Daniyeli 6:1-28
6 Dariyo bimubera vyiza, maze ashiraho abakuru ijana na mirongo ibiri b’intara ngo baganze ubwami, bakaba bari kuganza ubwo bwami bwose+;
2 kandi hejuru yabo ashiraho abategetsi bakurubakuru batatu, Daniyeli akaba yari umwe muri bo+, kugira ngo abo bakuru b’intara+ baze barabaha amakuru, ngo umwami ntahahombere+.
3 Nuko uwo Daniyeli aguma aheta+ abo bategetsi bakurubakuru be n’abakuru b’intara, kuko impwemu y’akataraboneka yari muri we+; kandi umwami yiyumvira kumushira hejuru y’ubwo bwami bwose.
4 Ico gihe, nya bategetsi bakurubakuru n’abakuru b’intara baguma barondera kuronka urwitwazo rwo kwagiriza Daniyeli ku bijanye n’ubwami+; ariko ntibashobora kuronka urwitwazo na rumwe canke ikintu kibi na kimwe, kuko yari umwizigirwa kandi akaba ata rwangara canke ikintu kibi na kimwe vyabonetse muri we+.
5 Abo bagabo bavuga rero bati: “Nta rwitwazo na rumwe tuzogenda turonse muri uwo Daniyeli, kiretse turinze kururonderera mw’itegeko ry’Imana yiwe+.”
6 Nuko abo bategetsi bakurubakuru be n’abakuru b’intara binjira ari ikinja aho umwami ari+, bamubwira bati: “Ewe mwami Dariyo, urakaramba ibihe bitagira urugero+.
7 Abategetsi bakurubakuru bose b’ubwami, abatware be n’abakuru b’intara, abakozi bakuru b’i bwami na ba buramatari, bagiye inama ngo hashingwe icagezwe c’i bwami+ no kugira ngo hashirweho umuziro, yuko mu kiringo c’imisi mirongo itatu, uwo wese azogira ico asaba iyindi mana canke uwundi muntu atari wewe ga mwami, azoce atererwa mu cobo c’intambwe+.
8 None rero ga mwami, nushinge icagezwe, utere umukono ku rwandiko+, kugira ngo ntiruze ruhinduke, nk’uko itegeko ry’Abamedi n’Abaperesi riri+, na ryo rikaba ridafutwa+.”
9 Nuko rero, Umwami Dariyo ubwiwe atera umukono kuri nya rwandiko na nya muziro+.
10 Mugabo Daniyeli akimara kumenya ko urwo rwandiko rwateweko umukono, aca yinjira mu nzu yiwe; kandi yaza arapfukama gatatugatatu ku musi+, amadirisha y’icumba ciwe co hejuru akaguma yuguruye ku bwiwe araba i Yeruzalemu+, akaza arasenga+ yongera ashikana ishemezo imbere y’Imana yiwe+, nk’uko yari yahoze abigira imbere y’aho+.
11 Ico gihe abo bagabo binjira ari isinzi, basanga Daniyeli ariko arasaba yongera atakamba ngo agire ubutoni imbere y’Imana yiwe+.
12 Maze baregera, bavugira imbere y’umwami ku vyerekeye wa muziro washirwaho n’umwami, bati: “Mbega ntihariho umuziro wateyeko umukono yuko mu kiringo c’imisi mirongo itatu, uwo wese azogira ico asaba iyindi mana canke uwundi muntu atari wewe ga mwami, azoca atererwa mu cobo c’intambwe+?” Umwami arishura, ati: “Ico kintu carashinzwe neza nk’uko itegeko ry’Abamedi n’Abaperesi riri, na ryo rikaba ridafutwa+.”
13 Buno nyene barishura, bavugira imbere y’umwami bati: “Daniyeli+, uwo mu bagizwe inyagano ba Yuda+, ntiyakwubashe, mwami, canke ngo yubahe wa muziro waterako umukono, ahubwo asaba gatatugatatu ku musi+.”
