Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 24:1-27

24  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako mu mwaka ugira icenda, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, riti:  “Mwana w’umuntu, niwiyandikire izina ry’uyu musi, uyu musi nyene. Umwami wa Babiloni yitaye kuri Yeruzalemu uyu musi nyene+.  Tunganya imvugo y’akagani ku vyerekeye ya nzu y’ingarariji+, uvuge ku biberekeye uti: “‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Shirako ya nkono y’umunwa munini; yishireko, uyisukemwo n’amazi+.  Yegeranirizemwo ibipande+, igipande ciza cose, itako n’urutugu; yuzuze mbere n’amagufa mezameza.  Nihatorwe intama nziza kuruta izindi+, kandi munsi ya nya nkono urundeyo ingegene mu muzingi. Togotesha ibipande vyayo, uteke n’amagufa yayo hagati muri yo+.”’”  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kiragowe ca gisagara c’ibikorwa vy’ugusesa amaraso+, ya nkono y’umunwa munini, ingese zayo zikaba ziri muri yo, zikaba zitayivuyemwo! Kurayo ibipande biri muri yo, kimwe ku kindi+; ntihagire ubupfindo ipfindirwako+.  Kuko amaraso yaco ari neza na neza hagati muri co+. Cayashize hejuru ku rutare hakayangana kandi hagaragara. Nticayasutse hasi, ngo apfukwe n’umukungugu+.  Kugira ngo mvyure ubushangashirwe ku bwo guhōra+, nashize amaraso yaco hejuru ku rutare hakayangana kandi hagaragara, ngo ntapfukwe+.’  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kiragowe ca gisagara c’ibikorwa vy’ugusesa amaraso+! Nanje rero ikirundo c’inkwi ngira ndakigire kinini+. 10  Gwiza ingegene. Cana umuriro. Togotesha inyama zishe zinoge. Suka umufa wose, amagufa na yo ashuhe cane. 11  Yitereke ku makara yayo igaragara kugira ngo ishuhe; umujumpu wayo utegerezwa kurungura, kandi ubuhumane bwayo butegerezwa kuyagira hagati muri yo+. Ingese zayo nizitokombere+. 12  Erega ni ukuruhira ubusa! Yarateye uburuhe, mugabo ingese zayo nyinshi ntiziyivamwo+. Yiterere mu muriro n’ingese zayo!’ 13  “‘Mu buhamane bwawe habayemwo ubushirasoni+. Ni co gituma nabwirijwe kuguhumanura, mugabo ntiwahumanutse ubuhumane bwawe+. Ntuzokwongera kuba uwuhumanutse gushika ntururuje ubushangashirwe bwanje ku bikwerekeye+. 14  Jewe Yehova ndavuze+. Ivyo bizoba ata kabuza+, kandi nzogira ico nkoze. Sinzobifata minenegwe+, eka sinzokwumva akagongwe+ canke ngo nicuze+. Bazogucira koko urubanza nk’uko inzira zawe ziri+, nk’uko kandi ivyo ukora biri,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” 15  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 16  “Mwana w’umuntu, ehe ngira nkwake ca kintu gihimbaye+ mu maso yawe biciye ku cago+; ntiwikubite ku gikiriza canke ngo urire canke ngo amosozi yawe adengere+. 17  Nunihe udakurako umunwa. Ntugandarire abapfuye+. Niwizingireko icambarwa cawe co mu mutwe+, wambare inkweto* zawe ku birenge+. Ntupfuke ubwanwa bwo haruguru+, kandi nturye umukate w’abantu+.” 18  Maze mu gitondo mbwira abantu, amaherezo ku mugoroba umugore wanje arapfa. Nuko mu gitondo nkora nk’uko nari nategetswe. 19  Hanyuma abantu baguma bambaza bati: “Mbega ivyo bintu uriko urakora ntutubwira ingene bitwerekeye+?” 20  Nanje ndababwira nti: “Ijambo rya Yehova ryanjeko, riti: 21  ‘Bwira inzu ya Isirayeli uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ngira mpumanye aheranda hanje+, ubwishime bw’inkomezi zanyu+, ca kintu gihimbara amaso yanyu+ kikaba n’ico umutima wanyu ugirira impuhwe; kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu mwasize inyuma, bazogwishwa n’inkota+. 22  Namwe muzobwirizwa kugira nk’uko nagize. Ntimuzopfuka ubwanwa bwo haruguru+, kandi ntimuzorya umukate w’abantu+. 23  Ibitambara vyanyu vyo mu mutwe bizoba ku mitwe yanyu, inkweto zanyu na zo zibe ku birenge vyanyu. Ntimuzokwikubitagura canke ngo murire+; muzobwirizwa kuborera mu makosa yanyu+, kandi ntimuzobura kuniha, umwe wese anihira uwundi+. 24  Kandi Ezekiyeli yababereye imburizi+. Muzokora ibihwanye n’ivyo yakoze vyose. Nivyashika+, muzobwirizwa rero kumenya yuko jewe ndi Umukama Segaba Yehova+.’”’” 25  “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, mbega ku musi nzobaka iboma ryabo, ca kintu ciza bigina, ca kintu gihimbara amaso yabo+ kikaba n’ico umutima wabo wipfuza, abahungu babo n’abakobwa babo+, mbega 26  kuri uwo musi si ho uwucitse kw’icumu azoza kuri wewe kugira ngo atume amatwi yumva+? 27  Kuri uwo musi akanwa kawe kazoteranurirwa uwo yacitse kw’icumu+, uvuge, ntusubire kuba ikiragi+; uzobabera koko imburizi+, kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.”

Amakuru yiyongereye

Canke, “amasandali.”