Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Esiteri 1:1-22

1  Nuko mu misi ya Ahasuwerusi, ni ukuvuga umwe Ahasuwerusi+ yaganza kuva mu Buhindi gushika muri Etiyopiya, akaganza intara z’ubutware ijana na mirongo ibiri n’indwi+,  muri iyo misi, mu gihe Umwami Ahasuwerusi yari yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami+, iyari ku kirimba+ Shushani+,  mu mwaka ugira gatatu w’ingoma yiwe, atereka inzimano+ abaganwa biwe bose n’abasuku biwe, inteko za gisirikare z’Ubuperesi+ n’Ubumedi+, abanyacubahiro+ n’abaganwa b’intara z’ubutware, bakaba bari imbere yiwe+,  aho amariye imisi myinshi, imisi ijana na mirongo umunani, yerekana ubutunzi+ bw’ubwami bwiwe buninahaye n’iteka+ be n’ubwiza bw’ubukuru bwiwe.  Iyo misi ikwiye, umwami amara imisi indwi atereka inzimano abantu bose bari ku kirimba Shushani, uwuhambaye n’umuto, mu kigo c’ubusitani bw’ikirimba c’umwami.  Hariho ilino, ipampa ryiza n’ibitambara vy’ubururu+ bifashwe n’imigozi y’igitambara ciza, hakaba n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura+ bufashe ku mpeta z’ifeza, hakaba n’inkingi z’amabuye ya marimari be n’amariri+ y’inzahabu n’ifeza hasi kw’isaso ry’amabuye y’ibara, n’aya marimari n’imaragarita n’amabuye ya marimari yirabura.  Umuvinyu wo kunywa watangirwa mu vyombo vy’inzahabu+; nya vyombo vyari bitandukanye, kandi umuvinyu w’i bwami+ wari mwinshi cane, nk’uko uburyo bw’umwami bwari.  Ku bijanye n’igihe co kunywa nk’uko itegeko ryari, nta wagobera uwundi, kuko ari ko umwami yari yabitunganije, yuko uwuhambaye wese wo mu rugo rwiwe agira uko agomba.  Na Vashiti+ umwamikazi atereka inzimano abagore ku nzu ya cami y’Umwami Ahasuwerusi. 10  Ku musi ugira indwi, umutima w’umwami umaze kuryoherwa n’umuvinyu+, abwira Mehumani na Bizitana na Harubona+ na Bigita na Abagita na Zetari na Karikasi, abakozi indwi bo ku kirimba bakorera+ Umwami Ahasuwerusi, 11  ngo bazane Vashiti umwamikazi imbere y’umwami yambaye umugāra wa cami, kugira yereke ibisata vy’abantu n’abaganwa ubwiza bwiwe; kuko yasa neza+. 12  Mugabo Umwamikazi Vashiti aguma yanka+ kuza, ntiyakurikiza itegeko ry’umwami ryari ryashikirijwe biciye kuri nya bakozi bo ku kirimba. Nuko umwami ararakara rwose, ubushangashirwe bwiwe bumururumbamwo+. 13  Umwami abwira rero abantu b’inkerebutsi+ bazi ivyo mu bihe vya kahise+ (kuko ukwo ari ko ikibazo c’umwami cashika imbere y’abantu bose b’abahanga mu vy’itegeko no mu vy’imanza, 14  kandi ba somambike biwe bari Karishena na Shetari na Adumata na Tarushishi na Meresi na Marisena be na Memukani, abaganwa indwi+ b’Ubuperesi n’Ubumedi b’abishikira ku mwami+, kandi bakaba bicara imbere mu bwami) ati: 15  “Twisunze itegeko, Umwamikazi Vashiti tumugire dute ko atashikije ijambo Umwami Ahasuwerusi yavuze biciye ku bakozi bo ku kirimba?” 16  Memukani+ aca avugira imbere y’umwami n’abaganwa ati: “Si umwami wenyene Vashiti umwamikazi agiriye nabi+, ahubwo agiriye nabi n’abaganwa bose n’ibisata vy’abantu vyose bari mu ntara z’ubutware zose z’Umwami Ahasuwerusi. 17  Kuko ico kintu umwamikazi yakoze kizosohoka kigashikira abagore bose bigatuma basuzugura+ abagabo babo+, igihe bazovuga bati: ‘Umwami Ahasuwerusi yavuze ko bazana Vashiti umwamikazi imbere yiwe na we ntiyaza.’ 18  Kuri uwo musi, abaganwakazi b’Ubuperesi n’Ubumedi bazoba bumvise ivy’uwo mwamikazi, bazobwira gutyo abaganwa bose b’umwami, bitume haba agakengerwe kenshi n’uburakari+. 19  Nimba umwami abona vy’ukuri yuko ari vyiza+, nasohore itegeko rya cami, maze ryandikwe mu mategeko+ y’Ubuperesi n’Ubumedi, kugira ntiriveho+, yuko Vashiti atazosubira guseruka imbere y’Umwami Ahasuwerusi; kandi icubahiro ciwe c’ubwamikazi umwami nagihe umwe muri bagenziwe, umugore ameze neza kumurusha. 20  Maze ingingo umwami ari bushinge bazoyumva koko mu karere atwara kose (kuko ari kanini), bitume abagore bose batera iteka+ abagabo babo+, uwuhambaye n’umuto.” 21  Nuko ico kintu kiba igihimbaye mu maso y’umwami+ n’abaganwa, maze umwami akora nk’uko Memukani avuze. 22  Arungikira rero inzandiko+ intara z’ubutware zose z’umwami, intara y’ubutware+ imwimwe yose nk’uko inyandiko yayo iri, azirungikira n’igisata kimwekimwe cose mu rurimi rwaco, kugira ngo umugabo wese agume ari nk’umuganwa mu nzu yiwe+ kandi agume akoresha ururimi rw’igisata ciwe.

Amakuru yiyongereye