Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Esiteri 9:1-32

9  Nuko mu kwezi kugira cumi na kabiri, ari kwo kwezi kwa Adari+, ku musi wakwo ugira cumi na gatatu, igihe ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyategerezwa gushitswa+, umusi abansi b’Abayuda bari bararindiriye kugira ngo biganze kuri bo, haba igihushane, Abayuda baba ari bo biganza ku babanka+.  Abayuda bakoranira+ mu bisagara vyabo mu ntara z’ubutware zose z’Umwami Ahasuwerusi+ kugira bashorere ukuboko ku barondera kubagirira nabi+, ntihagira umuntu abahagarara imbere, kuko ibisata vy’abantu vyose vyari bisigaye bibafitiye ubwoba+.  Nuko abaganwa bose+ b’intara z’ubutware n’abakuru b’intara+ na ba buramatari n’abakora ibikorwa+ vy’umwami basahiriza Abayuda, kuko bari basigaye bafitiye ubwoba+ Morudekayi.  Kuko Morudekayi yari ahambaye+ mu nzu y’umwami, ukuba rurangiranwa kwiwe+ na kwo kukaba kwariko gukwiragira mu ntara z’ubutware zose, kubera ko uwo mugabo Morudekayi yaguma arushiriza kuba uwuhambaye+.  Nuko Abayuda baririka abansi babo bose babasasikisha inkota+, barabica, barabatikiza; ababanka babagira uko bagomba+.  Ku kirimba Shushani+, Abayuda barica, barandura abagabo amajana atanu.  Vyongeye, bica Parishanidata na Dalufoni na Asupata  na Porata na Adaliya na Aridata  na Parumashita na Arisayi na Aridayi na Vayizata, 10  abahungu cumi+ ba Hamani+ mwene Hamedata, umwe yanka Abayuda+; mugabo ntibashorera ukuboko kwabo kw’isahu+. 11  Kuri uwo musi igitigiri c’abishwe ku kirimba Shushani gishika imbere y’umwami. 12  Maze umwami abwira Esiteri umwamikazi+ ati: “Ku kirimba Shushani+ Abayuda bishe, kandi baranduye abagabo amajana atanu na ba bahungu cumi ba Hamani. Mu ntara z’ubutware+ z’umwami zisigaye, bakoze iki+? Ugomba iki? Uragihabwa+. Ikindi usaba ni igiki+? Kirakorwa.” 13  Nuko Esiteri avuga ati: “Nimba umwami abona ko ari vyiza+, ejo na ho nyene Abayuda bari i Shushani nibemererwe kugira nk’uko itegeko ry’uno musi riri+; kandi abahungu cumi ba Hamani bamanikwe ku giti+.” 14  Umwami aca avuga yuko bikorwa gutyo nyene+. Maze hatangwa itegeko i Shushani, abahungu cumi ba Hamani baramanikwa. 15  Abayuda bari i Shushani bakoranira hamwe no ku musi ugira cumi na kane+ w’ukwezi kwa Adari, bica i Shushani abagabo amajana atatu; mugabo ntibashorera ukuboko kwabo kw’isahu+. 16  Abasigaye mu Bayuda bari mu ntara z’ubutware+ z’umwami na bo bakoranira hamwe, barirwanira+, bihora+ abansi babo, bica mu babanka abantu ibihumbi mirongo irindwi na bitanu; mugabo ntibashorera ukuboko kwabo kw’isahu, 17  ivyo biba ku musi ugira cumi na gatatu w’ukwezi kwa Adari; ku musi ugira cumi na kane wakwo haba akaruhuko, maze bawugira umusi wo kwihereza inzimano+ n’uwo kunezerwa+. 18  Nayo Abayuda bari i Shushani, bakoranira hamwe ku musi ugira cumi na gatatu+ w’ukwo kwezi no ku musi ugira cumi na kane wakwo, maze haba akaruhuko ku musi ugira cumi na gatanu wakwo, bawugira umusi wo kwihereza inzimano n’uwo kunezerwa+. 