Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Daniyeli 9:1-27

9  Mu mwaka wa mbere wa Dariyo+ mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi+, uwari yagizwe umwami aganza ubwami bw’Abakaludaya+,  mu mwaka wa mbere w’ingoma yiwe, jewe Daniyeli, biciye ku bitabu, naratahuye igitigiri c’imyaka y’ugushitsa agatikizo ka Yeruzalemu+, ni ukuvuga imyaka mirongo irindwi+, ku bijanye na yo ijambo rya Yehova rikaba ryari ryaraje kuri Yeremiya umuhanuzi+.  Ndaheza mpanga amaso+ Yehova ya Mana y’ukuri, kugira ngo ndamurondere mu gusenga+ no mu kwinginga, mu kwisonzesha no mu kwambara igunira* no mu kwisiga iminyota+.  Nuko ntangura gusenga Yehova Imana yanje no kwatura ibicumuro, nti+: “Ewe Yehova Mana y’ukuri, Uwuhambaye+ akaba n’Uwuteye ubwoba, agumya isezerano+ be n’ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bamukunda no ku bagumya amabwirizwa yiwe+,  twaracumuye+, dukora ibitari vyo, dukora ivy’ububisha, turagarariza+; twarakebeje tuva ku mabwirizwa yawe no ku ngingo zawe z’ubutungane*+.  Ntitwumvirije abasavyi bawe b’abahanuzi+, bavuze mw’izina ryawe babwira abami bacu, abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu be n’abanyagihugu bose+.  Ewe Yehova, ufise ubugororotsi, mugabo twebwe dufise ibimaramare ku maso yacu nk’uko biri uyu musi+, twe n’abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu be n’abo muri Isirayeli bose, abari hafi be n’abari kure mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera ubuhemu bwabo bakugiriye+.  “Ewe Yehova, twebwe dufise ibimaramare ku maso yacu, twe n’abami bacu, abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu, kuko twagucumuyeko+.  Imbabazi ni iza Yehova Imana yacu+, be n’ukubabarira ibicumuro+, kuko twamugararije+. 10  Ntitwagamburukiye ijwi rya Yehova Imana yacu mu kugendera mu mategeko yiwe yashize imbere yacu biciye ku kuboko kw’abasavyi biwe, abahanuzi+. 11  Abo muri Isirayeli bose barahonyanze itegeko ryawe; twarakebeje mu kutagamburukira ijwi ryawe+, bituma udusukako wa muvumo na ya ndahiro+ yanditswe mw’itegeko rya Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri, kuko twayicumuyeko. 12  Nuko ashitsa amajambo yayo yari yaratuvuzeko+ twe n’abacamanza bacu baducira imanza+, atuzanako ivyago bikomeye, ku buryo munsi y’amajuru yose ata vyahagiriwe nk’ivyagiriwe i Yeruzalemu+. 13  Nk’uko nyene vyanditswe mw’itegeko rya Musa+, ivyo vyago vyose vyaratujeko+, kandi ntitwatakambiye* Yehova Imana yacu mu guhindukira tukava mw’ikosa ryacu+ no mu kwerekana ko dufise ugutahura kwimbitse mu bijanye n’ukuri kwawe+. 14  “Kandi Yehova yagumye arikanuye ku bijanye n’ivyo vyago, arahava abituzanako+, kuko Yehova Imana yacu agororotse mu bikorwa vyiwe vyose yakoze; natwe ntitwagamburukiye ijwi ryiwe+. 15  “None rero, Yehova Mana yacu, wewe wakuye abantu bawe mu gihugu ca Misiri biciye ku kiganza gikomeye+, ukihesha izina nk’uko biri uyu musi+, twaracumuye+, twakoze ivy’ububisha. 