14 Umwami rero ngo yumve iryo jambo, biramubabaza cane+, yiyumvira Daniyeli kugira ngo amukize+; kandi gushika izuba rirenze, aguma arondera ingene yomurokora.
15 Vyakabaye kera, ba bagabo binjira ari ikinja aho umwami ari, babwira umwami bati: “Ewe mwami, uribuka yuko itegeko ry’Abamedi n’Abaperesi rivuga yuko umuziro+ canke icagezwe gishinzwe n’umwami ubwiwe kidashobora guhindurwa+.”
16 Nuko umwami aca atanga itegeko, bazana Daniyeli, bamuterera muri ca cobo c’intambwe+. Umwami abwira Daniyeli ati: “Imana yawe wama ukorera, ubwayo iragukiza+.”
17 Nuko bazana ibuye barishira ku munwa wa nya cobo, umwami na we aridomako ikidodo akoresheje impeta yiwe y’ikidodo be n’impeta y’ikidodo y’abakomakomeye biwe, kugira ngo ntihagire na kimwe gihindurwa ku bijanye na Daniyeli+.
18 Uwo mwanya umwami aja ku kirimba ciwe, amara iryo joro yisonzesheje+, ntihagira ibicurarangisho bizanwa imbere yiwe, n’itiro ryiwe riramuhunga+.
19 Amaherezo, mu mutwenzi, umwami arahaguruka bukeye, aca aranyaragasa no kuri ca cobo c’intambwe.
20 Ashitse hafi ya nya cobo, arasemerera n’ijwi ry’umubabaro abwira Daniyeli. Umwami atangura kuvuga, abwira Daniyeli ati: “Yewe Daniyeli, musavyi w’Imana nzima, mbega Imana yawe wama ukorera+ yashoboye kugukiza izo ntambwe+?”
21 Buno nyene Daniyeli avugana n’umwami ati: “Ewe mwami, urakaramba gushika ibihe bitagira urugero.
22 Imana yanje+ yarungitse umumarayika wayo+, yugara iminwa y’izi ntambwe+, kandi ntizangiriye nabi, kuko imbere yayo nabonetse ko ndi intungane+; kandi n’imbere yawe mwami, nta kibi nakoze+.”
23 Maze umwami arahimbarwa cane+, aca ategeka ko Daniyeli aduzwa agakurwa muri ico cobo. Daniyeli araduzwa akurwa muri ico cobo, kandi basanga nta na kimwe yabaye, kuko yari yizigiye Imana yiwe+.
24 Nuko umwami atanga itegeko, bazana ba bagabo bari bareze Daniyeli+, batererwa muri nya cobo c’intambwe+, n’abana babo n’abagore babo+; bataranashika hasi muri nya cobo, intambwe zari zamaze kubifatira, zijanjagura n’amagufa yabo yose+.
25 Maze umwami Dariyo yandikira ibisata vy’abantu vyose, imiryango yose y’amahanga n’indimi zose biba mw’isi yose+, ati: “Amahoro yanyu agwire cane+!
26 Hatanzwe itegeko rivuye imbere yanje+, yuko mu karere ako ari ko kose kaganzwa n’ubwami bwanje, abantu bakwiye kujugumira no gutinya imbere y’Imana ya Daniyeli+. Kuko ari yo Mana nzima, ari na Yo yamaho gushika ibihe bitagira urugero+; kandi ubwami bwayo+ ntibuzosenyurwa+, n’inganji yayo ni iy’ibihe bidahera+.
27 Irakiza, ikarokora+, igakora ibimenyetso n’ibitangaza mu majuru+ no kw’isi+, kuko yakijije Daniyeli ikamukura mu majanja y’intambwe.”
28 Nayo uwo Daniyeli, aratunganirwa mu bwami bwa Dariyo+ no mu bwami bwa Kuro Umuperesi+.