na Kelaya (ari we Kelita) na Petahiya na Yuda na Eliyezeri; 24  mu baririmvyi hari Eliyashibu; mu barinzi b’amarembo hari Shalumu na Telemu na Uri. 25  Muri Isirayeli: muri bene Paroshi+ hari Ramiya na Iziya na Malikiya na Miyamini na Eleyazari na Malikiya na Benaya; 26  muri bene Elamu+ hari Mataniya na Zekariya na Yehiyele+ na Abudi na Yeremoti na Eliya; 27  muri bene Zatu+ hari Eliyowenayi na Eliyashibu na Mataniya na Yeremoti na Zabadi na Aziza; 28  muri bene Bebayi+ hari Yehohanani na Hananiya na Zabayi na Atalayi; 29  muri bene Bani hari Meshulamu na Maluku na Adaya na Yashubu na Sheyali na Yeremoti; 30  muri bene Pahati-mowabu+ hari Aduna na Kelali na Benaya na Mayaseya na Mataniya na Bezaleli na Binuwi na Manase; 31  muri bene Harimu+ hari Eliyezeri na Ishiya na Malikiya+ na Shemaya na Shimeyoni, 32  na Benyamini na Maluku na Shemariya; 33  muri bene Hashumu+ hari Matenayi na Matata na Zabadi na Elifeleti na Yeremayi na Manase na Shimeyi; 34  muri bene Bani hari Mayadayi na Amuramu na Uweli, 35  na Benaya na Bedeya na Keluhi, 36  na Vaniya na Meremoti na Eliyashibu, 37  na Mataniya na Matenayi na Yayasu; 38  muri bene Binuwi hari Shimeyi 39  na Shelemiya na Natani na Adaya, 40  na Makinadebayi na Shashayi na Sharayi, 41  na Azareli na Shelemiya na Shemariya, 42  na Shalumu na Amariya na Yozefu; 43  muri bene Nebo hari Yeyeli na Matitiya na Zabadi na Zebina na Yadayi na Yoweli na Benaya. 44  Abo bose bari barabiriye abagore b’abanyamahangakazi+; nuko birukana abagore n’abana.

Amakuru yiyongereye