Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 16:1-63

16  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Mwana w’umuntu, menyesha+ Yeruzalemu ibintu vyayo biteye ishishi+.  Uze uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye Yeruzalemu: “Amamuko yawe n’amavuka yawe ni mu gihugu c’Umunyakanani+. So yari Umwamori+, nyoko na we Umuhetikazi+.  Ku bijanye n’ivuka ryawe, ku musi wavukiyeko+, uruzogi rwawe ntirwaciwe, kandi ntiwogejwe mu mazi ngo uhumanurwe; ntiwasizwe umunyu namba, eka ntiwatekewe mu vyahi.  Nta jisho ryakwumviye akagongwe ngo ugirirwe kimwe muri ivyo bintu bitumwe n’uko ugiriwe impuhwe+, ahubwo waterewe ku gahinga kuko bakuzinutswe ku musi wavuka.  “‘“Naciye rero iruhande yawe, nkubona ukumbagara mu maraso yawe, maze nkubwira uri mu maraso yawe nti: ‘Niwibereho+!’, egome, nkubwira uri mu maraso yawe nti: ‘Niwibereho!’  Nakugize isinzi rinini cane nk’urumerera rwo mu gahinga ku buryo ugenda urakura+, ugacika uwukomeye, ukaza wambaye udusharizo twiza kuruta utundi twose+. Amabere yawe abiri yarakuze arakomera, umushatsi wawe urakura uratagarara, mu gihe wari wahoze uri amenya, uri gusa.”’  “‘Nuko nca iruhande yawe, ndakubona, kandi ehe igihe warimwo cari igihe c’uguserura urukundo+. Ni kwo guca ngusanzako impuzu* yanje+, mpfuka ubusa bwawe, nkurahira indahiro, ninjira mw’isezerano nawe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘gutyo uba uwanje+.  Vyongeye, narakwogeje n’amazi+, nkwuhagira amaraso yawe, hanyuma ngusiga amavuta+. 10  Ndaheza nkwambika impuzu ideshe+, nkwambika n’inkweto zo mu rushato rw’icogaruzi*+, nkuzingirako ilino nziza+, ngupfukisha impuzu zizimvye. 11  Maze ngushariza n’udusharizo, nkwambika ibikomo ku maboko+, n’urunigi+ mw’izosi. 12  Vyongeye, nshira ku zuru ryawe impeta yo ku zuru+, n’amahereni ku matwi yawe+, n’urugori rwiza ku mutwe wawe+. 13  Ubandanya kwishariza n’inzahabu be n’ifeza, kandi ivyambarwa vyawe vyari ilino nziza n’impuzu zizimvye be n’impuzu ideshe+. Ifu inoze n’ubuki be n’amavuta+ ni vyo warya, urahava uba mwiza, emwe, mwiza cane, amaherezo uba uwubereye ikibanza c’ubwami+.’” 14  “‘Maze izina ryawe ritangura kwamamara mu mahanga kubera ubwiza bwawe, kuko ata kanenge ryagira kubera ubwiza bwanje bwakaka nagushizeko+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” 15  “‘Mugabo waciye utangura kwizigira ubwiza bwawe+, ucika umumaraya kubera izina ryawe+, utangura no gusuka ubumaraya bwawe ku wuhita wese+, biba rwiwe. 16  Nuko ufata zimwe mu mpuzu zawe, witunganiriza ibibanza bikirurutse+ vy’amabara y’indobeke, uza uragirira ubumaraya kuri vyo+—ibintu nk’ivyo ntibibaho, kandi nta vyari bikwiye kuba. 17  Warafata ibintu vyawe vyiza bivuye mu nzahabu yanje no mw’ifeza yanje nari naguhaye+, ukihingurira ibishusho vy’umugabo+, ukagirana na vyo ubumaraya+. 18  Warafata impuzu zawe zideshe ukabipfuka, amavuta yanje n’imibavu yanje+ na vyo ukabitereka vy’ukuri imbere yavyo. 19  Umukate wanje nari naguhaye—ifu inoze n’amavuta n’ubuki nari naguhaye ngo urye+—emwe, na vyo nyene wabiteretse imbere yavyo ngo bibe akamoto karuhura+, kandi ivyo vyarabandanije kuba,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” 20  “‘Kandi warafata abahungu bawe n’abakobwa bawe wari waramvyariye+, ukabatanga bwa kimazi kuri vyo ngo barotswe+—mbega ntiwogeza aho ubumaraya bwawe? 21  Warakerera abana banje+, ukabatanga kuri vyo ubacishije mu muriro+. 22  Kandi mu bintu vyawe vyose biteye ishishi be n’ubumaraya bwawe, ntiwibutse imisi y’ubuto bwawe ca gihe wari amenya, uri gusa; wakumbagara mu maraso yawe+. 