Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 7:1-27

7  Maze ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye ubutaka bwa Isirayeli: ‘Iherezo, rya herezo, ryaje ku mpera zine z’igihugu+.  Ubu rero iherezo riragushitseko+, ngira nkurungikeko ishavu ryanje, kandi nzogucira urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nkuzaneko ibintu vyawe vyose biteye ishishi.  Ijisho ryanje ntirizokwumvira akagongwe+, eka sinzokugirira impuhwe, kuko nzokuzanako inzira zawe, kandi ibintu vyawe biteye ishishi bizoba hagati muri wewe+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’  “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Icago, icago kidasanzwe, ehe kiriko kiraza+.  Iherezo ribwirizwa kuza+. Iherezo ribwirizwa kuza; emwe, rizokwikangura rikuzeko. Ehe riraje+!  Urugori rw’amashurwe ruzokuzako, ewe wa muntu uba mu gihugu, igihe kiraje, umusi uri hafi+. Hari umuvurungano, si akaruru k’umunezero k’imisozi.  “‘Ubu vuba ngiye kugusukako ubushangashirwe bwanje+, ndangize ishavu ryanje kuri wewe+, kandi nzogucira urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nkuzaneko ibintu vyawe vyose biteye ishishi.  Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe+, eka sinzogira impuhwe+. Nzobikuzanako nk’uko inzira zawe ziri, kandi ibintu vyawe biteye ishishi bizoba neza na neza hagati muri wewe+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova, uwuriko abakubita+. 10  “‘Ehe wa musi! Ehe uriko uraza+! Urugori rw’amashurwe rwasohotse+. Inkoni yashuritse+. Ukwita imbere kwanaze+. 11  Ubukazi bwahagurutse bucika inkoni y’ububisha+. Ntibiva kuri bo canke ngo bive ku butunzi bwabo; ntibiva kuri bo ubwabo, eka nta bukuru na bumwe buri muri bo. 12  Igihe kiraje, wa musi uzoshika ata kabuza. Umuguzi ntanezerwe+; uwugurisha na we ntaje mu kigandaro, kuko hari ishavu rirurumba rirurumbira isinzi ryaho ryose. 13  Kuko uwugurisha atazogaruka ku vyagurishijwe, ubuzima bwabo bukiri hagati mu bazima; kuko iyerekwa ari iry’isinzi ryaho ryose. Nta n’umwe azogaruka, kandi umwe wese muri bo ntazogaba ubuzima bwiwe biciye kw’ikosa ryiwe. 14  “‘Urumbete rwavugijwe+, bose barateguzwa, mugabo nta n’umwe aja ku rugamba, kuko ishavu ryanje rirurumbira isinzi ryaho ryose+. 15  Inkota+ iri hanze, ikiza n’ikigoyi na vyo bikaba imbere+. Uwo wese ari mu gahinga, azokwicwa n’inkota; abo bose bari mu gisagara, ikigoyi n’ikiza bizobarotsa+. 16  Abacitse kw’icumu babo ntibazobura guhunga+, ku misozi bacike nk’inuma zo mu mibande+ zinihagira zose, umwe wese mw’ikosa ryiwe. 17  Amaboko yose aguma aregera*+; nayo amavi yose, aguma atonyanga amazi+. 18  Bakenyeye amagunira*+, batekerwa n’uguhinda agashitsi+; mu maso ha bose hari ibimaramare+, ku mitwe yabo yose hakaba ubuhanza+. 19  “‘Bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara, inzahabu zabo na zo zicike ikintu co kuzinukwa. Zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake bwa Yehova+. Ntibizohaza imitima yabo, kandi amara yabo ntibizoyuzuza, kuko vyabaye igitsitaza candurutsa ikosa ryabo+. 20  Ubwiza bw’udusharizo tw’umuntu—umuntu yatugize imvo y’ubwishime; kandi ibishusho vyabo biteye ishishi+, ibintu vyabo bisesemye+, babikoze muri vyo. Ni co gituma kuri bo nzobigira ikintu co kuzinukwa+. 21  Kandi nzobitanga mu kuboko kw’ab’ahandi ngo babinyage, no ku babisha bo kw’isi ngo babisahure+, kandi ntibazobura kubihumanya. 22  “‘Nzobwirizwa guhindukiza mu maso hanje ndahabakureko+; bazohumanya vy’ukuri ahantu hanje hihishije, kandi abambuzi bazohinjira koko, bahahumanye+. 23  “‘Kora umunyororo+, kuko igihugu gisigaye cuzuye imanza zandujwe n’amaraso+, igisagara na co kikaba gisigaye cuzuye ubukazi+. 24  Nzozana abarusha abandi bose kuba babi mu mahanga+, na bo ntibazobura kwigarurira amazu yabo+; nzozimanganya ubwishime bw’abakomeye+, kandi ibibanza vyabo vyeranda bizohumanywa ata kabuza+. 25  Hazoza umubabaro mwinshi, kandi ntibazobura kurondera amahoro, mugabo ntazoboneka+. 26  Amarushwa azoza akurikira ayandi+, n’inkuru ize ikurikira iyindi; abantu bazoronderera vy’ukuri iyerekwa ku muhanuzi+, kandi itegeko ubwaryo rizozimangana ku muherezi, n’impanuro ku bahumure+. 27  Umwami ubwiwe azoja mu kigandaro+; mbere n’umukuru azokwambara umusaka+, kandi amaboko y’abanyagihugu azohungabana. Nzobagirira ibihuye n’inzira yabo+, ndabacire urubanza ruhwanye n’imanza bacirwa+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “aguma akoroka.”
Raba Inyongera ya 21.