19  Ni co gituma Abayuda bo mu gihugu hagati, ababa mu bisagara vy’intara za kure, umusi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa Adari+ bawugize umusi wo kunezerwa+ n’uwo kwihereza inzimano, umusi mwiza+ n’umusi wo kurungikiranira ingemu+. 20  Nuko Morudekayi+ yandika ivyo bintu maze arungikira inzandiko Abayuda bose bari mu ntara z’ubutware zose+ z’Umwami Ahasuwerusi, iza hafi n’iza kure, 21  kugira ngo abategeke+ kwama bahimbaza umusi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa Adari be n’umusi ugira cumi na gatanu wakwo, buri mwaka, 22  bisunze imisi Abayuda bari baruhutse abansi babo+ be n’ukwezi aho ibintu vyahindutse kuri bo bakava mu ntuntu bakaja mu munezero, bakava mu kugandara+ bakaja mu musi mwiza, kugira ngo bayihimbaze nk’imisi yo kwihereza inzimano n’iyo kunezerwa n’iyo kurungikiranira ingemu+ n’iyo kurungikira ingabirano aboro+. 23  Abayuda bemera ivyo bari batanguye kugira be n’ivyo Morudekayi yari yabandikiye. 24  Kuko Hamani+ mwene Hamedata+, Umwagagi+, umwe yanka+ Abayuda bose, yari yateguriye Abayuda umugambi wo kubarandura+, akaba yari yategetse ko baterera Puri+ ari bwo Bupfindo+, kugira abadurumbanye yongere abarandure. 25  Mugabo aho Esiteri aziye imbere y’umwami, umwami avuga biciye ku rwandiko+ ati: “Umugambi wiwe mubi+ yateguye ngo agirire nabi Abayuda nusubire ku mutwe wiwe+”; nuko we n’abahungu biwe babamanika ku giti+. 26  Ni co catumye iyo misi bayita Purimu, bafatiye kw’izina Puri+. Ku bw’ivyo rero, bisunze amajambo yose yo muri iryo kete+ be n’ivyo bari barabonye ku bijanye n’ivyo be n’ivyari vyabashikiye, 27  Abayuda baritegeka bongera baremanga ku bwabo no ku bw’uruvyaro rwabo no ku bw’abokwifatanije na bo bose+ yuko bazokwama bahimbaza iyo misi ibiri bisunze ivyanditswe ku biyerekeye kandi bisunze igihe cayo cashinzwe, buri mwaka, ico kikazoba ikintu c’intahava. 28  Kandi iyo misi yabwirizwa kwibukwa ikongera igahimbazwa iyaruka ku rindi, mu muryango umwumwe wose, mu ntara y’ubutware imwimwe yose no mu gisagara kimwekimwe cose, kandi iyo misi ya Purimu ntiyovuyeho mu Bayuda kandi kuyihimbaza+ ntivyokwigeze bihagarara mu ruvyaro rwabo. 29  Nuko Esiteri umwamikazi, umukobwa wa Abihayili+, na Morudekayi Umuyuda barandika mu bubasha bwose kugira ngo bemeze iryo kete rigira kabiri rijanye na Purimu. 30  Maze Morudekayi arungikira inzandiko Abayuda bose muri za ntara z’ubutware ijana na mirongo ibiri n’indwi+, akarere Ahasuwerusi+ atwara, mu majambo y’amahoro kandi y’ukuri+, 31  kugira ngo yemeze iyo misi ya Purimu mu bihe vyayo vyashinzwe, nk’uko Morudekayi Umuyuda na Esiteri umwamikazi bari babategetse+, kandi nk’uko bari bitegetse ivy’ukwisonzesha+ n’ugutabaza kwabo+, bakabitegeka n’uruvyaro rwabo+. 32  Nuko ijambo rya Esiteri ryemeza ivyo bintu bijanye na Purimu+, biraheza vyandikwa mu gitabu.

Amakuru yiyongereye