Daniyeli 2:1-49
2 Maze mu mwaka ugira kabiri w’ingoma ya Nebukadinezari, Nebukadinezari arota indoto+; atangura guhagarika umutima+, itiro ryiwe na ryo rirahafata.
2 Nuko umwami avuga ko bahamagara abaherezi b’abanyamageza+, n’abahamagara imizimu, n’abapfumu be n’Abakaludaya, ngo babwire umwami indoto ziwe+. Baraheza baraza, bahagarara imbere y’umwami.
3 Maze umwami ababwira ati: “Hariho indoto narose, kandi nahagaritse umutima ndondera kumenya iyo ndoto.”
4 Abakaludaya baca babwira umwami mu rurimi rw’igiharameya+ bati: “Ewe mwami, urakaramba ibihe bitagira urugero*+! Bwira abasavyi bawe iyo ndoto iyo ari yo, duheze twerekane insobanuro+.”
5 Umwami yishura nya Bakaludaya ati: “Iryo mvumereye ni iri: Nimutamenyesha iyo ndoto, be n’insobanuro yayo, ni uguca muhimbagurwa+, amazu yanyu na yo ahindurwe kwa surwumwe+.
6 Ariko nimwerekana iyo ndoto n’insobanuro yayo, ndabaha ingabirano n’impano n’iteka ryinshi+. Nimunyereke rero iyo ndoto n’insobanuro yayo.”
7 Baramwishura ubugira kabiri, bati: “Umwami nabwire abasavyi biwe iyo ndoto iyo ari yo, duheze twerekane insobanuro yayo.”
8 Umwami arishura, ati: “Mu vy’ukuri, ndazi yuko murondera kuronka umwanya, narirya mwatahuye ko ijambo ari jewe ndarivumereye.
9 Kuko muramutse mutamenyesheje iyo ndoto, urubanza+ mucirwa ni rumwe, ntiruhinduka. Mugabo ijambo ry’ububeshi kandi ritari ryo ni ryo mwumvikanye kuvuga imbere yanje+, kugeza igihe gihindutse. Nimumbwire rero iyo ndoto, mpeze menye ko mushobora kwerekana insobanuro yayo.”
10 Nya Bakaludaya barishura imbere y’umwami bati: “Kw’isi yumutse nta muntu ariho ashoboye kwerekana ico kintu c’umwami, narirya ata mwami ahambaye canke buramatari yigeze asaba ikintu nk’ico umuherezi w’umunyamageza canke uwuhamagara imizimu canke Umukaludaya.
11 Mugabo ikintu umwami ariko arasaba kiragoye, kandi nta wundi muntu n’umwe ariho ashobora kucerekana imbere y’umwami kiretse za mana+, na zo zikaba zitabana namba n’igifise umubiri+.”
12 Bica bituma umwami ashavura, araraka bimwe bibi+, avuga ko batikiza inkerebutsi zose za Babiloni +.
13 Nuko itegeko rirasohoka, kandi inkerebutsi zagira zicwe; nuko barondera Daniyeli na bagenziwe, ngo bicwe.
14 Uwo mwanya, Daniyeli wewe, akoresheje inama n’ubwenge+, ashikiriza ijambo Ariyoki umukuru w’abacungera ubuzima bw’umwami, ari na we yari yasohotse ngo yice inkerebutsi za Babiloni.
15 Abwira Ariyoki intwazangabo y’umwami, ati: “Kubera iki umwami atanze itegeko rikaze nk’iryo?” Maze Ariyoki amenyesha Daniyeli ico kintu+.
16 Nuko Daniyeli arinjira, asaba umwami ko yomuha umwanya, kugira azoze kwereka umwami nya nsobanuro+.
17 Inyuma y’ivyo, Daniyeli aja mu nzu iwe; amenyesha ico kintu bagenziwe Hananiya, Mishaheli na Azariya,
18 egome, ngo basabe Imana y’ijuru+ ibagirire imbabazi+ ku vyerekeye iryo banga+, kugira ngo Daniyeli na bagenziwe hamwe n’inkerebutsi za Babiloni zisigaye ntibatikizwe+.
