Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Esiteri 7:1-10

7  Maze umwami na Hamani+ baza gusangira inzimano na Esiteri umwamikazi.  Umwami rero abwira Esiteri no kuri uwo musi ugira kabiri mu gihe c’inzimano y’umuvinyu+ ati: “Ugomba iki+ ga Esiteri mwamikazi? Uragihabwa+. Ushaka gusaba iki? Niyo coba ica kabiri c’ubwami+, uragihabwa!”  Esiteri umwamikazi aca yishura ati: “Nimba ngize ubutoni mu maso yawe ga mwami, kandi nimba umwami abona vy’ukuri ko ari vyiza, ngomba yuko ubuzima+ bwanje burokorwa, ngasaba kandi yuko igisata canje+ kiticwa.  Kuko twagurishijwe+, twe n’igisata canje, kugira tuzimanganywe, twicwe, turandurwe+. Iyo tuba twagurishijwe kugira tube abashumba+ n’abasukukazi gusa, mba nanumye. Mugabo ayo marushwa ntabereye mu gihe bituma umwami ahomba.”  Nuko umwami Ahasuwerusi aravuga, egome, abwira Esiteri umwamikazi ati: “Uwo ni nde+, kandi ari hehe uwo muntu yubahutse+ kugira ivyo?”  Maze Esiteri avuga ati: “Uwo muntu, uwo murwanizi+ akaba n’umwansi+, ni uwu mugesera Hamani.” Hamani aca atekerwa n’ubwoba+ kubera umwami n’umwamikazi.  Nuko umwami arahaguruka yashangashiwe+ ava kuri iyo nzimano y’umuvinyu aja mu busitani bw’ikirimba; Hamani na we arahaguruka kugira asabire ubuzima bwiwe kuri Esiteri umwamikazi+, kuko yabona ko umwami yiyemeje+ kumugirira nabi+.  Maze umwami agaruka mu nzu y’inzimano y’umuvinyu+ avuye mu busitani bw’ikirimba; kandi Hamani yari yaguye ku buriri+ Esiteri yariko. Umwami aca avuga ati: “Mbega n’umwamikazi agira ashurashuzwe ku nguvu turi kumwe mu nzu?” Ijambo rikiva mu kanwa k’umwami+, baca bapfuka Hamani mu maso.  Harubona+, umwe mu bakozi bo ku kirimba+ b’imbere y’umwami, aca avuga ati: “Mbere hariho igiti+ Hamani yateguriye Morudekayi, uwari yaravuze iciza ku vyerekeye umwami+, kikaba gihagaze mu nzu ya Hamani: kireha n’amatambwe* mirongo itanu.” Umwami aca avuga ati: “Nimukimumanikeko+.” 10  Baca bamanika Hamani kuri nya giti+ yari yateguriye Morudekayi+; ubushangashirwe bw’umwami bubona guhwama.

Amakuru yiyongereye

Raba Est 5:14, akajambo k’epfo.