Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 28:1-26

28  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Mwana w’umuntu, bwira indongozi ya Tiro uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “‘“Ko umutima wawe wacitse uwibona+, kandi ukaguma uvuga ngo: ‘Ndi imana+. Niyicariye mu cicaro c’imana+, mu nda y’igezi ry’ikiyaga+,’ kandi uri umuntu yakuwe mw’ivu+, utari imana+, kandi umutima wawe ukaguma uwugira nk’umutima w’imana . . .  aho rero ngo urusha Daniyeli ubukerebutsi+! Ngo nta mabanga ariho ahwanye nawe+!  Biciye ku bukerebutsi bwawe no ku gutahura kwawe, wironkeje ubutunzi, kandi uguma uronka inzahabu n’ifeza mu bigega vyawe+.  Biciye ku bukerebutsi bwawe bwinshi+, ku bidandazwa vyawe+, wagwije ubutunzi bwawe+, umutima wawe uca utangura kwibona kubera nya butunzi bwawe+.”’  “‘Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ko umutima wawe uwugira nk’umutima w’imana+,  ngira rero ndakuzaneko ab’ahandi+, intwazamukazo z’amahanga+; emwe, bazosokora inkota zabo barwanye ubwiza bw’ubukerebutsi bwawe, bahumanye ubwiza bwawe bwakaka buca ibibatsi+.  Bazokumanukana mu cobo+, kandi uzopfa urupfu rw’uwugandaguriwe mu nda y’igezi ry’ikiyaga+.  Mbega vy’ukuri uzovuga ngo ‘Ndi imana’ imbere y’uwukwica+, kandi uri umuntu buntu yakuwe mw’ivu, utari imana+, mu kuboko kw’abaguhumanya?”’ 10  “‘Urupfu rw’abatagenyerewe ni rwo uzopfa biciye ku kuboko kw’ab’ahandi+, kuko jewe navuze,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” 11  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 12  “Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye umwami wa Tiro+, umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “‘“Ushira ikidodo ku citegererezo c’ukutagira akanenge, ukaba wuzuye ubukerebutsi+ kandi utagira akanenge mu bwiza+. 13  Wari muri Edeni, wa murima w’Imana+. Wari wisakaye ibuye ryose ry’agaciro: ibuye ry’umutuku, topazi na yasipi; kirisolito, onigisi+ na yade; safiro, turukwazi+ na emerode; utwicariro be n’utunogo vyawe vy’udutāko muri wewe, vyari bikozwe mu nzahabu. Vyateguwe ku musi waremeweko. 14  Uri umukerubi apfuka yarobanujwe amavuta*, kandi ni je nagushizeho. Wari ku musozi mweranda w’Imana+. Wagendagendera hagati y’amabuye y’umuriro. 15  Nta mahinyu wagize mu nzira zawe kuva ku musi waremeweko+, gushika ibitagororotse bibonetse muri wewe+. 16  “‘“Kubera ubwinshi bw’ibidandazwa vyawe+, bujuje ubukazi hagati muri wewe, uca utangura gucumura+. Nanje nzogukura ku musozi w’Imana nk’igihumane, ndakurandure+, ewe mukerubi upfuka, uve hagati y’amabuye y’umuriro. 17  “‘“Umutima wawe wacitse uwibona kubera ubwiza bwawe+. Wononye ubukerebutsi bwawe kubera ubwiza bwawe bwakaka buca ibibatsi+. Nzogushiburira kw’isi+. Nzogushira imbere y’abami ngo bakwitegereze+. 18  “‘“Bivuye ku bwinshi bw’amakosa yawe+, kubera akarenganyo k’ibidandazwa vyawe+, warahumanije ibibanza vyawe vyeranda. Nzozana umuriro ndawukuye hagati muri wewe. Emwe, ni wo uzokurigata+. Nzokugira iminyota kw’isi, mu maso y’abakubona bose+. 19  Nayo abakuzi bose mu bisata vy’abantu, ntibazobura kukuraba bumiwe+. Uzohinduka ibica ivutu bukwi na bukwi, kandi ntuzokwongera kubaho, gushika igihe kitagira urugero+.”’” 20  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 21  “Mwana w’umuntu, erekeza mu maso hawe i Sidoni+, uvuge ubuhanuzi bwo kuhagiriza. 22  Uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye+, ewe Sidoni, ninahazwe koko hagati muri wewe+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninashitsa imanza+ muri we, nkezwa vy’ukuri muri we+. 23  Nzomurungikamwo ikiza, ndungike n’amaraso mu mabarabara yiwe+. Kandi uwugandaguwe azogwa hagati muri we agwishijwe n’inkota izomutera impande zose+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+. 24  Inzu ya Isirayeli ntizokwongera kugira igihanda c’ikigesera+ canke ihwa ribabaza biva mu bo hirya no hino bose, ababagaya; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Umukama Segaba Yehova.”’ 25  “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ninakoraniriza hamwe inzu ya Isirayeli ndayikuye mu bisata basanzarijwemwo+, nzoca nezwa vy’ukuri hagati muri bo mu maso y’amahanga+. Bazokwibera koko ku butaka bwabo+ nahaye umusavyi wanje, egome, ubwo nahaye Yakobo+. 26  Emwe, bazobwiberako mu mutekano+, bubake amazu+, batere imirima y’imizabibu+, kandi bazokwibera koko mu mutekano+ ninashitsa imanza zanje kuri abo bose babagaya bo hirya no hino yabo+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yabo.”’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.