Daniyeli 12:1-13

12  “Muri ico gihe Mikaheli+ azohaguruka, wa muganwa ahambaye+ ahagaze+ arwanira abana b’igisata cawe+. Kandi hazoba koko igihe c’amarushwa atari bwigere abaho kuva habaho ihanga gushika ico gihe+. Kandi muri ico gihe abantu bawe bazorokoka+, uwo wese azosangwa yanditswe muri ca gitabu+.  Kandi benshi mu basinziriye mu butaka bazokwikangura+, bamwe bikangurire ubuzima bw’igihe kitagira urugero+, abandi na bo bikangurire umugayo n’ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero+.  “Kandi abafise ugutahura kwimbitse bazokayangana nk’ukwakaka kw’ikirere+, abazana benshi ku bugororotsi+ na bo bakayangane nk’inyenyeri gushika igihe kitagira urugero, emwe, ibihe bidahera.  “Nayo wewe ga Daniyeli, ayo majambo nuyagire akabanga, ico gitabu ukibike nk’ikidomweko ikidodo+, gushika mu gihe c’iherezo+. Benshi bazonyuragira irya n’ino, kandi ubumenyi nyakuri buzogwira+.”  Nuko jewe Daniyeli nditegereza, maze ehe abandi babiri bari bahagaze+, umwe ku nkengera y’umugezi hakuno, uwundi na we ku nkengera y’umugezi hakurya+.  Maze umwe muri bo abwira wa muntu yambaye impuzu y’ilino+, wa wundi yari hejuru y’amazi y’umugezi, ati: “Hazoca igihe kingana gute gushika kw’iherezo ry’ivyo bintu vy’agatangaza+?”  Nuko ntangura kwumva wa muntu yambaye impuzu y’ilino, wa wundi yari hejuru y’amazi y’umugezi, igihe yari adugije ukuryo kwiwe n’ukubamfu kwiwe yerekeza mu majuru akarahira+ Umwe abaho igihe kitagira urugero+, ngo: “Ni ivy’igihe cashinzwe, ibihe vyashinzwe, n’igice+. Kandi ukujanjagura inkomezi z’aberanda nikwamara kurangira+, ivyo vyose bizoshika kw’iherezo ryavyo.”  Nayo jewe, ndumva, ariko sinategera+, bituma mvuga nti: “Ewe mukama wanje, mbega ikiringo ca nyuma c’ivyo bintu kizoba ikihe+?”  Yongera kuvuga ati: “Genda Daniyeli, kuko aya majambo yagizwe akabanga kandi akabikwa nk’ayadomweko ikidodo gushika mu gihe c’iherezo+. 10  Benshi bazokwihumanura+, biyeze+, batyororwe+. Ababisha bazokorana ububisha koko+, kandi nta mubisha n’umwe azotegera+; ariko abafise ugutahura kwimbitse bazotegera+. 11  “Kandi kuva igihe ca kimazi c’ubudasiba+ kizoba cakuweho+ hagashirwaho ca kintu gisesemye+ giteza ubugesera, hazoca imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo icenda. 12  “Arahiriwe+ uwuguma arindiriye kandi agashika ku misi igihumbi n’amajana atatu na mirongo itatu n’itanu! 13  “Nayo wewe, niwigire ugana kw’iherezo+; uzoruhuka+, mugabo uzohaguruka ngo utorane umugabane wawe mu mpera y’imisi+.”

Amakuru yiyongereye