Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 44:1-31

44  Maze angarukana kw’irembo ry’aheranda, rimwe ry’inyuma riraba mu buseruko+, kandi ryari ryugaye+.  Hanyuma Yehova ambwira ati: “Iri rembo rizoguma ryugaye. Ntirizokwugururwa, kandi nta muntu buntu azoryinjirana; kuko Yehova ubwiwe, Imana ya Isirayeli+, ari ryo yinjiranye, kandi rizoguma ryugaye.  Ariko umukuru+—kubera ko ari umukuru, we azoryicaramwo, kugira ngo arire umukate imbere ya Yehova+. Azokwinjirana mw’ibaraza ry’iryo rembo, kandi ni ho azosohokana+.”  Nuko anzana imbere ya ya Nzu ancishije mw’irembo ryo mu buraruko, kugira ngo mbone, maze, ehe ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+. Maze nca ngwa nubamye+.  Maze Yehova ambwira ati: “Mwana w’umuntu, shirako umutima+ uboneshe amaso yawe, wumvishe amatwi yawe ivyo ngira nkubwire vyose ku bijanye n’ivyagezwe vyose vy’inzu ya Yehova no ku bijanye n’amategeko yayo yose, kandi ushire umutima ku rwinjiriro rw’iyo Nzu hamwe n’imiryango isohoka yose y’aheranda.  Kandi Bugarariji+, ari we nzu ya Isirayeli, umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ivyanyu biramaze, kubera ibintu vyanyu biteye ishishi, ewe nzu ya Isirayeli+,  kubona mwinjiza abanyamahanga b’umutima utagenyerewe be n’umubiri utagenyerewe+, kugira ngo baze aheranda hanje ngo bahahumanye, kandi ari inzu yanje; kubona mushikiriza umukate wanje+, ikinure+ n’amaraso+, kandi isezerano ryanje rikaguma rirengwa ku bijanye n’ibintu vyanyu vyose biteye ishishi+.  Eka ntimwitwararitse igikorwa mujejwe kijanye n’ibintu vyanje vyeranda+, canke ngo mushireho abandi ngo babe ari bo babitwararikira igikorwa canje mwajejwe aheranda hanje+.”’  “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nta munyamahanga w’umutima utagenyerewe be n’umubiri utagenyerewe azokwinjira aheranda hanje, ni ukuvuga umunyamahanga wese ari hagati ya bene Isirayeli+.”’ 10  “‘Mugabo Abalewi bagiye kure yanje+ igihe Isirayeli, iyataye inzira ikayerera kure yanje, yata inzira igakurikira ibigirwamana vyayo vy’umwanda, na bo nyene bazokwikorera ikosa ryabo+. 11  Kandi bazoba abasuku aheranda hanje, mu bibanza vy’ugucungera amarembo ya ya Nzu, babe n’abasuku kuri iyo Nzu+. Ni bo bazokerera ishikanwa riturirwa uko ryakabaye be n’ikimazi ku bw’abantu+, kandi ni bo bazohagarara imbere yabo kugira ngo babakorere+. 12  Ko bagumye babakorera imbere y’ibigirwamana vyabo vy’umwanda+, bakabera inzu ya Isirayeli igitsitaza gishikana mw’ikosa+, ni co gituma ndugije ukuboko kwanje ngo ndabarwanye+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘kandi bazokwikorera ikosa ryabo. 13  Ntibazonyegēra ngo bankorere ari abaherezi canke ngo begere ibintu vyanje vyeranda na bimwe, ngo begere ibintu vyeranda rwose+; kandi bazokwikorera agateterwe kabo be n’ibintu vyabo biteye ishishi bakoze+. 14  Kandi sinzobura kubagira abajejwe kwitwararika ivy’iyo Nzu, ku bijanye n’igikorwa caho cose no ku bijanye n’ibikwiye gukorerwa muri yo vyose+.’ 