23  Nuko, inyuma y’ububi bwawe bwose (“uragowe, uragowe+,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze) 24  wiyubakira ikidunduri, witunganiriza ahantu hakirurutse mu kibanza cose ca bose+. 25  Ku mutwe wose w’inzira, warubatse ahantu hawe hakirurutse+, maze ubwiza bwawe utangura kubugira ikintu giteye ishishi+, utabururira amaguru yawe uwuhita wese+, wongera ugwiza ubumaraya bwawe+. 26  Uraheza ugirana ubumaraya na bene Misiri+, ababanyi bawe b’umubiri munini+, ubandanya kugwiza ubumaraya bwawe kugira ngo untere umwikomo. 27  Ehe rero! Ngira nkuramvurireko ukuboko kwanje+, ngabanye ingaburo yawe+, nkugabure ku cipfuzo+ c’abagore bakwanka+, abakobwa b’Abafilisitiya+, abagore bateterejwe n’inzira yawe y’ubushirasoni*+. 28  “‘Waciye ugirana ubumaraya na bene Ashuri kubera utashira ipfa+, uguma ugirana ubumaraya na bo, ariko na ho nyene ntiwashira ipfa. 29  Nuko uguma ugwiza ubumaraya bwawe ku gihugu ca Kanani+, ku Bakaludaya+; no muri ivyo nyene ntiwashize ipfa. 30  Ewe kuntu ndakwuzuriye ubushangashirwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘kuko wakoze ivyo vyose, igikorwa c’umugore+, umumaraya yiganza+! 31  Igihe wubaka ca kidunduri cawe ku mutwe w’inzira yose, ugatunganya ahantu hawe hakirurutse mu kibanza cose ca bose, na ho nyene wabaye uwutandukanye n’umumaraya mu kugaya ingero. 32  Umugore arenga ibigo atora ab’ahandi aho gutora umugabo wiwe+. 33  Ku bisanzwe, abamaraya bose barabaha impano+, mugabo wewe, ni wewe wahaye impano zawe abagukunda urukundo rukaze bose+, kandi mu bikorwa vy’ubumaraya bwawe ubaha igiturire kugira ngo baze iwawe bavuye irya n’ino+. 34  Kuri wewe, ibiba mu bumaraya bwawe ni ibihushanye n’ivy’abandi bagore, kandi nta wakoze ubumaraya nk’ukwo kwawe, mbere no mu kuntu utanga ingero kandi ata ngero wewe uba wahawe; ukwo ni ko biba mu buryo buhushanye n’ivy’abandi.’ 35  “Ku bw’ivyo ga wa mumaraya+, niwumve ijambo rya Yehova+. 36  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubera ko inambu ikaze yawe yasutswe+, n’ibihimba vyawe vy’ibanga+ bigapfukurirwa mu bumaraya bwawe ku bagukunda urukundo rukaze+ no ku bigirwamana vyawe vyose vy’umwanda biteye ishishi+, hamwe mbere n’amaraso y’abana bawe wabihaye+, 37  ngira rero nkoranirize hamwe abagukunda urukundo rukaze bose wahimbara, be n’abo wakunda bose, hamwe n’abo wanka bose, ndabakoranirize hamwe bakwereke bavuye irya n’ino, ndabapfukurire ibihimba vyawe vy’ibanga, babone koko ibihimba vyawe vyose vy’ibanga+. 38  “‘Kandi nzogucira urubanza ruhwanye n’imanza zicirwa abagore barenga ibigo+ be n’abagore basesa amaraso+, nguhe amaraso y’ubushangashirwe n’ishari+. 39  Kandi nzogutanga mu kuboko kwabo, na bo ntibazobura gusambura ikidunduri cawe+, kandi ahantu hawe hakirurutse ntihazobura gusiturirwa hasi+; emwe, bazogukoba impuzu zawe+, batware ibintu vyawe vyiza+, bagusige amenya, uri gusa. 40  Bazokudugira ari ishengero+, bagutere amabuye+, bagukereze inkota zabo+. 41  Kandi bazoturira amazu yawe n’umuriro+, bashitse imanza muri wewe mu maso y’abagore benshi+; kandi nzotuma udasubira kuba umumaraya+, eka mbere nta ngero uzosubira gutanga. 42  Nzotururiza ubushangashirwe bwanje muri wewe+, kandi ishari ryanje rizokuvako ata kabuza+; nzoguma ntekereje, kandi sinzokwongera kwumva ntewe umwikomo.’ 43  “‘Ko utibutse imisi y’ubuto bwawe+, ukantera kubura amahoro kubera ivyo bintu vyose+, ehe nanje rero nzoshira inzira yawe ku mutwe wawe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘kandi ntuzogenda ushishikaye kugira ubushirasoni na bumwe hambavu y’ibintu vyawe vyose biteye ishishi. 