Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Esiteri 2:1-23

2  Inyuma y’ivyo, ubushangashirwe bw’Umwami Ahasuwerusi+ bumaze guhwama, yibuka Vashiti+ n’ivyo yari yakoze+ n’ingingo yari yafatiwe+.  Nuko abashumba b’umwami, ari bo basuku biwe+, bavuga bati: “Nibaronderere+ umwami inkumi, abigeme b’isugi+, basa neza,  maze umwami agene ivyariho mu ntara z’ubutware+ zose z’akarere atwara, hanyuma bakoranirize inkumi zose, abigeme b’isugi basa neza, ku kirimba+ Shushani, ku nzu y’abagore, iyo Hegayi+ inkone* y’umwami+, umurinzi w’abagore, yari ajejwe; maze basīgwe.  Inkumi izoboneka ko ihimbaye mu maso y’umwami izoca iba umwamikazi mu kibanza ca Vashiti+.” Nuko ico kintu kiba igihimbaye mu maso y’umwami, maze abigenza atyo.  Umugabo umwe w’Umuyuda yari ku kirimba Shushani+, akaba yitwa Morudekayi+ mwene Yayiri, Yayiri mwene Shimeyi, Shimeyi mwene Kishi Umubenyamini+,  yari yarajanywe mu bunyagano+ akuwe i Yeruzalemu ari kumwe n’abambukanywe bajanywe mu bunyagano kumwe na Yekoniya+ umwami wa Yuda, uwo Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni yatwaye mu bunyagano.  Maze aba umurezi+ wa Hadasa, ari we Esiteri, umukobwa wa mwene wabo na se+, kuko atari afise se canke nyina; iyo nkumi yari nziza ku mubiri, igasa neza+, kandi igihe se na nyina bapfa, Morudekayi yaciye amutwara aba nk’umukobwa wiwe.  Nuko ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe bimaze kwumvikana maze inkumi nyinshi zigakoranirizwa ku kirimba Shushani+, ico Hegayi+ yari ajejwe, Esiteri aca ajanwa ku nzu y’umwami, iyo Hegayi umurinzi w’abagore yari ajejwe.  Nuko iyo nkumi iba iyihimbaye mu maso yiwe, ku buryo amugirira ubuntu bwuzuye urukundo+, akihutira kumusīga+ no kumuha ibifungurwa vyiwe bidasanzwe no kumuha inkumi z’indobanurwa indwi zo mu nzu y’umwami, maze we hamwe n’inkumi ziwe abimurira mu kibanza ciza kuruta ibindi vyose vyo mu nzu y’abagore. 10  Esiteri ntiyari yarahishuye igisata ciwe+ canke incuti ziwe, kuko Morudekayi yari yaramutegetse kutabihishura+. 11  Kandi uko bukeye uko bwije, Morudekayi yama atembera imbere y’ikigo c’inzu y’abagore kugira amenye uko Esiteri amerewe n’ivyo bariko bamugirira. 12  Inkumi imwimwe yose yararamukirwa kwinjira aho Umwami Ahasuwerusi ari, haciye amezi cumi n’abiri igirirwa nk’uko ingingo nyobozi igenga abagore yari, kuko uku ari ko imisi yabo y’ugusīgwa yarangira: bamara amezi atandatu basīgwa amavuta y’imira*+, n’amezi atandatu basīgwa amavuta y’umusomozo+ be n’ivyasīgwa abagore; 13  ivyo bigizwe ni ho nya nkumi yinjira aho umwami ari. Ico yavuga cose yaragihabwa, kugira agende akijanye avuye mu nzu y’abagore aja ku nzu y’umwami+. 14  Ku mugoroba yarinjira, mu gatondo agasubira mu nzu y’abagore igira kabiri yari ijejwe Shayashigazi inkone y’umwami+, umurinzi w’incoreke. Ntiyasubira kwinjira aho umwami ari kiretse umwami yamushimye kandi akaba yahamagawe mw’izina+. 15  Esiteri umukobwa wa Abihayili sewabo wa Morudekayi, uwo yari yaratwaye akaba nk’umukobwa wiwe+, ashikiriwe kwinjira aho umwami ari, ntiyagira ikintu na kimwe+ asaba kiretse ivyo Hegayi+ inkone y’umwami, umurinzi w’abagore avuze (ico gihe cose Esiteri yaguma agira ubutoni mu maso y’umuntu wese amubonye+). 16  Maze Esiteri ajanwa ku Mwami Ahasuwerusi ku nzu yiwe ya cami mu kwezi kugira cumi, ari kwo kwezi kwa Tebeti, mu mwaka ugira indwi+ w’ingoma yiwe. 17  Nuko umwami akunda Esiteri kurusha abandi bagore bose, ku buryo agirirwa ubutoni n’ubuntu bwuzuye urukundo imbere yiwe kurusha abandi bigeme b’isugi bose+. Umwami rero amushira ku mutwe umugāra wa cami, amugira umwamikazi+ mu kibanza ca Vashiti. 18  Hanyuma umwami ategurira inzimano ikomeye abaganwa biwe bose n’abasuku biwe, inzimano ya Esiteri; nuko agirira ikigongwe c’ikivunga+ intara z’ubutware, kandi aguma atanga impano nk’uko uburyo bw’umwami bwari. 19  Igihe nya bigeme b’isugi+ bakoranirizwa hamwe ubugira kabiri, Morudekayi yari yicaye mw’irembo ry’umwami+. 20  Esiteri ntiyahishura incuti ziwe be n’igisata ciwe+, nk’uko Morudekayi+ yari yaramutegetse+; kandi ico Morudekayi avuze Esiteri yaragikora, nk’uko yabigira igihe ari we yari amureze+. 21  Muri iyo misi, mu gihe Morudekayi yari yicaye mw’irembo ry’umwami, Bigitani na Tereshi, abakozi bo ku kirimba babiri b’umwami, abarinzi b’imiryango, bararakara maze baguma barondera gushorera ukuboko+ ku Mwami Ahasuwerusi. 22  Nuko Morudekayi amenya ico kintu, aca abibwira+ Esiteri umwamikazi. Esiteri na we abibwira umwami mw’izina rya Morudekayi+. 23  Ico kintu kiratohozwa rero, amaherezo kiruburwa, maze bompi bamanikwa+ ku giti+; ivyo bica vyandikwa mu gitabu c’ivyo+ muri iyo misi, imbere y’umwami.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.