Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 48:1-35

48  “Kandi aya ni yo mazina y’imiryango. Kuva ku mupaka wo mu buraruko, ku ruhande rwo hambavu y’inzira y’i Hetiloni+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+, Hazari-enani+, urubibe rwa Damasiko amaja mu buraruko, ku ruhande rwa Hamati; kandi haze hagire umupaka wo mu buseruko n’uwo mu burengero; aho ni Dani+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Dani, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Asheri+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Asheri, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika no ku mupaka wo mu burengero, ni Nafutali+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Nafutali, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Manase+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Manase, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Efurayimu+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Efurayimu, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika no ku mupaka wo mu burengero, ni Rubeni+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Rubeni, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Yuda+: umugabane umwe.  Ku rubibe rwa Yuda, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, intererano muzoterēra ize ibe amatambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu mu bwaguke+, uburebure na bwo bwisunge ubw’umwe mu migabane kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero. Kandi ikibanza c’aheranda kize kibe hagati yaho+.  “Ku bijanye n’intererano muzoterēra Yehova, uburebure buzoba amatambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu, ubwaguke na bwo ibihumbi cumi. 10  Kandi kuri ivyo haze habe intererano nyeranda igenewe abaherezi+: mu buraruko amatambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu, mu burengero ubwaguke bw’ibihumbi cumi, mu buseruko ubwaguke bw’ibihumbi cumi, mu bumanuko na ho uburebure bw’ibihumbi mirongo ibiri na bitanu. Kandi ikibanza c’aheranda ca Yehova kize kibe hagati yaho+. 11  Hazoba ah’abaherezi, abejejwe muri bene Zadoki+, abitwararitse igikorwa nabajeje, batataye inzira ngo bayerere ca gihe bene Isirayeli bata inzira bakayerera, nk’uko Abalewi bataye inzira bakayerera+. 12  Kandi baze baronke intererano ivuye ku ntererano y’igihugu bwa kintu ceranda rwose, ku rubibe rw’Abalewi+. 13  “Abalewi na bo baze baronke+ amatambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu mu burebure, mu bwaguke na ho ibihumbi cumi, iruhande nyene y’akarere k’abaherezi; uburebure bwose bube ibihumbi mirongo ibiri na bitanu, ubwaguke na bwo bube ibihumbi cumi+. 14  Kandi ntibaze bahagurisheko namba, canke ngo hakabwe, canke ngo hagire uwutuma ahantu heza kuruta ahandi h’ico gihugu hava mu minwe yabo; kuko ari ikintu ceranda kuri Yehova+. 15  “Nayo amatambwe ibihumbi bitanu asigaye mu bwaguke iruhande ya vya bihumbi mirongo ibiri na bitanu, ni ikintu kitari ceranda kigenewe igisagara+, aho kuba no kuragira. Kandi igisagara kize kibe hagati yaho+. 16  Izi ni zo ngero z’ico gisagara: umupaka wo mu buraruko ni amatambwe ibihumbi bine n’amajana atanu; umupaka wo mu bumanuko, ibihumbi bine n’amajana atanu; umupaka wo mu buseruko, ibihumbi bine n’amajana atanu; umupaka wo mu burengero na wo, ibihumbi bine n’amajana atanu. 17  Kandi ico gisagara kize kigire itongo ry’uburagiriro+: mu buraruko, amatambwe amajana abiri na mirongo itanu; mu bumanuko, amajana abiri na mirongo itanu; mu buseruko, amajana abiri na mirongo itanu; mu burengero na ho, amajana abiri na mirongo itanu. 18  “Ahasigaye mu burebure hazoba neza na neza nka ya ntererano nyeranda+: amatambwe ibihumbi cumi mu buseruko, n’amatambwe ibihumbi cumi mu burengero; haze habe neza na neza nka ya ntererano nyeranda, kandi umwimbu waho uze ube uw’umukate w’abakorera ico gisagara+. 19  Kandi hazorimwa n’abakorera ico gisagara bo mu miryango yose ya Isirayeli+. 20  “Intererano yose ni amatambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu ku bihumbi mirongo ibiri na bitanu. Muze muterere ahantu h’ikwadarato bwa ntererano nyeranda, harimwo n’ahegukira igisagara. 21  “Ahasigaye hazokwegukira umukuru+, hino no hirya y’iyo ntererano nyeranda na hamwe hegukira igisagara+, ahahereranye na ya matambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu vy’iyo ntererano, ugana urubibe rwo mu buseruko; no mu burengero, ahahereranye na ya matambwe ibihumbi mirongo ibiri na bitanu, ugana urubibe rwo mu burengero+. Hazoba ah’umukuru, hahuye neza na neza na ya migabane. Kandi iyo ntererano nyeranda be n’aheranda ha ya Nzu bize bibe hagati yaho. 22  “Nayo ahegukira Abalewi be n’ahegukira igisagara, haze habe hagati y’ahegukira umukuru. Hagati y’urubibe rwa Yuda+ n’urubibe rwa Benyamini, aho hazokwegukira umukuru. 23  “Ku bijanye n’imiryango isigaye, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Benyamini+: umugabane umwe. 24  Ku rubibe rwa Benyamini, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Simeyoni+: umugabane umwe. 25  Ku rubibe rwa Simeyoni, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Isakari+: umugabane umwe. 26  Ku rubibe rwa Isakari, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Zebuloni+: umugabane umwe. 27  Ku rubibe rwa Zebuloni, kuva ku mupaka wo mu buseruko gushika ku mupaka wo mu burengero, ni Gadi+: umugabane umwe. 28  Ku rubibe rwa Gadi, ugana ku mupaka wo mu bumanuko, hazoraba mu bumanuko; urubibe ruze ruve i Tamari+ rushike ku mazi y’i Meribati-kadeshi+, ugana ku mwonga+, gushika kuri ca Kiyaga Kinini+. 29  “Ico ni co gihugu muzoha imiryango ya Isirayeli+ bwa ntoranwa biciye ku bupfindo, kandi iyo ni yo izoba imituri yabo+,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 30  “Kandi aya ni yo masohokero y’igisagara: ku mupaka wo mu buraruko, ingero izoba amatambwe ibihumbi bine n’amajana atanu+. 31  “Amarembo y’igisagara azohura n’amazina y’imiryango ya Isirayeli, mu buraruko habe amarembo atatu: irembo rya Rubeni, rimwe; irembo rya Yuda, rimwe; irembo rya Lewi, rimwe. 32  “Ku mupaka wo mu buseruko hazoba amatambwe ibihumbi bine n’amajana atanu, be n’amarembo atatu, egome, irembo rya Yozefu, rimwe; irembo rya Benyamini, rimwe; irembo rya Dani, rimwe. 33  “Umupaka wo mu bumanuko uzoba ingero y’amatambwe ibihumbi bine n’amajana atanu, habe amarembo atatu: irembo rya Simeyoni, rimwe; irembo rya Isakari, rimwe; irembo rya Zebuloni, rimwe. 34  “Umupaka wo mu burengero uzoba amatambwe ibihumbi bine n’amajana atanu, habe amarembo atatu: irembo rya Gadi, rimwe; irembo rya Asheri, rimwe; irembo rya Nafutali, rimwe. 35  “Kuhakikuza azoba amatambwe ibihumbi cumi n’umunani; kandi izina ry’ico gisagara kuva uwo musi rizoba: Yehova ubwiwe ari ng’aho*+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “Yehova-Shama.”