Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 12:1-28

12  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti:  “Mwana w’umuntu, uba hagati mu nzu y’ingarariji+, mu bafise amaso yo kubona mugabo bakaba vy’ukuri batabona+, bafise amatwi yo kwumva mugabo bakaba vy’ukuri batumva+, kuko ari inzu y’ingarariji+.  Nayo wewe ga mwana w’umuntu, niwitunganirize umuzigo w’ubunyagano, uheze uje mu bunyagano ku murango bakubona, egome, uje mu bunyagano uve ahantu hawe uje ahandi, bakubona. Hari aho bobibona, naho abo ari inzu y’ingarariji+.  Kandi uze usohore umuzigo wawe nka kurya kw’umuzigo w’ubunyagano, ku murango bakubona, hanyuma wewe ubwawe usohoke ku mugoroba bakubona, nk’abasohowe ngo bajanwe mu bunyagano+.  “Niwitoborere inzira mu ruhome bakubona, uwusohore uwucishije ng’aho+.  Uwutware ku rutugu bakubona. Uwusohore mu mwiza. Wipfuke mu maso kugira ngo ntubone isi, kuko nakugize imburizi+ ku nzu ya Isirayeli+.”  Nuko nkora nk’uko nari ntegetswe+. Nsohora ku murango umuzigo wanje, nka kurya kw’umuzigo w’ubunyagano; ku mugoroba na ho, nitoborera inzira mu ruhome n’ukuboko. Ndawusohora mu mwiza, ndawutwara ku rutugu bambona.  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako mu gitondo, riti:  “Mwana w’umuntu, mbega ab’inzu ya Isirayeli, ya nzu y’ingarariji+, ntibakubajije bati: ‘Ivyo ukora ni ibiki?’ 10  Ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ku bijanye n’umukuru+, ng’iri ijambo rimenyeshejwe kuri Yeruzalemu n’inzu yose ya Isirayeli iri hagati muri bo.”’ 11  “Uvuge uti: ‘Ndi imburizi+ kuri mwebwe. Nk’uko nagize, ni ko bazogirirwa. Bazoja mu bunyagano, baje kugirwa imbohe+. 12  Ku bijanye n’uwo mukuru ari hagati muri bo, azotwara umuzigo ku rutugu mu mwiza, aheze asohoke; bazotobora mu ruhome kugira ngo uwo muzigo usohorwe ucishijwe ng’aho+. Azokwipfuka mu maso kugira ngo ntaboneshe isi ijisho ryiwe.’ 13  Kandi nzosanza vy’ukuri urusenga rwanje hejuru yiwe, afatirwe mu rusenga rwanje rw’uruhigi+; nzomuzana i Babiloni, mu gihugu c’Abakaludaya+, mugabo ntazokibona; kandi aho ni ho azopfira+. 14  Kandi abari irya n’ino yiwe bo kumutabara, be n’inteko ziwe zose, nzobasanzariza mu miyaga yose+; kandi nzosokora inkota inyuma yabo+. 15  Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova ninabashwiragiriza mu mahanga, nkabasanzariza koko mu bihugu+. 16  Nzosigaza muri bo abantu bakeyi bazoba bacitse ku nkota+, ku kigoyi no ku kiza, kugira ngo badonde ibintu biteye ishishi vyabo+ vyose mu mahanga bazojamwo+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.” 17  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 18  “Mwana w’umuntu, uzorya umukate wawe ujugumira, unywe amazi yawe uhagaritse umutima kandi uri n’amaganya+. 19  Kandi uze ubwire abanyagihugu uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye ababa i Yeruzalemu ku butaka bwa Isirayeli+: “Bazorya umukate wabo bari n’amaganya, banywe amazi yabo bari n’ikinya, kugira ngo igihugu caho gisigwe ari umusaka, cakwe ibicuzuyemwo vyose+, kubera ubukazi bw’abakibamwo bose+. 20  Kandi ibisagara bibamwo abantu bizotikizwa+, n’igihugu ubwaco gicike igiharabuga gusa+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.”’” 21  Ijambo rya Yehova rinzako kandi, riti: 22  “Mwana w’umuntu, mbega iyi mvugo y’akagani mufise ku butaka bwa Isirayeli ni nyabaki+, ngo: ‘Imisi ibaye myinshi+, kandi ukwerekwa kwose kwazimanganye+’? 23  Nubabwire rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Sinzobura guhagarika iyo mvugo y’akagani, kandi muri Isirayeli ntibazokwongera kuyivuga nk’umugani+.”’ Mugabo ubabwire uti: ‘Imisi iregereje+, be n’ibiri mw’iyerekwa ryose.’ 24  Kuko hatazokwongera kubaho ukwerekwa na kumwe ata co kumaze+ canke indagu y’ububeshi hagati mu nzu ya Isirayeli+. 25  ‘“Kuko jewe Yehova, nzovuga ijambo nzovuga, kandi rizoshitswa+. Ntihazokwongera kuba ukwigiza inyuma+, kuko mu misi yanyu+ ga yemwe nzu y’ingarariji, nzovuga ijambo kandi nkarishitsa koko,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’” 26  Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 27  “Mwana w’umuntu, ehe ab’inzu ya Isirayeli bariko bavuga ngo: ‘Ivyo yerekwa ni ivy’imisi ya kure, kandi ariko avuga ubuhanuzi bw’ibihe vya kure+.’ 28  Babwire rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “‘Ntihazokwongera kuba ukwigiza inyuma ku bijanye n’amajambo yanje ayo ari yo yose+. Ijambo nzovuga, rizoshitswa koko+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.”’”

Amakuru yiyongereye