Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 38:1-23

38  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Mwana w’umuntu+, rabisha mu maso hawe kuri Gogi wo mu gihugu ca Magogi+, wa mukuru kizigenza wa Mesheki+ na Tubali+, uvuge ubuhanuzi bumwagiriza.  Uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye, ewe Gogi, wewe mukuru kizigenza wa Mesheki na Tubali.  Emwe, nzoguhindukiza, nshire ingobe mu mibangabanga yawe+, ndagusohorane n’inteko zawe zose za gisirikare+, amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye bashajije bimwe vy’agahore+, ishengero ryinshi, bari n’inkinzo zagutse be n’udukinzo dutoyi, bose bakaba bakoresha inkota+;  bari kumwe n’Ubuperesi+, Etiyopiya+ na Puti+, bose bari n’udukinzo dutoyi be n’inkofero;  Gomeri+ n’inteko zaho zose, inzu ya Togaruma+, bo mu mihingo y’uburaruko iri kure kuruta iyindi, n’inteko zaho zose, ibisata vyinshi biri kumwe nawe+.  “‘“Nube uwiteguye, ugire imyiteguro, mwe n’ishengero ryawe ryose+, abakoraniye iruhande yawe, kandi ubabere umurinzi.  “‘“Haheze imisi myinshi, uzokwitabwaho. Mu kiringo ca nyuma c’imyaka, uzoza ugana igihugu+ c’abagarukanywe bakuwe ku nkota, bagakoranirizwa hamwe bakuwe mu bisata vyinshi+, bagashirwa ku misozi ya Isirayeli, iyabaye ikibanza kiguma gitikizwa; egome, igihugu cakuwe mu bisata vy’abantu, ico biberamwo mu mutekano, bose hamwe+.  Ntuzobura kuduga. Uzoza nk’ikirura+. Uzocika nk’ibicu bipfuka igihugu+, mwe n’inteko zawe zose be n’ibisata vyinshi biri kumwe nawe.”’ 10  “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kuri uwo musi hazoza ibintu mu mutima wawe+, kandi uzokwiyumvira koko umugambi mubi+; 11  ntuzobura kuvuga ngo: “Nzoduga gutera igihugu c’uturere turangaye two mu gihugu hagati+. Nzoshika ku batagira inkomanzi, bibereye mu mutekano, bose bakaba babayeho ata ruhome rubakingiye+, kandi ntibagira mbere n’igihindizo canke imiryango.” 12  Hazoba ari kugira ngo uronke isahu ryinshi+ no kugira ngo unyage vyinshi, ngo uhindukirize ukuboko kwawe ku bibanza vyatikijwe bigasubira kugerērwamwo+, no ku gisata c’abantu bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga+, icirundaniriza ubutunzi n’amatungo+, abibera hagati na hagati+ y’isi. 13  “‘Sheba+ na Dedani+ be n’abadandaza b’i Tarushishi+ be n’intambwe z’imikangara z’imigāra zaho zose+, bazokubwira bati: “Mbega uzanywe no kwironkera isahu ryinshi? Mbega wakoranije ishengero ryawe kugira ngo unyage vyinshi, ngo wijanire ifeza n’inzahabu, utware ubutunzi n’amatungo, wironkere isahu ryinshi cane?”’ 14  “Vuga rero ubuhanuzi, ewe mwana w’umuntu, ubwire Gogi uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega ku musi igisata canje Isirayeli kizoba cibereye mu mutekano, si ho uzobimenya+? 15  Ntuzobura kuza uvuye ahantu hawe, uvuye mu mihingo y’uburaruko iri kure kuruta iyindi+, wewe n’ibisata vyinshi biri kumwe nawe, bose bagendera ku mafarasi, ishengero ryinshi, emwe, inteko za gisirikare nyinshi+. 16  Kandi ntuzobura kuduga gutera igisata canje Isirayeli, nk’ibicu bipfuka igihugu+. Bizoba mu kiringo ca nyuma c’imisi, kandi nzokuzana koko gutera igihugu canje+, kugira ngo amahanga amenye jewe, niniyereza muri wewe mu maso yabo, ewe Gogi+!”’ 17  “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Mbega uri+ wa wundi nyene navuga mu misi ya kera biciye ku basavyi* banje, abahanuzi ba Isirayeli, bavuga ubuhanuzi muri iyo misi—mu kiringo c’imyaka—ku bijanye no kukuzana kuri bo+?’ 18  “‘Kandi uku ni ko bizoba kuri uwo musi, umusi Gogi azoza ku butaka bwa Isirayeli,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘ubushangashirwe bwanje buzonduga mu zuru+. 19  Kandi mw’ishaka ryanje+, mu muriro w’uburake bwanje, nzobwirizwa kuvuga+. Ni ukuri, uwo musi hazoba ukunyiganyiga gukomeye mu butaka bwa Isirayeli+. 20  Kandi kubera jewe, amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ibikoko vyo mu gahinga, n’ivyikwega hasi vyose vyikwega ku butaka, n’abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka, bazosusumira+; kandi imisozi izosenyurirwa hasi vy’ukuri+, n’inzira zihanamye zizobwirizwa kugwa, mbere n’uruhome rwose ruzogwa rushike hasi.’ 21  “‘Nzomuhamagarirako inkota mu karere kanje kose k’imisozi,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+. ‘Inkota y’umuntu wese izobangurirwa mwene wabo+. 22  Nzoburana+ na we, nkoresheje ikiza+ n’amaraso+; imvura y’isegenya isegenyuka be n’iminana y’urubura+, umuriro+ be n’amazuku, ni vyo nzogwisha kuri we no ku nteko ziwe no ku bisata vyinshi bizoba biri kumwe na we+. 23  Nzokwininahaza koko, niyeze+ nongere nimenyekanishe mu maso y’amahanga menshi; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “biciye ku kuboko kw’abasavyi.”