Ezekiyeli 21:1-32
21 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:
2 “Mwana w’umuntu, erekeza mu maso hawe i Yeruzalemu, utonyangishe+ amajambo uyerekeza ku bibanza vyeranda+, uvuge ubuhanuzi bwagiriza ubutaka bwa Isirayeli+.
3 Ubwire ubutaka bwa Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye+, kandi nzosokora inkota yanje mu rwubati+ rwayo, ndandure iwawe umugororotsi n’umubisha+.
4 Kugira ngo ndandure koko iwawe umugororotsi n’umubisha, ni co kizotuma inkota yanje iva mu rwubati rwayo irwanye ibiri n’umubiri vyose, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko+.
5 Kandi ibiri n’umubiri vyose bizobwirizwa kumenya yuko jewe Yehova nasokoye inkota yanje mu rwubati+ rwayo. Ntizokwongera gusubirayo+.”’
6 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, nunihe unyiganza amafyinga+. Mbere unihe mu maso yabo uri n’umururazi+.
7 Kandi nibakubaza ngo ‘Unihishwa n’iki+?’, uze ubabwire uti: ‘Nihishwa n’inkuru+.’ Kuko itazobura kuza+, kandi umutima wose ntuzobura gushonga+, amaboko yose aregere*, umushaha wose ujonjogore, n’amavi yose atonyange amazi+. ‘Raba! Ntibizobura kuza+ bigashitswa,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”
8 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:
9 “Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi, ugire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Vuga uti: ‘Inkota, inkota+! Yakarihijwe+, no gusenwa irasenywe.
10 Yakarihirijwe gutunganya ugusasika; yasenewe guca ibibatsi+.’”’”
“Canke twigine+?”
“‘Mbega iranse agakoni k’ubutware+ k’umwana wanje+, nk’uko ibigirira igiti cose+?
11 “‘Kandi iratangwa ngo isenwe, kugira ngo ikoreshwe n’ukuboko. Inkota, emwe, inkota yakarihijwe, kandi yasenywe, kugira ngo ishirwe mu kuboko kw’uwica+.
12 “‘Semerera wongere uboroge+, ewe mwana w’umuntu, kuko iyo nkota yaje kurwanya abantu banje+; irwanya abakuru ba Isirayeli bose+. Abaterewe ku nkota babaye kumwe n’abantu banje+. Ku bw’ivyo, niwikubite kw’itako+.
13 Kuko hagizwe isuzuma+; none bigende gute nimba iyo nkota yanse n’agakoni k’ubutware+? Ako ntikazobandanya kubaho+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
14 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi, ukubite ikiganza ku kindi+, kandi hasubirwemwo gatatu+ ngo ‘Inkota!’ Ni inkota y’abagandaguwe. Ni inkota y’uwagandaguwe ahambaye, iyiriko ibakikuza irya n’ino+.
15 Kugira ngo umutima ushonge+ no kugira ngo abatembagazwa ku marembo yose bagwizwe+, nzosasikisha inkota. Yoo, yakorewe guca ibibatsi, isenerwa gusasika+!
16 Erekana yuko ukarishe+; ja iburyo! Fata ikibanza; ja ibubamfu! Aho amaso yawe yerekejwe hose!
17 Nanje kandi nzokubita ikiganza ku kindi+, ntururuze+ ubushangashirwe bwanje+. Jewe Yehova, ndavuze.”
18 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:
19 “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, niwitunganirize inzira zibiri kugira ngo inkota y’umwami wa Babiloni yinjire+. Zompi zikwiye kuva mu gihugu kimwe, kandi ukwiye kubāza ikiranganzira+; gikwiye kubāzirwa ku mutwe w’inzira ija mu gisagara.
20 Ukwiye gutegura inzira kugira ngo inkota yinjire gutera i Raba+ ha bene Amoni, n’inzira yo gutera Yuda, yo gutera Yeruzalemu ikingijwe ibihome+.
21 Kuko umwami wa Babiloni yahagaze ku masanganzira, ku mutwe wa nya nzira zibiri, kugira ngo yikore ku buraguzi+. Yazungagije imyampi. Yasiguje biciye kuri terafimu*+; yaravye mu gitigu.
22 Mu kuryo kwiwe uburaguzi bwerekanye Yeruzalemu, ngo hashirweho impfizi z’intama z’indwano*+, ngo akanwa gateranurirwe ukugandagura, ngo haduzwe ijwi riba ikimenyetso c’ukugabisha+, ngo hashirweho impfizi z’intama z’indwano zo gutera amarembo, ngo haduzwe igikuta c’ugusugereza, ngo hubakwe uruhome rw’ugusugereza+.
23 Kandi kuri bo vyabaye nk’indagu y’ububeshi mu maso yabo+—ababarahiye indahiro+; kandi ariko yibukiriza ikosa+, kugira ngo bafatwe+.
24 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko mwatumye ikosa ryanyu ryibukwa biciye ku gupfukurwa kw’ibigabitanyo vyanyu, kugira ngo ibicumuro vyanyu bibonwe nk’uko ivyo mukora vyose biri, ko mwibutswe+, muzofatishwa ukuboko+.’
25 “Nayo wewe ga muntu wakomerekejwe bimwe vyo gupfa, wewe mukuru+ wa Isirayeli w’umubisha+, umusi wawe ukaba washitse mu gihe c’ikosa ry’iherezo+,
26 ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ambura igitambara co mu mutwe, ukure urugori+. Ivyo ntibizoba cokimwe+. Shira hejuru ikiri hasi+, ushire hasi uwuri hejuru+.
27 Nzokigira umusaka, umusaka, umusaka+. Ico kandi, ni ukuri nta we kizokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi sinzobura kukimuha+.’
28 “Nawe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi, ugire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku bijanye na bene Amoni no ku bijanye n’iceyi kiva kuri bo.’ Kandi uze uvuge uti: ‘Inkota, inkota yasokorewe gusasika, yasenewe kurigata, kugira ngo ice ibibatsi+,
29 kuko bakuboneye ikintu kitabaho, kubera bakuraguriye ikinyoma+, kugira ngo bagushire ku mazosi y’abagandaguwe, abantu b’ababisha, abo umusi wabo waje mu gihe c’ikosa ry’iherezo+.
30 Nuyisubize mu rwubati rwayo. Ahantu waremewe, mu gihugu c’amamuko yawe+, ni ho nzogucira urubanza.
31 Kandi nzogusukako imisibo yanje. Nzoguhuhirako umuriro w’uburake bwanje+, ndagutange mu kuboko kw’abantu b’imburabwenge, abahinga mu guhonya+.
32 Uzoba inkwi z’umuriro+. Amaraso yawe azoba hagati mu gihugu. Ntuzokwibukwa, kuko jewe Yehova mvuze+.’”
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “akoroke.”
^ Raba Inyongera ya 21.
^ Cari igikoresho c’intambara cakoreshwa mu gusenyura amarembo n’impome vy’igisagara.