Daniyeli 8:1-27

8  Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma ya Belushazari+ umwami, hari ivyo neretswe, egome jewe Daniyeli, inyuma y’ivyari vyambonekeye mu ntango+.  Hanyuma ntangura kubona ibintu muri iryo yerekwa; igihe nabibona, nari ku kirimba Shushani+, ikiri mu ntara y’ubutware ya Elamu+; nuko ntangura kubona ibintu muri iryo yerekwa, kandi nari iruhande y’umugende w’amazi wa Ulayi+.  Ngize ngo ndararamura amaso, nca mbona impfizi y’intama+ ihagaze imbere ya nya mugende w’amazi, kandi yari ifise amahembe abiri. Nya mahembe abiri yari maremare, mugabo rimwe ryari rirerire kuruta irindi, kandi irirerire ni ryo ryanaze mu nyuma+.  Mbona nya mpfizi y’intama isekagura amahembe mu burengero no mu buraruko no mu bumanuko, kandi nta gikoko na kimwe caguma gihagaze imbere yayo, kandi nta n’umwe yashobora kugira ico arokoye mu kuboko kwayo+. Yakora ivyo yigombeye, ikihambaza.  Nanje nguma ndabirimbura, maze ehe isuguru y’impene+ yariko izanana i burengerazuba ku buringanire bw’isi yose, idakora hasi. Iyo suguru y’impene, hagati y’amaso yari ifise ihembe ryibonekeje+.  Iguma iza gushika kuri ya mpfizi y’intama ifise ya mahembe abiri, imwe nari nabonye ihagaze imbere ya wa mugende w’amazi; iza yiruka iyigana iri n’ubushangashirwe bukaze.  Nuko mbona yegera cane nya mpfizi y’intama, itangura kuyirakarira, irayisekeza, iyivuna ya mahembe abiri, nya mpfizi y’intama ntiyagira ububasha bwo guhagarara imbere yayo. Iyikubita hasi, irayikandagira, ntihaboneka uwukiza nya mpfizi y’intama mu kuboko kw’iyo mpfizi y’impene+.  Nya suguru y’impene irihambaza+ bimwe birenze; mugabo ikimara kugira inkomezi, rya hembe rinini riravunwa, mu kibanza caryo hanaga amahembe ane mu buryo bwibonekeje, yerekeje kuri ya miyaga ine y’amajuru+.  Hanyuma hamera irindi hembe ritoya rivuye muri rimwe muri yo+, riguma rikura cane ryerekeje i bumanuko n’i burasirazuba, ryerekeje kandi kuri ca Kirezi+. 10  Kandi riguma rikura gushika ku ngabo z’amajuru+, ku buryo rikororera hasi zimwe muri nya ngabo na zimwe mu nyenyeri+, irazikandagira+. 11  Kandi ririhambaza gushika ku Muganwa+ wa nya ngabo, maze yakwa ca kimazi c’ubudasiba+, ikibanza cashinzwe c’aheranda hiwe kiratembagazwa+. 12  Amaherezo umugwi w’ingabo uratangwa+, hamwe na ca kimazi c’ubudasiba+, kubera ukugabitanya+; kandi riguma rishiburira ukuri+ hasi+, rirakora, riraroranirwa+. 13  Maze numva umweranda umwe+ avuga, uwundi mweranda na we abwira umwe yariko aravuga, ati: “Mbega iryo yerekwa ryerekeye ikimazi c’ubudasiba+ be n’ukugabitanya guteza ubugesera rizogeza ryari+, ha hantu heranda be na za ngabo bikagirwa ivyo guhonyangwa+?” 14  Nuko ambwira ati: “Ni kugeza ku migoroba n’ibitondo ibihumbi bibiri n’amajana atatu; maze ha hantu heranda hazogirwa uko habereye kumera+.” 15  Maze jewe Daniyeli nkiriko ndabona ivyo nariko nderekwa nongera ndondera kubitegera+, erega, ehe imbere yanje hari hahagaze uwufise ishusho nk’iy’umuntu w’umugabo+. 16  Ntangura kwumva hagati muri Ulayi+ ijwi ry’umuntu yakuwe mw’ivu, arasemerera, ati: “Gaburiyeli we+, fasha uwo muntu gutegera ico kintu abonye+.” 17  Nuko aza iruhande y’aho nari mpagaze, mugabo aje, ntekerwa n’ubwoba, nca ngwa nubamye. Araheza ambwira ati: “Tegera+ mwana w’umuntu+, yuko iryo yerekwa ari iry’igihe c’iherezo+.” 18  Akiriko aravugana nanje, mba nasinziriye ubutikoma nubamye hasi+. Nuko ankorako, ampagarika ha handi nari mpagaze+. 19  Hanyuma avuga ati: “Ehe ngira nkumenyeshe ibizoba mu kiringo ca nyuma c’imisibo, kuko ari ivy’igihe cashinzwe c’iherezo+. 20  “Impfizi y’intama wabonye y’amahembe abiri, igereranya abami b’Ubumedi n’Ubuperesi+. 21  Ya suguru y’impene y’ivyoya na yo, igereranya umwami w’Ubugiriki+; nayo rya hembe rinini ryari hagati y’amaso yayo, rigereranya umwami wa mbere+. 22  Kandi ko iryo hembe ryavunywe, amaherezo mu kibanza caryo hagahaguruka ane+, hazohaguruka ubwami bune buvuye mw’ihanga ryiwe, mugabo budafise ububasha nk’ubwiwe. 23  “Kandi mu kiringo ca nyuma c’ubwami bwabo, abagabitanya nibakora bagashika kw’iherezo ry’ibikorwa vyabo, hazohaguruka umwami akaze mu maso kandi ategera amajambo ahinyitse+. 24  Ububasha bwiwe buzokomera, mugabo bitavuye ku bubasha bwiwe bwite+. Azoteza agatikizo mu buryo bw’agatangaza+, aroranirwe koko kandi ashike ku co ashaka. Azotikiza vy’ukuri abanyenkomezi, be n’igisata kigizwe n’aberanda+. 25  Kandi, nk’uko ugutahura kwimbitse kwiwe kuri, azotuma ubuhendanyi buroranirwa mu kuboko kwiwe+. Azokwihambaza mu mutima wiwe+, atikize benshi igihe ata wuzoba ari n’ico yinona+. Azohaguruka arwanye wa Muganwa w’abaganwa+, mugabo azovunagurwa ata kuboko gukoreshejwe+. 26  “Kandi ca kintu wabona ku vyerekeye umugoroba n’igitondo, ari na co cavuzwe, ni ic’ukuri+. Nayo wewe, iryo yerekwa nurigire akabanga, kuko rikiri iry’imisi myinshi izoza+.” 27  Nayo jewe Daniyeli, intege ziramperana, mara imisi ndwaye+. Hanyuma ndavyuka, nkora igikorwa c’umwami+; mugabo nguma ntimvye kubera nya kintu nari nabonye, kandi nta n’umwe yabitegera+.

Utujambo tw'epfo