19 Maze Daniyeli ahishurirwa nya banga mw’iyerekwa ryo mw’ijoro+. Daniyeli aca ahezagira+ Imana yo mw’ijuru.
20 Daniyeli avuga ati: “Izina ry’Imana riragahezagirwa+ kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero, kuko ubukerebutsi n’ubushobozi ari ivyayo+.
21 Ni yo ihindura ibihe n’ibiringo+, igakura abami igashiraho abandi+, igaha ubukerebutsi inkerebutsi, n’ubumenyi abazi ugutahura+.
22 Ni yo ihishura ivyimbitse n’ibihishije+, ikamenya ikiri mu mwiza+; kandi iwayo ni ho umuco+ wibera.
23 Ewe Mana ya ba sogokuruza, ni wewe nshemeza ngakeza+, kuko wampaye ubukerebutsi+ n’ubushobozi. None ubu umenyesheje ivyo twagusavye, kuko utumenyesheje ico kintu c’umwami+.”
24 Ku bw’ivyo, Daniyeli aca yinjira kwa Ariyoki+, umwe umwami yari yashinze gutikiza inkerebutsi za Babiloni+. Aragenda, maze amubwira ati: “Ntihagire inkerebutsi za Babiloni utikiza. Njana imbere y’umwami+, nereke umwami insobanuro.”
25 Maze Ariyoki aranyaragasa, ajana Daniyeli imbere y’umwami, amubwira ati: “Nabonye umugabo wo mu bagizwe inyagano+ ba Yuda ashobora kumenyesha umwami insobanuro.”
26 Umwami abwira Daniyeli, uwitwa Beluteshazari+, ati: “Mbega wewe urashoboye koko kumenyesha indoto nabonye, be n’insobanuro yayo+?”
27 Daniyeli arishura imbere y’umwami, ati: “Ibanga umwami abaza, inkerebutsi, abahamagara imizimu, abaherezi b’abanyamageza n’abaragurira ku nyenyeri, ntibashobora kuryereka umwami+.
28 Ariko mu majuru hariho Imana ihishura amabanga+, kandi yamenyesheje Umwami Nebukadinezari ibibwirizwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+. Indoto yawe be n’ivyo weretswe mu mutwe wawe uri ku gitanda cawe, ng’ibi:
29 “Wewe ga mwami, uri ku gitanda cawe+, ivyiyumviro vyawe vyaraje ku bijanye n’ibibwirizwa kuba mu nyuma, kandi wa Muhishuzi w’amabanga yakumenyesheje ibibwirizwa kuba+.
30 Nayo jewe, iri banga sindarihishuriwe biciye ku bukerebutsi na bumwe buri muri jewe buruta uburi mu bandi bazima bose+, atari ukugira ngo insobanuro imenyeshwe umwami, no kugira ngo umenye ivyiyumviro vy’umutima wawe+.
31 “Wewe ga mwami, wariko uritegereza, maze ubona igishusho amahero. Ico gishusho, icari kinini kandi kikagira ukwakaka kw’akataraboneka, cari gihagaze imbere yawe, kandi uko caboneka cari giteye ubwoba.
32 Ico gishusho, umutwe waco wari inzahabu nziza+, igikiriza caco n’amaboko yaco vyari ifeza+, inda yaco n’amatako yaco vyari umujumpu+,
33 amaguru yaco yari icuma+, ibirenge vyaco igice kimwe vyari icuma, ikindi gice bikaba ibumba ribumbabumvye+.
34 Wagumye uraba kugeza aho ibuye risituriwe+, ridasituwe n’amaboko, rigakubita ca gishusho ku birenge vyaco vy’icuma n’ibumba ribumbabumvye rikabijanjagura+.