44  “‘Raba! Uwugucako umugani wese+ azoca uyu mugani ngo: “Umukobwa ni nyina ku gasaka+!” 45  Uri umukobwa wa nyoko wawe+, uwazinutswe umugabo wiwe+ n’abana biwe. Uri mwene wabo n’abakobwa muvukana bazinutswe abagabo babo n’abana babo. Nyoko wanyu yari Umuhetikazi+, so na we Umwamori+.’” 46  “‘Mukurwawe ni Samariya+ be n’ibisagara bihakukira+, uwuba ibubamfu bwawe; murumunawe na we, uwuba iburyo bwawe, ni Sodomu+ be n’ibisagara bihakukira+. 47  Kandi inzira zabo si zo wagendeyemwo, eka ntiwisunze ibintu vyabo biteye ishishi+. Mu kanya gato cane, mu nzira zawe zose watanguye mbere gukora ibigukwegera guhona kuruta uko bo bakoze+. 48  Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘Sodomu mwene wanyu, we hamwe n’ibisagara bihakukira, ntiyakoze nk’ivyo wakoze, wewe n’ibisagara bigukukira+. 49  Raba! Ikosa rya Sodomu mwene wanyu ryari iri: Ubwishime+, ukugira umukate uhagije+ be n’ukutagira ico yinona+ kubera ukuguma atekanye, ni vyo vyamuranga, we hamwe n’ibisagara bimukukira+, kandi ntiyakomeza ukuboko kw’umurushwa+ be n’ukw’umworo+. 50  Babandanije kwibona+, bashishikara gukora ikintu giteye ishishi imbere yanje+; amaherezo narabavanyeho, uko nabona ko bibereye+. 51  “‘Nayo Samariya+, ntiyacumuye ngo ishikane no ku ca kabiri c’ibicumuro vyawe, mugabo wewe wagumye ubarusha kugwiza ibintu vyawe biteye ishishi, ku buryo watumye benewanyu baboneka ko bagororotse kubera ibintu vyawe vyose biteye ishishi washishikaye gukora+. 52  Nawe rero, uzokwikorera agateterwe kawe niwaburanira bene wanyu. Kubera ibicumuro vyawe wakoreyemwo ibiteye ishishi kuruta ivyo bakoze, barakurusha kuba abagororotsi+. Nawe rero, numaramare, wikorere agateterwe kawe, kuko utuma bene wanyu baboneka ko bagororotse.’ 53  “‘Nzokoranya abagizwe imbohe babo+, abagizwe imbohe ba Sodomu be n’ab’ibisagara bihakukira, be n’abagizwe imbohe ba Samariya be n’ab’ibisagara bihakukira; nzokoranya kandi abagizwe imbohe bawe hagati muri bo+, 54  kugira ngo wikorere agateterwe kawe+; kandi uzokwumva uteterewe kubera ivyo wakoze vyose, kuko wabahojeje+. 55  Kandi bene wanyu, Sodomu be n’ibisagara bihakukira, bazosubira uko bahora, na Samariya be n’ibisagara bihakukira basubire uko bahora; na wewe ubwawe be n’ibisagara bigukukira muzosubira uko mwahora+. 56  Kandi Sodomu mwene wanyu ntiyabaye ikintu umuntu yokwirirwa arumva mu kanwa kawe ku musi w’ubwishime bwawe+, 57  imbere y’uko ububi bwawe bushirwa ahabona+, nka ca gihe c’iceyi c’abakobwa ba Siriya+ n’ic’abari bamukikuje bose, ari bo bakobwa b’Abafilisitiya+, bamwe bagufatana akagaye impande zose+. 58  Ubushirasoni bwawe+ be n’ibintu biteye ishishi vyawe, uzovyikorera wewe ubwawe+,’ ni ko Yehova avuze.” 59  “Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nanje rero nzokugirira nk’uko wagize+, kuko wasuzuguye indahiro mu kurenga kw’isezerano ryanje+. 60  Kandi jewe sinzobura kwibuka isezerano ryanje nagiranye nawe mu misi y’ubuto bwawe+, ngushingire isezerano ryamaho igihe kitagira urugero+. 61  Nawe uzokwibuka koko inzira zawe+ wumve uteterewe niwākira bene wanyu, abakuruta hamwe n’abo uruta; kandi sinzobura kubaguha ngo bakubere abakobwa+, ariko bitavuye kw’isezerano ryawe+.’ 62  “‘Kandi jewe nzoshinga isezerano ryanje hamwe nawe+; kandi uzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova, 63  kugira ngo wibuke, umaramare vy’ukuri+, ntiwongere kugira imvo n’imwe yo guteranura akanwa+ kubera uguteterwa kwawe, ninagutangira impongano*+ ku vyo wakoze vyose,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”
Ni icogaruzi citwa ifoke (phoque).
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.