Daniyeli 4:1-37
4 “Nebukadinezari umwami, ku bisata vyose vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi biba mw’isi yose+: Amahoro yanyu agwire+.
2 Ibimenyetso be n’ibitangaza Imana Musumbavyose yangiriye, bimbereye vyiza kubimenyesha+.
3 Ese ukuntu ibimenyetso vyayo bihambaye, kandi ese ukuntu ibitangaza vyayo ari ibikomeye+! Ubwami bwayo ni ubwami bwo gushika igihe kitagira urugero+, kandi ubutware bwayo ni ubw’iyaruka ku rindi+.
4 “Jewe Nebukadinezari, nari nitekaniye+ mu nzu yanje, ntunganiwe mu kirimba canje+.
5 Nabonye indoto, maze intera ubwoba+. Amashusho yo mu bwenge ndi ku gitanda canje be n’ivyo nerekewe mu mutwe, bitangura kuntera ubwoba+.
6 Nuko ntanga itegeko ngo hazanwe imbere yanje inkerebutsi zose z’i Babiloni, kugira ngo zimenyeshe insobanuro y’iyo ndoto+.
7 “Uwo mwanya abaherezi b’abanyamageza, abahamagara imizimu, Abakaludaya+ n’abaragurira ku nyenyeri+ barinjira; hanyuma mvugira imbere yabo nya ndoto, mugabo ntibamenyesha insobanuro yayo+.
8 Amaherezo hinjira Daniyeli, umwe yitwa Beluteshazari+ hisunzwe izina ry’imana yanje+, uwurimwo impwemu ya za mana nyeranda+, aza imbere yanje; maze imbere yiwe nigana nya ndoto, nti:
9 “‘Ewe Beluteshazari umukuru w’abaherezi b’abanyamageza+, kubera ko jewe nzi neza yuko impwemu ya za mana nyeranda iri muri wewe+ be n’uko ata banga na rimwe rigutesha umutwe+, mbwira ivyo neretswe mu ndoto nabonye be n’insobanuro yayo+.
10 “‘Ivyo nerekewe mu mutwe ku gitanda canje rero ndavyitegereza+, maze mbona igiti+ hagati mw’isi c’uburebure amahero+.
11 Ico giti kirakura, kirakomera, uburebure bwaco burahava bushikira amajuru, kandi caraboneka gushika ku mpera y’isi yose+.
12 Amababi yaco yari meza, n’ivyamwa vyaco vyari vyinshi, kandi kuri co hari ibifungurwa vyo guhaza ibiriho vyose. Ibikoko+ vyo mw’ishamba vyaronderera igitutu munsi yaco+, inyoni zo mu kirere na zo zikibera ku mashami yaco+, kandi ikiri n’umubiri cose kikarya ibivuye kuri co.
13 “‘Nabandanije kwitegereza mu vyo nerekewe mu mutwe ku gitanda canje, maze ehe inderetsi+, emwe, umweranda+, imanuka ivuye mu majuru.
14 Yariko asemerera n’ijwi rirenga, avuga ati: “Nimwicire ico giti+, muteme n’amashami yaco. Nimuhungurure amababi yaco, musanzaze ivyamwa vyaco. Ibikoko bihunge bive munsi yaco, n’inyoni zihunge zive mu mashami yaco+.
15 Ariko igishitsi caco mukirekere mw’ivu, kigume kiboheshejwe imigozi y’icuma n’iy’umujumpu, mu vyatsi vyo mw’ishamba; gitoteshwe n’ikime co mu majuru, umugabane waco ube hamwe n’ibikoko mu bimera vyo kw’isi+.
16 Umutima waco nuhindurwe ube uwutandukanye n’uw’abantu, gihabwe umutima w’igikoko+, kandi ibihe indwi+ bigikurakuranirweko.
17 Ivyo ni ibishinzwe n’ingingo y’inderetsi+, kandi ni ibisabwe n’ijambo ry’aberanda, kugira ngo abantu bariho bamenye ko Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu+, be n’uko abuha uwo ashaka+, agashiraho uwuciye bugufi hanyuma ya bose ngo abuganze+.”
18 “‘Iyo ni yo ndoto jewe Umwami Nebukadinezari nabonye; nawe ga Beluteshazari, vuga insobanuro iyo ari yo, narirya izindi nkerebutsi zose zo mu bwami bwanje zidashoboye kumenyesha insobanuro+. Ariko wewe urabishoboye, kuko impwemu y’imana z’inyeranda iri muri wewe+.’
19 “Uwo mwanya Daniyeli, uwitwa Beluteshazari+, amara akanya ajorewe, ivyiyumviro vyiwe bitangura kumutera ubwoba+.
“Umwami avuga ati: ‘Ewe Beluteshazari, iyo ndoto be n’insobanuro yayo ntibigutere ubwoba+.’
“Beluteshazari arishura, ati: ‘Ewe mukama wanje, iyo ndoto irakarāba abakwanka, insobanuro yayo na yo irabe abarwanizi bawe+.
