Daniyeli 5:1-31

5  Nayo Belushazari+ umwami, ategurira inzimano ihambaye abantu igihumbi mu bakomakomeye biwe, anywera umuvinyu imbere y’abo bantu igihumbi+.  Belushazari, abitumwe n’uwo muvinyu+, avuga ko bazana ivyombo vy’inzahabu n’ivy’ifeza+ Nebukadinezari se wiwe yari yatwaye abikuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu, kugira ngo umwami n’abakomakomeye biwe, incoreke ziwe be n’abagore biwe batoyi babinyweremwo+.  Uwo mwanya bazana nya vyombo vy’inzahabu bari batwaye babikuye mu rusengero rw’inzu y’Imana rwari i Yeruzalemu, hanyuma umwami n’abakomakomeye biwe, incoreke ziwe be n’abagore biwe batoyi babinyweramwo.  Binywera umuvinyu, bashemeza imana z’inzahabu, n’iz’ifeza, n’iz’umujumpu, n’iz’icuma, n’iz’ibiti be n’iz’amabuye+.  Ako kanya haseruka intoke z’ukuboko kw’umuntu, zandika imbere y’igitereko c’amatara, kw’iripu y’uruhome rw’ikirimba c’umwami+, umwami abona umugongo wa nya kuboko kwariko kurandika.  Uwo mwanya, umwami mu maso hiwe harahinduka, ivyiyumviro vyiwe bitangura kumutera ubwoba+, ingingo z’amafyinga yiwe ziratana+, amavi yiwe na yo arakomangana+.  Umwami asemerera n’ijwi rirenga ngo bazane abahamagara imizimu, Abakaludaya be n’abaragurira ku nyenyeri+. Umwami abwira inkerebutsi z’i Babiloni ati: “Uwuza gusoma iyi nyandiko kandi akanyereka insobanuro yayo, arambikwa impuzu y’umuyugubwe+, n’urunigi rw’inzahabu mw’izosi, kandi azoganza ari uwugira gatatu mu bwami+.”  Uwo mwanya inkerebutsi zose z’umwami ziraza, mugabo ntizashobora gusoma iyo nyandiko canke kumenyesha umwami insobanuro yayo+.  Ku bw’ivyo Umwami Belushazari agira ubwoba bwinshi cane, mu maso hiwe harahinduka, abakomakomeye biwe na bo baguma bazazaniwe+. 10  Umwamikazi na we, kubera amajambo y’umwami n’abakomakomeye biwe, aca yinjira marimari no muri nya kibanza c’inzimano. Umwamikazi avuga ati: “Ewe mwami, uragahoraho mbere gushika ibihe bitagira urugero+. Ivyiyumviro vyawe ntibigutere ubwoba, canke ngo mu maso hawe hahinduke. 11  Mu bwami bwawe hariho umuntu abishoboye arimwo impwemu y’imana z’inyeranda+; kandi mu misi ya so wawe, umuco n’ugutahura kwimbitse n’ubukerebutsi bumeze nk’ubukerebutsi bw’imana vyabonetse muri we, kandi Umwami Nebukadinezari so wawe yamugize umukuru+ w’abaherezi b’abanyamageza, abahamagara imizimu, Abakaludaya be n’abaragurira ku nyenyeri, so wawe nyene, mwami; 12  kuko impwemu y’akataraboneka, n’ubumenyi, n’ugutahura kwimbitse mu vyo gusobanura indoto+, n’ugusobanura ubupfindo be n’ubuhanga bwo gupfundurura amapfundo vyari vyabonetse muri we+, muri Daniyeli, uwo umwami ubwiwe yise Beluteshazari+. None rero, nibahamagare Daniyeli, yerekane insobanuro.” 13  Nuko Daniyeli bamuzana imbere y’umwami. Umwami afata ijambo, abwira Daniyeli ati: “Mbega ni wewe Daniyeli wo mu bagizwe inyagano ba Yuda+ umwami dawe yakuye muri Yuda+? 