Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 5:1-17

5  “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, niwironse inkota ikarishe. Uze uyironse nk’urumosho rwa ba kimyozi, urucishe ku mutwe wawe no ku bwanwa bwawe+, wironse n’umunzane wo gupima, uheze ugabagure uwo mushatsi mu mice.  Ica gatatu cawo uzogiturira mu muriro hagati mu gisagara, imisi y’isugereza ikimara gukwira+. Kandi uze utore ica gatatu kindi. Uzogikubitisha inkota irya n’ino ya nya gisagara+, ica gatatu ca nyuma na co ugisanzarize mu muyaga, nanje nzosokora inkota inyuma yawo+.  “Kandi uze ukureko udushatsi dukeyi utuzingire mu mpuzu* yawe+.  Utundi uzodutora utujugunye hagati mu muriro, uduturire mu muriro dutokombere. Kuri wo hazova umuriro uzoja ku nzu yose ya Isirayeli+.  “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Iyi ni Yeruzalemu. Nayishize hagati mu mahanga, ikaba ikikujwe n’ibihugu.  Na yo yatanguye kugarariza ingingo zanje z’ubutungane* ibigiranye ububisha kuruta amahanga+, igarariza n’ivyagezwe vyanje kuruta ibihugu biyikikuje, kuko bataye ingingo zanje z’ubutungane, ivyagezwe vyanje na vyo ntibabigenderemwo+.’  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubera ko mwakubaganye+ kuruta amahanga abakikuje, ntimugendere mu vyagezwe vyanje, n’ingingo zanje z’ubutungane ntimuzishitse+, mugabo mugakora ibihuye n’ingingo z’ubutungane z’amahanga abakikuje—si ko none+?—  ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye, wa gisagara, emwe, jewe nyene+, kandi nzoshitsa hagati muri wewe ingingo z’ubutungane mu maso y’amahanga+.  Nzokorera muri wewe ico ntari bwakore, kandi nta gisa na co nzosubira gukora, kubera ibintu vyawe vyose biteye ishishi+. 10  “‘“Ni co gituma ba se bazorya abana babo hagati muri wewe+, abana na bo barye ba se, kandi nzoshitsa imanza muri wewe, igisigarira cawe cose ndagisanzarize mu miyaga yose+.”’ 11  “‘Ndahiye rero ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ni ukuri, kubera ko aheranda hanje ari ho wahumanishije ibintu vyawe vyose bisesemye+ be n’ibintu vyawe vyose biteye ishishi+, jewe rero ni je nzokugabanya+, kandi ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe+, kandi jewe sinzogira impuhwe+. 12  Ica gatatu cawe, bazokwicwa n’ikiza+, barangizwe n’ikigoyi hagati muri wewe+. Ica gatatu kindi, bazogwishwa n’inkota irya n’ino yawe. Ica gatatu ca nyuma na co, nzogisanzariza mu miyaga yose+, kandi inkota ni yo nzosokora inyuma yabo+. 13  Kandi ishavu ryanje ntirizobura kurangira+, mpoyahoyere ubushangashirwe bwanje kuri bo+, nihoze+; kandi bazobwirizwa kumenya ko ari jewe Yehova navuze, kubera yuko nsaba nshimitse ko niheberwa jenyene gusa+, ninabarangirizako ubushangashirwe bwanje. 14  “‘Kandi nzokugira ikibanza gitikijwe be n’iceyi mu mahanga agukikuje, mu maso y’uwuhita wese+. 15  Uzocika iceyi+ be n’ikintu gitukwa+, akarorero gatanga imburi+ be n’ikinya ku mahanga agukikuje, ninashitsa imanza muri wewe mbigiranye ishavu n’ubushangashirwe n’ibikangiro vyuzuye ubushangashirwe+. Jewe Yehova, ndavuze. 16  “‘Ninabarungikako ya myampi mibi y’ikigoyi+, imwe yo guhonya, ya myampi nzorungika kubahonya+, emwe, nzokwongereza ikigoyi kuri mwebwe nongere mvune inkoni zanyu zitungîrwako imikate imeze nk’ikigōmbo+. 17  Kandi nzobarungikako ikigoyi n’ibikoko biryana+, biguhekure, kandi ikiza+ n’amaraso+ bizoca muri wewe, kandi nzokuzanako inkota+. Jewe Yehova, ndavuze.’”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “mu bice vyo hepfo vy’impuzu.”
Raba Inyongera ya 21.