Daniyeli 7:1-28

7  Mu mwaka wa mbere wa Belushazari+ umwami wa Babiloni, Daniyeli abona indoto be n’ivyo yerekewe mu mutwe wiwe ku gitanda ciwe+. Ico gihe yandika iyo ndoto+. Yigana inkuru yose y’ivyo bintu.  Daniyeli afata ijambo, avuga ati: “Nariko nitegereza mu vyo neretswe mw’ijoro, maze ehe raba, ya miyaga ine+ y’amajuru yariko isebagiza ikiyaga kinini+.  Maze haduga ibikoko amahanga bine+ bivuye muri nya kiyaga+, kimwe cose kikaba cari gitandukanye+ n’ibindi.  “Ica mbere cari kimeze nk’intambwe+, kikagira amababa y’inkona+. Nguma nitegereza gushika amababa yaco aranduwe, hanyuma kirahagurutswa gikuwe hasi+, gihagarikwa ku birenge bibiri nk’umuntu, kandi gihabwa umutima w’umuntu+.  “Maze ehe raba, ikindi gikoko, ikigira kabiri, kimeze nk’idubu+. Cari kidugijwe ku ruhande rumwe+, gifise amagufa atatu y’imbavu mu kanwa, mu menyo yaco; kibwirwa ngo: ‘Haguruka, urye inyama nyinshi+.’  “Inyuma y’ivyo, mbandanya kwitegereza, maze ehe raba, ikindi gikoko, kimeze nk’ingwe+, mugabo ku mugongo waco cari gifise amababa ane y’ikiremwa kiguruka. Nya gikoko cari gifise imitwe ine+; gihabwa ubutware koko.  “Inyuma y’ivyo, mbandanya kwitegereza mu vyo neretswe mw’ijoro, maze ehe raba, igikoko kigira kane, giteye ubwoba, c’agacavutu kandi gikomeye bimwe bidasanzwe+. Cari gifise amenyo y’icuma, maninimanini. Cararotsa kandi kikajanjagura, ibisigaye kikabihonyangisha ibirenge vyaco. Cari gitandukanye na vya bikoko bindi vyose vy’imbere yaco, kandi cari gifise amahembe cumi+.  Mbandanya kurimbura ivy’ayo mahembe, maze ehe, muri yo hanaga irindi hembe, agahembe gatoyi+, kandi imbere yako harandurwa atatu muri ya mahembe ya mbere. Kandi ehe, kuri iryo hembe hari amaso nk’ay’umuntu, hakaba n’akanwa kavuga ibintu vy’agakomeye+.  “Mbandanya kwitegereza gushika hashizweho intebe z’ubwami+, hanyuma Umwe wa kera mu misi+ akicara. Ivyambarwa vyiwe vyarera derere*+, umushatsi wo ku mutwe wiwe na wo wari umeze nk’ubwoya butyoroye+. Intebe yiwe y’ubwami yari imbeya z’umuriro+; amakurudumu yayo yari umuriro ururumba+. 10  Hari umugezi w’umuriro utemba uvuye imbere yiwe+. Hari ibihumbi igihumbi baguma bamukorera+, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe+. Sentare+ irasasa, ibitabu birazingururwa. 11  “Ico gihe mbandanya kwitegereza kubera ijwi ry’amajambo y’agakomeye rya hembe ryariko riravuga+; mbandanya kwitegereza gushika nya gikoko cishwe, n’umuvyimba waco ugaherengetezwa, kigahabwa umuriro ururumba+. 12  Ariko vya bikoko bisigaye+, ubutware bwavyo burakurwaho, bihabwa kubandanya kubaho igihe kanaka be n’ikiringo kanaka+. 13  “Nguma nitegereza mu vyo neretswe mw’ijoro, maze ehe raba, uwusa n’umwana w’umuntu+ yariko azanana n’ibicu+ vyo mu majuru; yemererwa gushika aho Umwe wa kera mu misi+ ari, araheza yegerezwa imbere y’Uwo+. 14  Maze ahabwa ubutware+ n’iteka+ n’ubwami+, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere+. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa+. 15  “Nayo jewe Daniyeli, impwemu yanje intunturiramwo kubera ivyo, kandi ivyo nerekewe mu mutwe bitangura kuntera ubwoba+. 16  Ndegera umwe mu bari bahagaze, kugira ngo ndamusabe amakuru yo kwizigirwa kuri ivyo vyose+. Na we mu kumenyesha insobanuro y’ivyo bintu, ambwira ati: 17  “‘Ivyo bikoko amahanga, ko ari bine+, hari abami bane bazohaguruka bavuye mw’isi+. 18  Mugabo aberanda+ ba Rudasumbwa+ bazoronka ubwami, bigabire ubwo bwami+ igihe kitagira urugero, emwe, igihe kitagira urugero n’ibihe bitagira urugero.’ 19  “Nca nipfuza kumenya neza ivyerekeye ca gikoko kigira kane, kimwe cari gitandukanye n’ibindi vyose, giteye ubwoba bimwe bidasanzwe, kikagira amenyo y’icuma n’ivyara vy’umujumpu, kimwe carotsa kandi kikajanjagura, ibisigaye kikabihonyangisha ibirenge vyaco+; 20  n’ivyerekeye ya mahembe cumi yari ku mutwe waco+, na rya hembe rindi+ ryanaga maze imbere yaryo hagatemba atatu+, egome, rya hembe ryari rifise amaso n’akanwa kavuga ivy’agakomeye+, rikaboneka ko ari rinini kuruta magenzi yaryo. 21  “Nguma nitegereza igihe iryo hembe ryarwanya aberanda, rikabanesha+, 22  gushika Umwe wa kera mu misi+ aje, abo beranda ba Rudasumbwa+ bagacirwa urubanza rubakiza, n’igihe nyezina kigashika c’uko nya beranda bigabira ubwami+. 23  “Avuga ati: ‘Ku bijanye na ca gikoko kigira kane, hari ubwami bugira kane buzobaho kw’isi, buzoba butandukanye n’ubundi bwami bwose; kandi buzorotsa isi yose, buyikandagire, buyijanjagure+. 24  Ku bijanye na ya mahembe cumi, muri ubwo bwami hazohaguruka abami cumi+; kandi hari n’uwundi azohaguruka inyuma yabo, akazoba atandukanye na bamwe ba mbere+, kandi azotetereza abami batatu+. 25  Azovuga mbere amajambo yo kurwanya Musumbavyose+, kandi azoguma atoteza aberanda ba Rudasumbwa+. Azokwiyumvira guhindura igihe+ be n’itegeko+, kandi bazotangwa mu kuboko kwiwe kumara igihe, n’ibihe be n’igice c’igihe+. 26  Nuko Sentare irasasa+, ubutware bwiwe burahava bukurwaho, kugira ngo azimanganywe, arandurwe buhere+. 27  “‘Maze ubwami n’ubutware n’ubukuru bw’ubwami buri munsi y’amajuru yose, bihabwa abantu beranda ba Rudasumbwa+. Ubwami bwabo ni ubwami bwamaho igihe kitagira urugero+, kandi ubutware bwose ni bo buzokorera, bubagamburukire+.’ 28  “Aho ni ho ivyo bintu bigarukiye. Nayo jewe Daniyeli, ivyiyumviro vyanje vyagumye bintera ubwoba cane, ku buryo mu maso hanje hahinduka; mugabo ivyo bintu ndabigumiza mu mutima wanje+.”

Utujambo tw'epfo

Canke, “vyarera nka shelegi.” “Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.