Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 37:1-28

37  Ukuboko kwa Yehova kwabaye kuri jewe+, ku buryo anzana ndi mu mpwemu ya Yehova+, antereka hagati mu kiyaya c’umubande, kandi cari cuzuye amagufa+.  Araheza ancisha iruhande yayo hirya no hino, kandi ehe: yari menshi cane ku buringanire bwa nya kiyaya, kandi ehe: yari yumye cane+.  Na we atangura kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, mbega aya magufa yoba mazima?” Nanje nti: “Mukama Segaba Yehova, wewe ubwawe urabizi neza+.”  Abandanya kumbwira ati: “Vuga ubuhanuzi kuri aya magufa, uyabwire uti: ‘Emwe mwa magufa yumye, nimwumve ijambo rya Yehova:  “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye aya magufa: “Ehe ndabazanyemwo impemu, kandi muzoba bazima ata kabuza+.  Ndabashirako imitsi, ndabazaneko inyama, ndabomekeko urukoba, ndabashiremwo impemu, kandi muzoba bazima ata kabuza+; kandi muzomenya yuko jewe ndi Yehova+.”’”  Ndaheza mvuga ubuhanuzi nk’uko nari ntegetswe+. Nkivuga ubuhanuzi hatangura kuza ijwi, maze haba ukubomborana, amagufa atangura kwēgērana, igufa rikēgēra igufa ryaryo.  Maze ngize ntya, mbona haza kuri yo imitsi n’inyama, n’urukoba rutangura kwomekwa hejuru kuri yo. Mugabo ku bijanye n’impemu, nta zari muri yo.  Abandanya kumbwira ati: “Bwira ubuhanuzi umuyaga. Vuga ubuhanuzi, ewe mwana w’umuntu, ubwire umuyaga uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nuze, ewe muyaga, uvuye kuri ya miyaga ine, uhuhutire kuri aba bantu bishwe+, kugira ngo babe bazima+.”’” 10  Ndaheza mvuga ubuhanuzi nk’uko yari antegetse; maze impemu ziyazamwo, atangura kuba mazima, ahagarara ku birenge vyayo+, emwe, ari inteko za gisirikare nyinshi, nyinshi cane. 11  Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ku bijanye n’aya magufa, ni inzu ya Isirayeli yose uko ingana+. Ehe bavuga ngo: ‘Amagufa yacu yarumye, n’icizigiro cacu carazimanganye+. Twaratandukanijwe n’abandi dusigara ukwacu.’ 12  Vuga rero ubuhanuzi, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe nduguruye imva zanyu, kandi nzobaduza ndabakure mu mva zanyu+, emwe bantu banje, ndabazane ku butaka bwa Isirayeli+. 13  Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninugurura imva zanyu, ninabaduza nkabakura mu mva zanyu, emwe bantu banje+.”’ 14  ‘Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe+, kandi muzoba bazima ata kabuza; nzobashira ku butaka bwanyu muhagerere; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova navuze kandi ko nabikoze,’ ni ko Yehova avuze+.” 15  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 16  “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, niwitorere agakoni+ ukandikeko ngo: ‘Ni aka Yuda be na bene Isirayeli, bagenziwe+.’ Utore akandi gakoni ukandikeko ngo: ‘Ni aka Yozefu, agakoni ka Efurayimu+, be n’inzu ya Isirayeli yose, bagenziwe+.’ 17  Nutume twegērana kamwe n’akandi, tukubere agakoni kamwe; kandi turi bucike vy’ukuri agakoni kamwe gusa mu kuboko kwawe+. 18  Kandi abana b’igisata cawe nibatangura kukubwira ngo: ‘Mbega ntutubwira ico ivyo bintu bisobanura kuri wewe+?’, 19  ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ntoye agakoni ka Yozefu kari mu kuboko kwa Efurayimu, be n’imiryango ya Isirayeli, bagenziwe, ndayishire kuri ko, ni ukuvuga ku gakoni ka Yuda, kandi nzotugira vy’ukuri agakoni kamwe+, na two tuzocika agakoni kamwe mu kuboko kwanje.”’ 20  Kandi udukoni wandikako tuzobe turi mu kuboko kwawe mu maso yabo+. 21  “Kandi ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ntoye bene Isirayeli ndabakuye mu mahanga bagiyemwo, kandi nzobakoraniriza hamwe ndabakuye hirya no hino, ndabazane ku butaka bwabo+. 22  Nzobagira vy’ukuri ihanga rimwe mu gihugu+, ku misozi ya Isirayeli, kandi umwami umwe ni we azobabera umwami bose+; ntibazobandanya kuba amahanga abiri canke ngo bongere kuba abagabuwe mu bwami bubiri+. 23  Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana vyabo vy’umwanda n’ibintu vyabo bisesemye be n’ibigabitanyo vyabo vyose+; kandi nzobakiza koko bave mu bibanza vyabo vyose babamwo, ivyo bacumuriyemwo, ndabahumanure+, kandi bazoba abantu banje koko, nanje mbe Imana yabo+. 24  “‘“Umusavyi wanje Dawidi azoba umwami abaganza+, kandi bose bazogira umwungere umwe+; bazogendera mu ngingo zanje z’ubutungane+, bagumye ivyagezwe vyanje+, babishitse koko+. 25  Bazokwibera vy’ukuri ku butaka nahaye umusavyi wanje, ubwo nahaye Yakobo, aho ba sogokuruza banyu babaye+, kandi bazobwiberako vy’ukuri+, bo n’abana babo be n’abana b’abana babo gushika igihe kitagira urugero+, kandi Dawidi umusavyi wanje azoba umukuru wabo gushika igihe kitagira urugero+. 26  “‘“Kandi nzogirana na bo isezerano ry’amahoro+; isezerano ryamaho igihe kitagira urugero ni ryo rizoba kumwe na bo+. Kandi nzobashiraho, ndabagwize+, nshire aheranda hanje hagati yabo gushika igihe kitagira urugero+. 27  Itaberenakulo* yanje izoba vy’ukuri hejuru yabo+; nzoba koko Imana yabo, na bo babe abantu banje+. 28  Kandi amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova+ ndiko ndeza Isirayeli, aheranda hanje nihaba hagati yabo gushika igihe kitagira urugero+.”’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.