Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 22:1-31

22  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, mbega uracira urubanza+, uracira urubanza ca gisagara cagirwa n’amaraso+ kandi ukimenyeshe koko ibintu biteye ishishi vyaco vyose+?  Uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ewe wa gisagara gisesa amaraso+ hagati muri co gushika igihe caco gishitse+, kandi kikaba cakoze muri co ibigirwamana vy’umwanda kugira ngo gihumane+,  biciye ku maraso washeshe waragiriwe n’ikosa+, kandi biciye ku bigirwamana vyawe vy’umwanda wakoze, warahumanye+. Wigiza hafi imisi yawe, kandi uzoshika ku myaka yawe. Ni co gituma nzokugira iceyi ku mahanga be n’akamenyo ku bihugu vyose+.  Ibihugu biri hafi yawe n’ibiri kure yawe bizogutwengera mw’ijigo, yewe ufise izina rihumanye ukagwiza n’umuvurungano+!  Raba! Muri wewe habonetse abakuru+ ba Isirayeli, umwe wese akaba yihaye ukuboko kwiwe mu ntumbero yo gusesa amaraso+.  Muri wewe bakengereye ba se na ba nyina+. Hagati muri wewe bagiriye kavamahanga ivy’ubugunge+. Muri wewe bafashe nabi impfuvyi* n’umupfakazi+.”’”  “‘Wasuzuguye ibibanza vyanje vyeranda, uhumanya amasabato yanje+.  Muri wewe habonetse ababesheranyi katwa kugira ngo basese amaraso+; kandi muri wewe barīriye ku misozi+. Bashishikaye ubushirasoni hagati muri wewe+. 10  Muri wewe bapfukuye ubwambure bwa se w’umuntu+; muri wewe batetereje umugore yahumanijwe n’ubutinyanka bwiwe+. 11  Umuntu yakoranye n’umugore wa mugenziwe ikintu giteye ishishi+, kandi umuntu yahumanishije ubushirasoni umukazana wiwe+; kandi muri wewe umuntu yatetereje mushikiwe, umukobwa wa se wiwe+. 12  Muri wewe bakiriye igiturire kugira ngo basese amaraso+. Wakiriye inyungu+, uguranira kwunguka+, kandi mu bukazi uguma wungukira+ kuri bagenzawe ukoresheje ubugunge+, nanje ukaba waranyibagiye+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 13  “‘Kandi ehe nkubise ikiganza+ ku kindi kubera inyungu wungutse y’akarenganyo+, no kubera ibikorwa vyawe vy’ugusesa amaraso vyabonetse hagati muri wewe+. 14  Mbega umutima wawe uzoguma wihanganye+? Canke amaboko yawe azokuronsa inkomezi mu misi nzogira ico nkoze kuri wewe+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze+. 15  Nzogusanzaza mu mahanga, ngushwiragize mu bihugu+, kandi nzokuraho ubuhumane bwawe muri wewe+. 16  Ntuzobura guhumanirizwa imbere y’amaso y’amahanga, kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’” 17  Ijambo rya Yehova ribandanya kunzako, riti: 18  “Mwana w’umuntu, kuri jewe ab’inzu ya Isirayeli bacitse nk’inkamba+. Bose ni umujumpu n’ubutare bw’ibati n’icuma n’ubutare bw’isǎsu hagati mw’itanure. Bacitse inkamba nyinshi, iz’ifeza+. 19  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko mwese mwacitse nk’inkamba nyinshi+, ngira rero ndabegeranirize hamwe hagati muri Yeruzalemu+. 20  Nk’uko begeraniriza ifeza n’umujumpu n’icuma+ n’ubutare bw’isǎsu n’ubutare bw’ibati hagati mw’itanure, kugira ngo bihuhirweko+ umuriro ngo biyazwe+, ni ko nzobegeraniriza hamwe, mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje, kandi nzohuha ndabayaze. 21  Nzobakoranya, ndabahuhireko umuriro w’uburake bwanje+, muyagirizwe vy’ukuri hagati muri ico gisagara+. 22  Nk’uko ifeza iyagirizwa hagati mw’itanure, ni ko muzoyagirizwa hagati muri co; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova nabasutseko ubushangashirwe bwanje+.’” 23  Ijambo rya Yehova ribandanya kunzako, riti: 24  “Mwana w’umuntu, kibwire uti: ‘Uri igihugu kidahumanuwe, kitaguweko n’imvura ku musi w’imisibo+. 25  Hagati muri co hari umugambi mubi w’abahanuzi baco+, nk’intambwe iroha, itabagura ico icakiye+. Bararotsa umuntu vy’ukuri+. Baguma batwara itunga n’ibintu vy’agaciro+. Bagwije abapfakazi baco hagati muri co+. 26  Abaherezi baco bagiriye ivy’ubukazi itegeko ryanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibashize itandukaniro+ hagati y’ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi nta tandukaniro bamenyesheje hagati y’igihumanye n’ikidahumanye+, kandi bahishije amaso yabo amasabato yanje+, ndahumanywa hagati muri bo+. 27  Abaganwa baco hagati muri co bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye, mu gusesa amaraso+, mu guhonya abantu ngo baronke inyungu y’akarenganyo+. 28  Abahanuzi baco babahomeye ivyo bintu bakoresheje ishwagara+, berekwa ikintu kitabaho+, babaragurira ikinyoma+, ngo: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze,” kandi Yehova ubwiwe atavuze. 29  Abanyagihugu bashishikaye umugambi w’ubugunge+, bashikura ibintu mu bwambuzi+, bafata nabi umurushwa n’umworo+, bagunga kavamahanga ata butungane+.’ 30  “‘Nagumye ndondera muri bo uwusanasana uruhome rw’amabuye+, agahagarara mu gihengeri+ imbere yanje ku neza y’igihugu, kugira ngo sindagihonye+; ariko narabuze n’umwe. 31  Nzobasukako rero imisibo yanje+. Nzobatikiza n’umuriro w’uburake bwanje+. Inzira yabo nzoyibasubiza ku mutwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”