15  “‘Nayo abaherezi b’Abalewi+, bene Zadoki+, abitwararitse igikorwa bajejwe c’aheranda hanje igihe bene Isirayeli bata inzira bakayerera kure yanje+, abo ni bo bazonyegēra ngo bankorere, kandi bazohagarara imbere yanje+ kugira ngo banshikirize ikinure+ n’amaraso+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 16  ‘Ni bo bazokwinjira aheranda hanje+, kandi ni bo bazokwegēra imeza yanje ngo bankorere+; bazokwitwararika igikorwa nabajeje+. 17  “‘Kandi nibinjira mu marembo y’ikigo c’indani, baze bambare impuzu z’ilino, kandi ntihaze hagire ubwoya bubagerako igihe bakorera mu marembo y’ikigo c’indani be n’indani ubwaho+. 18  Ibitambara vyo mu mutwe vy’ilino bizobe ari vyo biba ku mutwe wabo+, kandi amabutura y’ilino azobe ari yo aba ku mafyinga yabo+. Ntibaze bakenyere ivyotuma babira icuya. 19  Nibasohoka bakaja mu kigo c’inyuma, mu kigo c’inyuma aho abantu bari, baze bambure impuzu zabo bazoba bariko bakoramwo+, bazishire mu vyumba vy’uburiro+ vyeranda baheze bambare izindi mpuzu, boye kwezesha abantu impuzu zabo+. 20  Ntibaze biharanguze umutwe+, kandi umushatsi wo ku mutwe wabo ntibaze bawureke ngo urekere. Baze bagabanishe umushatsi wo ku mitwe yabo+. 21  Kandi ntihaze hagire abaherezi banywa icitwa umuvinyu igihe binjira mu kigo c’indani+. 22  Ntibaze babire umupfakazi canke umugore yahukanye+, ariko bashobora kwabira abigeme b’isugi bo mu ruvyaro rw’inzu ya Isirayeli+ canke umupfakazi asigwa n’umuherezi.’ 23  “‘Baze bigishe abantu banje itandukaniro riri hagati y’iceranda n’igihumanye; baze babamenyeshe itandukaniro riri hagati y’icanduye n’ikitanduye+. 24  Kandi mu rubanza ni bo bazohagarara ngo baruce+; baze baruce rero bisunze ingingo zanje z’ubutungane+. Baze bagumye amategeko yanje n’ivyagezwe vyanje ku bijanye n’ibiringo vyanje vyose vy’imisi mikuru+, kandi baze beze amasabato yanje+. 25  Ntaze yinjire iw’umuntu yapfuye ngo ahumane, mugabo barashobora kwihumanya ku bwa ba se canke ba nyina canke abahungu babo canke abakobwa babo canke ku bwa bene wabo canke bashiki babo batigeze babīrwa+. 26  Inyuma y’ityororwa ryiwe, baze bamuharurire imisi indwi+. 27  Ku musi azokwinjira ahantu heranda, mu kigo c’indani, kugira ngo akorere ahantu heranda, aze ashikirize ishikanwa ryiwe ry’igicumuro+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 28  “‘Kandi iki ni co kizobabera intoranwa: ni jewe ntoranwa yabo+. Ntihaze hagire itongo mubaha muri Isirayeli: ni jewe tongo ryabo. 29  Ishikanwa ry’intete be n’ishikanwa ry’igicumuro be n’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, ni bo bazoyarya+. Kandi ikintu cose cagizwe inyegu muri Isirayeli kizoba rwabo+. 30  Ivya mbere vyo mu vyeze ubwa mbere vyose ku bintu vyose, be n’intererano yose y’ibintu vyose ivuye ku ntererano zanyu zose—bizokwegukira abaherezi+; kandi umushuzo w’amafu yanyu atanoze muze muwuhe umuherezi+, kugira ngo bitume umuhezagiro uruhukira ku nzu yawe+. 31  Abaherezi ntibaze barye umuvyimba n’umwe w’icamaze gupfa, canke ikiremwa na kimwe catabaguwe co mu biguruka canke co mu bitungwa+.’

Amakuru yiyongereye