16  Ewe Yehova, nk’uko ibikorwa vyawe vyose vy’ubugororotsi biri+, ndakwinginze ishavu ryawe n’ubushangashirwe bwawe bisubire inyuma bive ku gisagara cawe Yeruzalemu, umusozi wawe mweranda+; kuko, bivuye ku bicumuro vyacu no ku makosa ya ba sogokuruza bacu+, Yeruzalemu n’igisata cawe bisigaye ari iceyi ku badukikuje+. 17  None rero, Mana yacu, niwumvirize isengesho ry’umusavyi wawe n’ukwinginga kwiwe, utume mu maso hawe hakayanganira+ ku kibanza c’aheranda hawe hacitse umusaka+, bibe ku bwa Yehova. 18  Tega ugutwi, Mana yanje, wumve+! Niwugurure amaso yawe, ubone ingene twacitse imisaka, ubone n’igisagara citiriwe izina ryawe+; kuko tudasutse imbere yawe ukwinginga kwacu twisunze ibikorwa vyacu vy’ubugororotsi+, ahubwo tubigize twisunze imbabazi zawe nyinshi+. 19  Yehova we, niwumve+! Yehova we, babarira+! Yehova we, niwumvirize kandi ugire ico ukoze+! Ntutebe+ Mana yanje, bibe ku bwawe, kuko izina ryawe ari ryo igisagara cawe n’abantu bawe vyitiriwe+.” 20  Nkiriko ndavuga, nsenga, natura igicumuro canje+ n’igicumuro c’igisata canje Isirayeli+, nongera nsaba ubutoni imbere ya Yehova Imana yanje ku vyerekeye wa musozi mweranda+ w’Imana yanje, 21  kandi nkiriko ndavuga nsenga, erega wa mugabo Gaburiyeli+, umwe nari nabonye mw’iyerekwa mu ntango+, umuruho ari wose, ashika iruhande yanje, mu gihe c’ishikanwa ryo ku mugoroba+. 22  Araheza ampa ugutegera, avugana nanje, ati: “Ewe Daniyeli, ubu nzanywe no kuguha ugutahura kwimbitse hamwe n’ugutegera+. 23  Ugitangura kwinginga hari ijambo ryasohotse, nanje nkaba nzanywe no kurikumenyesha, kuko uri umuntu ahimbaye cane+. Niwitwararike+ rero iki kintu, kandi utegere ico ubona. 24  “Hari amayinga mirongo irindwi yashingiwe igisata cawe+ be n’igisagara cawe ceranda+, ku bwo kurangiza ibigabitanyo+, no gukuraho igicumuro+, no gutangira impongano* ikosa+, no kuzana ubugororotsi gushika ibihe bitagira urugero+, no gushira ikidodo+ kw’iyerekwa no ku muhanuzi, no kurobanuza amavuta* Aheranda h’Aheranda+. 25  Ukwiye kumenya kandi ugatahura bimwe vyimbitse yuko kuva igihe hazosohorwa ijambo+ ryo gusubizaho Yeruzalemu+ no gusubira kuyubaka, gushika kuri Mesiya+ Indongozi+, hazoba amayinga indwi, habe n’amayinga mirongo itandatu n’abiri+. Hazosubiraho, hasubire kwubakwa vy’ukuri, hagire n’ikibanza ca bose be n’ikinogo, mugabo hazoba ari mu bihe vy’amarushwa. 26  “Kandi inyuma y’ayo mayinga mirongo itandatu n’abiri, Mesiya azokurwaho+, ntihagire ico asigarizwa+. “Kandi igisagara be n’ahantu heranda+ bizosenyurwa n’abantu b’indongozi iriko iraza+. Iherezo ryaho rizoba biciye kw’isegenya. Kandi hazoba intambara gushika kuri iryo herezo; icapfunditswe ni uko haba imisaka+. 27  “Kandi azotuma iryo sezerano+ riguma rikora ku bwa benshi, kumara iyinga rimwe+; maze iryo yinga niryagera hagati, azotuma ikimazi n’ishikanwa bihagarara+. “Kandi umwe ateza ubugesera azoba ari kw’ibaba ry’ibisesemye+; icapfunditswe kizoguma kandi cisuka ku cagizwe umusaka, gushika ku gatikizo+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ntitworoheje mu maso ha.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.