Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 13:1-23

13  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi ku bijanye n’abahanuzi ba Isirayeli bavuga ubuhanuzi+, ubwire abavuga ubuhanuzi buvuye mu mutima wabo bwite, uti+: ‘Nimwumve ijambo rya Yehova+.  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Baragowe abahanuzi b’ibijuju+ bagenda bakurikira umutima wabo bwite+, kandi ata co babonye+!  Abahanuzi bawe bacitse nk’imbwebwe mu bibanza vyatikijwe, ewe Isirayeli+!  Ntimuzogenda muduze ngo muje mu bihengeri+ canke ngo mwubakire uruhome rw’amabuye+ inzu ya Isirayeli, kugira ngo muhagarare mu rugamba ku musi wa Yehova+.”  “Beretswe ivy’ububeshi be n’indagu y’ikinyoma+, abavuga ngo: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze,’ kandi Yehova ubwiwe atabatumye, bakarindira ko hagira ijambo riranguka+.  Mbega ntimweretswe iyerekwa ry’ububeshi, mukavuga indagu y’ikinyoma, ngo: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze,’ kandi jewe ata co navuze+?”’  “‘Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “‘Ko mwavuze ivy’ububeshi, mukerekwa ikinyoma, ni co gituma ngira ndabarwanye+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”  Ukuboko kwanje kuje kurwanya abahanuzi berekwa ivy’ububeshi, bakaragura ivy’ikinyoma+. Ntibazobandanya kuba mu mugwi w’abagenzi somambike+ w’abantu banje, kandi ntibazokwandikwa mu gitabu c’inzu ya Isirayeli+, kandi ntibazoza ku butaka bwa Isirayeli+ kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Umukama Segaba Yehova+, 10  kuko, egome, kuko bahubije abantu banje, bakavuga ngo: “Hari amahoro!” kandi ata mahoro ahari+, hakaba kandi uwubaka urusika, mugabo abaruhomesha ishwagara+ bakaruhomera ubusa+.’ 11  “Bwira abaruhomesha ishwagara yuko ruzogwa. Ntihazobura kugwa imvura y’isegenya isegenyuka; namwe mwa minana y’urubura, muzogwa, kandi uguhuhuta kw’ibirura vy’umuyaga kuzotuma haba ugusaduka+. 12  Kandi, ehe uruhome ruzogwa ata kabuza. Mbega ntimuzobazwa ngo: ‘Ibihomesho mwaruhomesheje biri hehe+?’ 13  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nzotuma kandi haduka uguhuhuta kw’ibirura vy’umuyaga mu bushangashirwe bwanje; kandi mw’ishavu ryanje hazoza imvura y’isegenya isegenyuka, mu bushangashirwe habe iminana y’urubura yo gutikiza+. 14  Nzosenyura uruhome mwahometseko ishwagara, rushike hasi, kandi umushinge warwo uzoja ahabona koko+. Ntikizobura gutemba, kandi muzotegerezwa guherengeterera hagati muri co; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’ 15  “‘Nzorangiriza ubushangashirwe bwanje kuri urwo ruhome no ku baruhomesha ishwagara, ndababwire nti: “Rwa ruhome ntirukiriho, kandi n’abaruhoma ntibakiriho+, 16  ari bo ba bahanuzi ba Isirayeli bavuga ubuhanuzi kuri Yeruzalemu, bakerekwa iyerekwa ry’amahoro ku bwaho+, kandi ata mahoro ahari,”’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+. 17  “Nayo wewe ga mwana w’umuntu, rabisha mu maso hawe+ ku bakobwa b’igisata cawe bariko bakora bwa bahanuzikazi+ bavyigeneye mu mutima wabo bwite+, uvuge ubuhanuzi bubagiriza. 18  Uze uvuge uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Baragowe abagore bashona udutambara ku nkokora zose, bagahingura ivyitwikiro ku mutwe w’urugero rwose kugira ngo bahige ubuzima bw’abantu+! Mbe ga mwa bagore mwe, muhiga ubuzima bw’abantu banje, ubwanyu bukaba ari bwo muzigama? 19  Mbega mumpumanye ku bantu banje kubera amashi ya sayiri no kubera ibimanyu vy’umukate+, kugira ngo mwice abatari bakwiye gupfa+ no kugira ngo muzigamire ubuzima abatari bakwiye kubaho, mu kubwira ikinyoma abantu banje, abumviriza ikinyoma+?”’ 20  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ngira ndwanye udutambara twanyu, utwo mukoresha mu guhiga ubuzima bw’abantu nk’aho vyoba ari ibiguruka, kandi nzodutantamura ndadukure ku maboko yanyu, ndeke abo muhiga bigire, abo muhiga nk’aho vyoba ari ibiguruka+. 21  Nzoshikura ivyitwikiro vyanyu, ndokore abantu banje mu kuboko kwanyu, kandi mu kuboko kwanyu ntibazokwongera kuba icafashwe mu ruhigi; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+. 22  Kubera ko mwateye umutima w’umugororotsi kujonjogora mukoresheje ikinyoma+, kandi jewe ata mubabaro nari namuteje, mugakomeza amaboko y’umubisha+ ku buryo adahindukira ngo ave mu nzira yiwe mbi kugira ngo azigamirwe ubuzima+, 23  ni co gituma, mwa bagore, mutazoguma mwerekwa ivy’ububeshi+, kandi nta ndagu+ muzosubira+ kuragura+; nzorokora abantu banje mu kuboko kwanyu+, kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”

Amakuru yiyongereye