14  Numvise kandi ku bikwerekeye yuko impwemu ya za mana iri muri wewe+, kandi ko umuco n’ugutahura kwimbitse n’ubukerebutsi+ bw’akataraboneka vyabonetse muri wewe. 15  Bazanye rero imbere yanje inkerebutsi be n’abahamagara imizimu, ngo basome iyi nyandiko, mbere ngo bamenyeshe insobanuro yayo; mugabo kwerekana insobanuro y’iryo jambo nta vyo bashoboye+. 16  Kandi ubwanje numvise ku bikwerekeye yuko ushoboye gutanga insobanuro+ no gupfundurura amapfundo. Nimba rero ushoboye gusoma iyo nyandiko no kumenyesha insobanuro yayo, urambikwa impuzu y’umuyugubwe, n’urunigi rw’inzahabu mw’izosi, kandi uganze uri uwugira gatatu mu bwami+.” 17  Uwo mwanya Daniyeli arishura, avugira imbere y’umwami ati: “Ingabirano zawe nizigume ari rwawe, impano zawe na zo uzihe abandi+. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, n’insobanuro ndayimumenyeshe+. 18  Wewe ga mwami, Imana Musumbavyose+ yahaye Nebukadinezari so+ wawe ubwami, imugira uwuhambaye, imuha iteka n’ubukuru+. 19  Kubera ko yamugize uwuhambaye, ibisata vyose vy’abantu, imiryango yose y’amahanga n’indimi zose vyarajugumira, bigatinya imbere yiwe+. Uwo ashaka kwica yaramwica; uwo ashaka kumangura yaramumangura; uwo ashaka gushira hejuru yaramushira hejuru; kandi uwo ashaka gutetereza yaramutetereza+. 20  Ariko igihe umutima wiwe wagira ubwibone, n’impwemu yiwe igakomantara, agakorana ukwita imbere+, yarakuwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, yakwa n’iteka ryiwe+. 21  Yarirukanywe mu bana b’abantu, umutima wiwe ugirwa nk’uw’igikoko, abana n’indogobwa zo mw’ishamba+. Ibimera ni vyo bamuha ngo arishe nk’amashūri, umubiri wiwe ugatoteshwa n’ikime co mu majuru+, gushika amenye yuko Imana Musumbavyose ari yo Mutware mu bwami bw’abantu, be n’uko uwo ishaka ari we ishiraho ngo abuganze+. 22  “Nayo wewe muhungu wiwe Belushazari+, ntiwacishije bugufi umutima wawe+, naho ivyo vyose wabimenye+. 23  Mugabo wishize hejuru wihambaza ku Mukama w’amajuru+, bazana imbere yawe ivyombo vyo mu nzu yiwe+; hanyuma wewe n’abakomakomeye bawe, incoreke zawe n’abagore bawe batoyi mubinyweramwo, ushemeza imana z’ifeza, n’iz’inzahabu, n’iz’umujumpu, n’iz’icuma, n’iz’ibiti be n’iz’amabuye+, ata co zibona canke ngo zumve canke ngo zimenye+; mugabo ya Mana ifise impemu zawe mu kuboko kwayo+, ikagaba n’inzira zawe zose+, ntiwayininahaje+. 24  Nuko rero umugongo w’ukuboko urungikwa uvuye imbere yayo, iyo nyandiko irandikwa+. 25  Iyi rero ni yo nyandiko yanditswe: MENE, MENE, TEKELI na PARSINI. 26  “Insobanuro y’iryo jambo ni iyi: MENE: Imana yaharūye imisi y’ubwami bwawe iraburangiza+. 27  “TEKELI: Wagezwe ku munzane maze uboneka ko uhajije+. 28  “PERESI: Ubwami bwawe bwagabuwe buhabwa Abamedi n’Abaperesi+.” 29  Uwo mwanya Belushazari atanga itegeko, bambika Daniyeli impuzu y’umuyugubwe, n’urunigi rw’inzahabu mw’izosi; batangaza ku bimwerekeye yuko agiye kuba umutware agira gatatu mu bwami+. 30  Muri iryo joro nyene, Belushazari umwami w’Umukaludaya aricwa+, 31  maze Dariyo+ Umumedi aronka ubwami, afise imyaka nka mirongo itandatu n’ibiri.

Utujambo tw'epfo