35 Uwo mwanya, ca cuma, rya bumba ribumbabumvye, wa mujumpu, ya feza na ya nzahabu, vyose hamwe, birajanjagurwa bicika nk’umuguruka uvuye ku mbuga y’ikubitiro yo mu ci+, maze umuyaga urabijana ku buryo ata n’ikanda ryavyo riboneka+. Nya buye ryari rikubise ico gishusho ricika umusozi munini, ryuzura isi yose+.
36 “Iyo ni yo ndoto, insobanuro yayo na yo turayivugira imbere y’umwami+.
37 Wewe ga mwami, umwami w’abami, wewe Imana yo mw’ijuru yahaye ubwami+, ubushobozi, inkomezi be n’iteka,
38 igashira mu kuboko kwawe+, ahantu hose abana b’abantu baba, ibikoko vyo mw’ishamba n’ibiremwa vy’amababa vyo mu kirere, ikakugira umutware abiganza vyose, ni wewe mutwe w’inzahabu+.
39 “Mu nyuma zawe hazohaguruka ubundi bwami+ buri hanyuma yawe+; hazoba n’ubundi bwami, ubugira gatatu, bw’umujumpu, buzoganza isi yose+.
40 “Nayo ubwami bugira kane+, buzoba bukomeye nk’icuma+. Narirya icuma kijanjagura kikongera kigasya ibindi bintu vyose, muri ubwo buryo nyene, kurya kw’icuma gisavya, buzojanjagura bwongere busavye ubwo bundi bwami bwose+.
41 “Ko wabonye yuko ibirenge n’amano igice kimwe vyari ibumba ry’umubumvyi ribumbabumvye, ikindi gice bikaba icuma+, ubwo bwami buzoba bugabuye+, mugabo buzogira akantu k’ubukomezi bw’icuma, narirya wabonye yuko nya cuma cari kivanze n’ibumba ribisi+.
42 Ku bijanye na nya mano y’ibirenge, ayo igice kimwe ari icuma ikindi gice akaba ibumba ribumbabumvye, ubwo bwami igice kimwe buzoba ubukomeye, ikindi gice bube ubworoshe.
43 Ko wabonye icuma kivanze n’ibumba ribisi, bizovangana n’uruvyaro rw’abantu; ariko ntibizofatana, ngo kimwe gifatane n’ikindi, nk’uko nyene icuma kitavangana n’ibumba ribumbabumvye.
44 “Mu misi y’abo bami+, Imana yo mw’ijuru+ izoshinga ubwami+ butazokwigera busenyurwa+. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu+. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze+, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero+,
45 narirya wabonye yuko ibuye ryasituwe ku musozi, ridasituwe n’amaboko+, rikajanjagura ca cuma, wa mujumpu, rya bumba ribumbabumvye, ya feza na ya nzahabu+. Ya Mana Ihambaye+ ni yo yamenyesheje umwami ibibwirizwa kuba mu nyuma+. Iyo ndoto ni iyo kwizerwa, n’insobanuro yayo ni iyo kwizigirwa+.”
46 Ako kanya Umwami Nebukadinezari aca agwa hasi yubamye, aha icubahiro Daniyeli, avuga ko ahabwa impano, agashikanirwa n’imibavu*+.
47 Umwami abwira Daniyeli ati: “Ni ukuri, Imana yanyu ni Imana iruta izindi mana*+, n’Umukama w’abami+ ikaba n’Umuhishuzi w’amabanga, kuko washoboye guhishura iryo banga+.”
48 Nuko umwami agira Daniyeli uwuhambaye+, amuha ingabirano zihambaye nyinshi, yongera amugira umutware w’intara y’ubutware yose ya Babiloni+, n’umutware mukuru aganza inkerebutsi zose za Babiloni.
49 Nayo Daniyeli asaba umwami, uno na we agena Shaduraki na Meshaki na Abedinego+ ngo bayobore intara y’ubutware ya Babiloni, mugabo Daniyeli we yari ku kirimba+ c’umwami.