Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 2:1-10

2  Araheza ambwira ati: “Mwana w’umuntu+, haguruka uhagarare ku birenge vyawe kugira ngo mvugane nawe+.”  Akimara kumvugisha+, impwemu itangura kunzamwo, amaherezo impagarika ku birenge vyanje kugira ngo numve Uwo yariko avugana nanje+.  Hanyuma ambwira ati: “Mwana w’umuntu, ndagutumye kuri bene Isirayeli+, ku mahanga y’amagarariji yangararije+. Bo ubwabo be na ba sekuruza babo barangabitanijeko gushika n’uyu musi nyene+.  Abo bana b’amaso atisonera+ kandi b’umutima ukomantaye+, ni bo ngutumyeko, kandi uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze.’  Nayo bobo, bumva+ canke batumva+—nakare ni inzu y’ingarariji+—ntibazobura kumenya rero ko umuhanuzi yabaye hagati muri bo+.  “Kandi wewe ga mwana w’umuntu, ntubatinye+; kandi ntutinye amajambo yabo, kuko hariho abantu b’intabarirwa+ be n’ibintu bikuzibura+, kandi hagati mu tumina+ akaba ari ho uba. Ntutinye amajambo yabo+, kandi mu maso habo ntihaguce ivutu+, kuko ari inzu y’ingarariji+.  Kandi uze ubabwire amajambo yanje, bumva canke batumva, kuko ari abagarariji+.  “Kandi wewe ga mwana w’umuntu, niwumve ivyo ndiko ndakubwira. Ntube umugarariji nk’iyo nzu y’ingarariji+. Asamika akanwa kawe, urye ico ngira nguhe+.”  Nuko ntangura kubona, maze ngize ntya, mbona ukuboko kuramvuye kuza iyo ndi+, kandi ngize ntya, mbona muri kwo hari umuzingo w’igitabu+. 10  Maze awuzingururira imbere yanje, kandi wari wanditseko imbere n’inyuma+; kandi muri wo hari handitsemwo uturirimbo tw’intimba, n’iminihagiro, n’amaborogo+.

Amakuru yiyongereye