Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 46:1-24

46  “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Irembo ry’ikigo c’indani riraba mu buseruko+ rize rigume ryugaye+ mu misi itandatu y’ibikorwa+; ku musi w’isabato rize ryugururwe; no ku musi w’imboneko y’ukwezi rize ryugururwe+.  Umukuru aze yinjire aciye mu nzira y’ibaraza ry’iryo rembo+, azananye hanze, ahagarare iruhande y’igishimaryango c’iryo rembo+; abaherezi baze bahereze ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vy’ugusangira, na we aze yuname ku rwinjiriro rw’iryo rembo+, hanyuma asohoke, mugabo iryo rembo ntirize ryugarwe hatarashika ku mugoroba.  Kandi abanyagihugu baze buname ku bwinjiriro bw’iryo rembo ku masabato no ku mboneko z’ukwezi, imbere ya Yehova+.  “‘Ishikanwa riturirwa uko ryakabaye umukuru azoshikiriza Yehova ku musi w’isabato, rize ribe iry’imyagazi y’intama itandatu y’amasuguru itagira agahonzi, be n’impfizi y’intama itagira agahonzi+,  n’ingero imwe ya efa y’ishikanwa ry’intete ku bw’iyo mpfizi y’intama+, hanyuma ku bw’iyo myagazi y’intama y’amasuguru ashikirize ishikanwa ry’intete nk’uko azoba ashoboye gutanga+; ku mavuta na ho, aze ashikirize ingero imwe ya hini kuri efa+.  Ku musi w’imboneko y’ukwezi na ho+, haze habe ikimasa co mu busho kitagira agahonzi, n’imyagazi itandatu y’intama y’amasuguru be n’impfizi y’intama; bizobe ari ibitagira agahonzi+.  Kandi aze ahereze efa imwe ku bw’ico kimasa na efa imwe ku bw’iyo mpfizi y’intama, bwa shikanwa ry’intete, no ku bw’iyo myagazi y’intama y’amasuguru bivanye n’ivyo ashoboye kuronka; ku mavuta na ho, aze ahereze ingero imwe ya hini kuri efa+.  “‘Umukuru+ niyinjira, aze yinjirane inzira y’ibaraza ry’irembo, kandi inzira yaryo izobe ari yo asohokana+.  Kandi abanyagihugu nibaza imbere ya Yehova mu biringo vy’imisi mikuru+, uwuzokwinjirana inzira y’irembo ryo mu buraruko+ aje kwunamira Imana, aze asohokane inzira y’irembo ryo mu bumanuko+; uwuzokwinjirana inzira y’irembo ryo mu bumanuko na we aze asohokane inzira y’irembo riraba mu buraruko. Nta wuzosubira inyuma aciye mu nzira y’irembo yinjiranye, kuko akwiye gusohoka atumbereye imbere yiwe. 10  Ku bijanye n’umukuru ari hagati muri bo, nibinjira, na we aze yinjire; nibasohoka, na we aze asohoke+. 11  Mu misi mikuru+ no mu biringo vy’imisi mikuru, ishikanwa ry’intete rize ribe efa imwe ku bwa ca kimasa na efa imwe ku bwa ya mpfizi y’intama, no ku bwa ya myagazi y’intama y’amasuguru atange nk’uko ashoboye; ku mavuta na ho, ize ibe ingero imwe ya hini kuri efa+. 12  “‘Umukuru niyazana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye ngo ribe ishikanwa ritangwa ku bushake+, canke akazana ibimazi vy’ugusangira ngo bibe ishikanwa ritangwa ku bushake rihabwa Yehova, haze hagire rero uwumwugururira rya rembo riraba mu buseruko+, kandi aze azane ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vy’ugusangira, nk’uko abigira ku musi w’isabato+. Maze aze asohoke, hanyuma hagire uwugara iryo rembo amaze gusohoka+. 13  “‘Kandi uze uzane buri musi umwagazi w’intama w’isuguru utagira agahonzi, mu mwaka wawo wa mbere, ngo ube ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova+. Uze urizane buri gitondo. 14  Uze urizanane n’ica gatandatu ca efa buri gitondo bwa shikanwa ry’intete, be n’ica gatatu ca hini y’amavuta yo kumijagira ya fu inoze+. Ishikanwa ry’intete rihabwa Yehova ni icagezwe camaho igihe kitagira urugero, nantaryo. 15  Baze bazane umwagazi w’intama w’isuguru n’ishikanwa ry’intete be n’amavuta buri gitondo, bibe ishikanwa riturirwa uko ryakabaye ritangwa ubudasiba.’ 16  “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Umukuru niyaha ingabirano umwe wese mu bana biwe ngo ibe intoranwa yiwe, iyo izokwegukira abana biwe ubwabo. Ni itongo ribegukira bwa ntoranwa. 17  Niyaha umwe mu basuku biwe ingabirano ivuye ku ntoranwa yiwe, ize rero ibe iy’uwo musuku gushika mu mwaka w’ukurekurwa+; ize iheze isubire kuri nya mukuru. Intoranwa yiwe gusa, iyo yahaye abana biwe, ni yo izoguma ari rwabo. 18  Kandi umukuru ntaze agire ico atwara ku ntoranwa y’abanyagihugu ngo abomore mu matongo yabo+. Aze ahe abana biwe intoranwa kw’itongo ryiwe, kugira ngo abantu banje ntibasanzare, umwe wese akava mw’itongo ryiwe+.’” 19  Araheza anzana ancishije mu rwinjiriro+ rwari iruhande y’irembo rija ku vyumba vy’uburiro vyeranda vyaraba mu buraruko+, bimwe vy’abaherezi, maze, ehe hari ikibanza ng’aho ku mpande z’inyuma zompi amaja mu burengero. 20  Araheza ambwira ati: “Iki ni co kibanza abaherezi bazotekeramwo ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ be n’ishikanwa ry’igicumuro+, kandi ni ho bazokarangira ishikanwa ry’intete+, kugira ngo ntihagire ikintu na kimwe gitwarwa hanze mu kigo c’inyuma ngo abantu bezwe+.” 21  Araheza aransohora anzana mu kigo c’inyuma, arantembereza, anjana kuri vya bikingi vy’imfuruka bine vy’ico kigo, maze, ehe hari akago iruhande y’iki gikingi c’imfuruka ca nya kigo, n’akago iruhande ya kiriya gikingi c’imfuruka ca nya kigo. 22  Kuri ivyo bikingi vy’imfuruka bine vy’ikigo hari utugo dutoduto, tw’amatambwe mirongo ine mu burebure n’amatambwe mirongo itatu mu bwaguke. Uko ari tune, tukagira inyubako z’imfuruka, twari dufise ingero imwe. 23  Kandi hari umusitari ku mpande zatwo zose, ku mpande zatwo zose uko ari tune, hakaba n’ibibanza vyo gutekeramwo+ vyakozwe munsi ya nya misitari, mu mpande zose. 24  Maze ambwira ati: “Aya ni yo mazu y’abateka, aho abasuku b’iyi Nzu batekera ikimazi abantu bazanye+.”

Amakuru yiyongereye