20 “‘Igiti wabonye, icakuze kigakomera, c’uburebure bwahavuye bushikira amajuru kandi kigashobora kubonwa n’isi yose+,
21 c’amababi meza, c’ivyamwa vyinshi, icariko ibifungurwa bihaza ibiriho vyose, ibikoko vyo mw’ishamba bikibera munsi yaco, n’inyoni zo mu kirere zikibera ku mashami yaco+,
22 ni wewe, mwami+, kuko wakuze ugakomera, ubukuru bwawe bugakura bugashikira amajuru+, ubutware bwawe na bwo bugashika ku mpera y’isi+.
23 “‘Vyongeye, kubera ko umwami yabonye inderetsi, umweranda+, akayibona imanuka ivuye mu majuru, ikaba kandi yariko ivuga ati: “Nimwicire ico giti, mukigeseze. Ariko igishitsi caco mukirekere mw’ivu, mugabo kigume kiboheshejwe imigozi y’icuma n’iy’umujumpu, mu vyatsi vyo mw’ishamba, gitoteshwe n’ikime co mu majuru, kandi umugabane waco ube hamwe n’ibikoko gushika ibihe indwi bigikurakuraniweko+,”
24 iyi ni yo nsobanuro, mwami, kandi ingingo yashinzwe+ ya Musumbavyose+ ni yo izoshika ku mukama wanje umwami+.
25 Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikoko vyo mw’ishamba+, kandi ibimera ni vyo bazoguha ngo urishe nk’amashūri+; uzototeshwa n’ikime co mu majuru, ibihe indwi bigukurakuranirweko+, gushika umenye ko Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu+, be n’uko abuha uwo ashaka+.
26 “‘Kandi ko vyavuzwe ngo bareke igishitsi c’ico giti+, ubwami bwawe ntuzobura kubusubizwa niwamara kumenya ko amajuru ari yo aganza+.
27 None rero ga mwami, ese impanuro yanje yokubera nziza+, ugakuraho ibicumuro vyawe biciye ku bugororotsi+, n’ububi bwawe mu kugirira imbabazi aboro+. Hari aho ugutunganirwa kwawe kwokwongerezwa igihe+.’”
28 Ivyo vyose bishikira Nebukadinezari umwami+.
29 Haheze amezi* cumi n’abiri, yariko agendagenda hejuru ku kirimba c’umwami c’i Babiloni.
30 Umwami avuga+ ati: “Mbega iyi si Babiloni Ikomeye, iyo ubwanje nubakiye inzu ya cami nkoresheje inkomezi z’ubushobozi bwanje+, nkayubakira kandi iteka ry’ubukuru bwanje+?”
31 Iryo jambo rikiri mu kanwa k’umwami, ijwi ritibuka rivuye mu majuru, riti: “Ewe mwami Nebukadinezari, ubwiwe ngo: ‘Ubwami urabwatswe+,
32 urirukanywe mu bantu, kandi uzobana n’ibikoko vyo mw’ishamba+. Ibimera ni vyo bazoguha ngo urishe nk’amashūri, kandi ibihe indwi bizogukurakuranirwako, gushika umenye ko Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu, kandi ko abuha uwo ashaka+.’”
33 Ako kanya+, iryo jambo rirangukira kuri Nebukadinezari, yirukanwa mu bantu, atangura kurisha ibimera nk’amashūri, umubiri wiwe utoteshwa n’ikime co mu majuru, gushika umushatsi wiwe ubaye muremure nk’amubi y’inkona, n’inzara ziwe zibaye nk’ivyara vy’inyoni+.
34 “Maze iyo misi iheze+, jewe Nebukadinezari nunamurira amaso yanje mu majuru+, hanyuma ubwenge bwanje butangura kungarukako; ndaheza mpezagira Musumbavyose+, ndashemeza nongera ndaninahaza+ Umwe abaho gushika igihe kitagira urugero, kuko ubutware bwiwe ari ubutware bwo gushika igihe kitagira urugero, n’ubwami bwiwe bukaba ubw’iyaruka ku rindi+.
35 Ababa kw’isi bose babonwa nk’ubusa gusa+, kandi akora uko yigombera mu ngabo zo mu majuru no mu baba kw’isi+. Kandi nta n’umwe ariho yotangira ukuboko kwiwe+, canke yomubwira ngo: ‘Wakoze iki+?’
36 “Uwo mwanya nyene, ubwenge bwanje butangura kungarukako, kandi ubukuru bwanje n’ubwiza bwanje bitangura kungarukako ku bw’iteka ry’ubwami bwanje+; mbere n’abishikira banje b’i bwami be n’abakomakomeye banje batangura kundondera babishashaye; nsubizwa ku bwami bwanje, nongerwa ubukuru bw’akataraboneka+.
37 “None ubu, jewe Nebukadinezari ndashemeza Umwami w’amajuru+, nkamushira hejuru kandi nkamuninahaza, kubera ko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri, n’inzira ziwe zikaba ari ubutungane+, no kubera ko ashoboye gutetereza abagendera mu bwishime+.”
Amakuru yiyongereye
^ Yari amezi aharurirwa ku mboneko.