Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Ezekiyeli 1:1-28

1  Mu mwaka ugira mirongo itatu, mu kwezi kugira kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, igihe nari hagati mu bajanywe mu bunyagano+, hafi y’uruzi Kebari+, amajuru yarugurutse+ maze ntangura kubona ivyo nerekwa n’Imana+.  Ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, ni ukuvuga mu mwaka ugira gatanu Umwami Yehoyakini+ ajanywe mu bunyagano,  ijambo rya Yehova ryaje+ neza na neza kuri Ezekiyeli+ mwene Buzi umuherezi mu gihugu c’Abakaludaya+, iruhande y’uruzi Kebari, kandi ukuboko kwa Yehova kuba kuri we aho hantu+.  Hanyuma nza mbona umuyaga w’igihuhusi+ uje uva mu buraruko, igicu kinini+ n’umuriro urabagiza+, kandi carakaka irya n’ino, hagati muri wo hakavamwo ikintu kimeze nk’ishusho y’uruvange rw’inzahabu n’ifeza, kiva hagati muri nya muriro+.  Kandi hagati muri wo hari ibisa n’ibinyabuzima bine+, kandi uku ni ko vyasa: vyasa n’umuntu yakuwe mw’ivu.  Kimwe cose cari gifise mu maso hane+, kimwe cose muri vyo kikagira amababa ane+.  Ibirenge vyavyo vyari bigororotse, kandi mu bworo bw’ibirenge havyo hari nk’ah’inyana+; kandi vyarakayangana nk’uguca ibibatsi kw’umujumpu usenye+.  Munsi y’amababa yavyo hari amaboko y’umuntu ku mpande zavyo zine+, kandi uko ari bine vyari bifise mu maso havyo n’amababa yavyo+.  Amababa yavyo yarakoranako. Bigiye ntivyakata; vyagenda kimwe cose gitumbereye imbere+. 10  Kandi uko mu maso havyo hasa, uko ari bine vyari bifise mu maso h’umuntu+, bikagira mu maso h’intambwe+ iburyo+, kandi uko ari bine vyari bifise mu maso h’ishūri+ ibubamfu+; uko ari bine kandi vyari bifise mu maso h’inkona+. 11  Ukwo ni ko mu maso havyo hari hameze. Amababa yavyo+ yari ashanje yerekeza hejuru. Kimwe cose cari gifise abiri akoranako, yandi abiri agapfuka imibiri yavyo+. 12  Kandi vyagenda kimwe cose gitumbereye imbere+. Aho impwemu yaba igomvye kuja hose, ni ho vyaja+. Bigiye ntivyakata+. 13  Kandi uko nya binyabuzima vyasa, ishusho yavyo yari nk’amakara yaka umuriro+. Ikintu kimeze nk’ishusho y’ibimuri+ caza kiragenda kigaruka hagati ya nya binyabuzima, kandi nya muriro warakaka, muri nya muriro hakavamwo imiravyo+. 14  Kandi nya binyabuzima vyaza biragenda vyongera bigaruka, bikaboneka nk’umuravyo+. 15  Ngumye nitegereza nya binyabuzima, nza mbona ikurudumu imwe kw’isi iruhande ya nya binyabuzima+, hafi yo mu maso hane ha kimwekimwe cose+. 16  Kandi ishusho y’amakurudumu+ n’inyubako yayo, kwari nk’uguca ibibatsi kw’ibuye rya kirisolito+; kandi uko ari ane yarasa. Kandi ishusho yayo n’inyubako yayo vyari nka kurya nyene kw’ikurudumu iri hagati mu yindi+. 17  Agiye yagenda ku mpande zayo uko ari zine+. Kandi agiye ntiyahindukirira ahandi+. 18  Nayo amaringi yayo, yari afise uburebure bw’amahagarara bunini ku buryo yari ateye ubwoba; kandi amaringi yayo yari yuzuye amaso ayazungurutse yose uko ari ane+. 19  Igihe nya binyabuzima bigiye, nya makurudumu yagendera iruhande yavyo, igihe na ho bidugijwe bikava kw’isi, na nya makurudumu yaraduzwa+. 20  Aho impwemu igomvye kuja hose, ni ho vyaja, ari ho impwemu igomvye kuja; kandi nya makurudumu yaraduzwa hafi iruhande yavyo, kuko impwemu y’ikinyabuzima yari mu makurudumu. 21  Bigiye, na yo yaragenda; kandi bihagaze, na yo yarahagarara; kandi iyo bidugijwe bikava kw’isi, nya makurudumu yaraduzwa hafi iruhande yavyo, kuko impwemu y’ikinyabuzima yari mu makurudumu+. 22  Kandi hejuru y’imitwe ya nya binyabuzima hari ikimeze nk’ikirere+ gisa n’uguca ibibatsi kw’ibarafu iteye ubwoba, gishanje hejuru y’imitwe yavyo+. 23  Kandi amababa yavyo yari agororotse munsi ya nya kirere, rimwe rirabana n’irindi. Kimwe cose cari gifise amababa abiri apfutse imibiri yavyo hino, kandi kimwe cose kikagira abiri apfutse hirya. 24  Hanyuma bigiye, numva ijwi ry’amababa yavyo, ijwi nk’iry’amazi menshi+, rimeze nk’ijwi rya Mushoboravyose, nk’ijwi ry’uruhagarara+, nk’ijwi ry’ikambi+. Iyo bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo. 25  Maze humvikana ijwi hejuru ya nya kirere cari hejuru y’umutwe wavyo. (Iyo bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo.) 26  Hejuru y’ico kirere cari hejuru y’umutwe wavyo hari ikintu gisa n’ishusho y’ibuye rya safiro+, kimeze nk’intebe y’ubwami+. Kandi hejuru, kuri nya kintu kimeze nk’intebe y’ubwami hari uwufise ishusho nk’iy’umuntu yakuwe mw’ivu+. 27  Hanyuma mbona ikintu kimeze nk’uguca ibibatsi kw’uruvange rw’inzahabu n’ifeza+, nk’ishusho y’umuriro irya n’ino imbere muri co+, uhereye kw’ishusho y’amafyinga yiwe kuduga; kandi uhereye kw’ishusho y’amafyinga yiwe kumanuka, mbona ikintu kimeze nk’ishusho y’umuriro, kandi yarakaka irya n’ino. 28  Hari ikintu kimeze nk’ishusho y’umuheto+ uza mu gicu ku musi imvura icuncubuka. Ukwo ni ko ishusho ya nya kwakaka yari imeze impande zose. Yari ishusho y’ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova busa+. Ndabibonye, nca ngwa nubamye+, maze numva ijwi ry’uwuvuga.

Amakuru yiyongereye