Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 11:1-25

11  Maze impwemu+ iranterura+, inzana kw’irembo ryo mu buseruko ry’inzu ya Yehova riraba amaja mu buseruko+, maze ngize ntya, mbona mu bwinjiriro bwa nya rembo hari abagabo mirongo ibiri na batanu+, mbona kandi hagati muri bo Yayazaniya mwene Azuri na Pelatiya mwene Benaya, abaganwa b’ico gisata+.  Araheza ambwira ati: “Mwana w’umuntu, aba ni ba bagabo bategura umugambi mubi, bakaja inama mbi zo kugirira nabi iki gisagara+;  bakavuga ngo: ‘Mbega ukwubaka amazu ntikuri hafi+? Iki gisagara ni inkono y’umunwa munini+, natwe tukaba inyama.’  “Vuga rero ubuhanuzi bubagiriza. Vuga ubuhanuzi, ewe mwana w’umuntu+!”  Maze impwemu ya Yehova ingwako+, hanyuma yongera kumbwira ati: “Vuga uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Mwavuze vyo, ewe nzu ya Isirayeli; nayo ibiza mu mutima wanyu*, jewe ndabizi+.  Mwagwije abagandaguwe banyu muri iki gisagara, mwuzuza amabarabara yaco abagandaguwe+.”’”  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ku bijanye n’abagandaguwe banyu mwashize hagati muri co, abo ni bo nyama+, na co kikaba inkono y’umunwa munini+; kandi mwebwe muzokurwa hagati muri co+.’”  “‘Mwatinye inkota+, nanje inkota ni yo nzobazanako,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.  ‘Kandi sinzobura kubakura hagati muri co, ndabatange mu kuboko kw’ab’ahandi+, ndabashitseko imanza+. 10  Inkota ni yo izobagwisha+. Ku mupaka wa Isirayeli+ ni ho nzobacira urubanza; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+. 11  Ico gisagara ntikizobabera inkono y’umunwa munini+, kandi namwe ntimuzoba inyama hagati muri co. Ku mupaka wa Isirayeli ni ho nzobacira urubanza, 12  kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova, kuko mutagendeye mu ngingo nyobozi zanje, ntimukore ibihuye n’imanza zanje+, mugabo mugakora ibihuye n’imanza z’amahanga abakikuje+.’” 13  Maze nkimara kuvuga ubuhanuzi, Pelatiya mwene Benaya arapfa+, ndaheza ngwa nubamye, nsemerera n’ijwi rirenga+ nti: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova+! Mbega ugira utikize abasigaye ba Isirayeli+?” 14  Nuko ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 15  “Mwana w’umuntu, ku bijanye na bene wanyu+, bene wanyu, abitaho uburenganzira bwawe bw’ugucungura, n’inzu yose ya Isirayeli, yose uko ingana, ni bo ababa i Yeruzalemu babwiye ngo: ‘Nimuje kure ya Yehova. Ni rwacu; igihugu twaragihawe ngo tucigabire+’; 16  vuga rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Naho nabashize kure mu mahanga, kandi naho nabasanzarije mu bihugu+, nzobabera aheranda akanya gatoyi mu bihugu bagiyemwo+.”’ 17  “Vuga rero uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nzobegeranya kandi ndabakuye mu bisata vy’abantu, ndabakoranye ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, kandi nzobaha ubutaka bwa Isirayeli+. 18  Kandi ntibazobura kujayo, bakureyo ibintu bisesemye vyaho vyose n’ibintu biteye ishishi vyaho vyose+. 19  Nzobaha umutima umwe+, nshire muri bo impwemu nshasha+; kandi nzokura mu mubiri wabo umutima w’ibuye+, ndabahe umutima w’inyama+, 20  kugira ngo bagendere mu vyagezwe vyanje, bagumye ingingo zanje z’ubutungane bongere bazishitse vy’ukuri+, kandi babe abantu banje koko+, nanje mbe Imana yabo+.”’ 21  “‘“Nayo ab’umutima ugendera mu bintu vyabo bisesemye no mu bintu vyabo biteye ishishi+, inzira yabo sinzobura kuyizana ku mutwe wabo,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.’” 22  Maze ba bakerubi+ baduza amababa yabo, kandi amakurudumu yari hafi iruhande yabo+, kandi ubuninahazwa+ bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo, buvuye hejuru+. 23  Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ buraduga buvuye hejuru yo hagati mu gisagara, buhagarara hejuru y’umusozi+ uri mu buseruko bw’igisagara+. 24  Maze impwemu+ iranterura+, amaherezo inzana i Kaludaya ku bajanywe mu bunyagano+, ndi mu vyo nerekwa n’impwemu y’Imana; nuko iryo yerekwa nari nabonye riraduga, rimvako. 25  Nca ntangura kubwira abajanywe mu bunyagano ibintu vya Yehova vyose, ivyo yari yampaye kubona+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “mu mpwemu yanyu.”