Daniyeli 11:1-45
11 “Nayo jewe, mu mwaka wa mbere wa Dariyo Umumedi+, narahagurutse ndamubera uwukomeza be n’iboma.
2 Ngira rero nkubwire ivy’ukuri+:
“Raba! Haracariho abami batatu bazohaguruka ku bw’Ubuperesi+, kandi uwugira kane+ azorundanya ubutunzi kurusha abandi bose+. Niyamara gukomera mu butunzi bwiwe, azohagurutsa vyose atere ubwami bw’Ubugiriki+.
3 “Maze umwami w’inkomezi azohaguruka koko, aganze ari n’ubutware buhambaye+, akore ivyo yigombeye+.
4 Kandi niyamara guhaguruka+, ubwami bwiwe buzovunagurwa, bugaburwe buja kuri ya miyaga ine+ y’amajuru+; mugabo ntibuzohabwa uruvyaro rwiwe+, kandi ntibuzogira ubutware nk’ubwo yahora aganzisha; kuko ubwami bwiwe buzorandurwa, bugahabwa abandi atari abo.
5 “Kandi umwami wo mu bumanuko azokomera, egome, umwe mu baganwa biwe; azomunesha, aganze vy’ukuri ari n’ubutware buhambaye kurusha ububasha bwo kuganza bw’uwo wundi.
6 “Nihashira imyaka kanaka bazokwunga urunani, kandi umukobwa w’umwami wo mu bumanuko azoza ku mwami wo mu buraruko kugira ngo hagirwe umwumvikano utarenganya. Mugabo uwo mukobwa ntazogumana ububasha bw’ukuboko kwiwe+; kandi uwo mwami ntazoguma ahagaze, n’ukuboko kwiwe ni kwo kw’ukwo; uwo mukobwa azotangwa, we ubwiwe, na bene kumuzana, n’uwamuvyaye, be n’uwahora amukomeza muri ivyo bihe.
7 Kandi uwamuka ku munago+ w’imizi y’uwo mukobwa azohaguruka koko mu kibanza c’uwo mwami; azoza ahari inteko za gisirikare, aze kurwanya iboma ry’umwami wo mu buraruko, abatere koko, aneshe.
8 Azoza mu Misiri, aze afise n’imana zabo+, n’ibishusho vyabo vy’icuma gishongeshejwe, n’ibintu vyabo bihimbaye vy’ifeza n’ivy’inzahabu, be n’imbohe. Kandi azomara imyaka kanaka ahagaze kure y’umwami wo mu buraruko.
9 “Kandi azokwinjira vy’ukuri mu bwami bw’umwami wo mu bumanuko, hanyuma asubire ku butaka bwiwe.
10 “Nayo abana biwe, bazobambarwa bakoranirize hamwe isinzi ry’inteko za gisirikare nyinshi. Emwe, ntazobura kuza, asegenyuke, arengane. Ariko azosubira inyuma, abambarwe gushika kw’iboma ryiwe.
11 “Kandi umwami wo mu bumanuko azorakara, asohoke koko arwane na we, arwane n’umwami wo mu buraruko; uno azohagurutsa isinzi rinini, kandi nya sinzi rizotangwa vy’ukuri mu kuboko kw’uwo wundi+.
12 Iryo sinzi ntirizobura kujanwa. Umutima wiwe uzokwishira hejuru+, kandi azogwisha vy’ukuri abantu ibihumbi mirongo; mugabo ntazorondera kwungukira ku kibanza gikomeye afise.
13 “Kandi umwami wo mu buraruko azogaruka ata kabuza, ahagurutse isinzi rinini kuruta irya mbere; nihahera ibihe, imyaka kanaka, azoza, azananye n’inteko za gisirikare zikomeye+ be n’umukimba w’ibintu+.
14 Kandi muri ivyo bihe, benshi bazohagurukira umwami wo mu bumanuko.
“Nayo abana b’abambuzi bo mu gisata cawe, bazojanwa kugira ngo bagerageze gutuma iyerekwa riranguka+; kandi ntibazobura gutsitara+.
15 “Kandi umwami wo mu buraruko azoza, aduze igikuta co gusugereza+, afate vy’ukuri igisagara gifise ibihome. Nayo amaboko* yo mu bumanuko, ntazohagarara, n’abantu bo mu bahizi biwe ni kwo kw’ukwo; ntibazoronka inkomezi zo kunana.
16 Uwuzoba aje kumurwanya azokora ivyo yigombeye, kandi nta n’umwe azomuhagarara imbere. Azohagarara muri ca gihugu c’Ikirezi+, kandi mu kuboko kwiwe hazoba hari ugutikiza+.
17 Azokwiyemeza*+ gusidukana inguvu z’ubwami bwiwe bwose, kandi azogirana na we umwumvikano utarenganya+; azokora yererwe+. Ku bijanye n’umukobwa w’abagore, uwo mwami azohabwa kumuhonya. Uwo mukobwa ntazohagarara, kandi ntazobandanya kuba uwiwe+.
18 Azosubiza amaso inyuma ku bihugu vyo ku nkengera y’amazi+, afate vyinshi koko. Kandi umukomanda umwe azokwikurako iceyi kiva kuri uwo wundi, bitume iceyi ciwe kivaho. Azogisubiza kuri uwo wundi.
19 Azosubiza amaso inyuma ku maboma y’igihugu ciwe bwite, kandi azotsitara koko agwe, kandi ntazoboneka+.
20 “Kandi mu kibanza ciwe+ hazohaguruka uwuzotuma umutozakori*+ aca muri bwa bwami bw’agahore; mu misi mikeyi azovunagurwa, ariko bidaciye mw’ishavu canke mu ntambara.
21 “Kandi mu kibanza ciwe hazohaguruka uwo gusuzugurwa+, kandi ntibazogenda bamushizeko iteka ry’ubwami; azoza mu gihe ata co binona+, afate ubwo bwami akoresheje uburyarya+.
22 Nayo amaboko+ y’isegenya, azorengerwa n’isegenya kubera we, kandi azovunagurwa+; ni na ko bizogendera+ ya Ndongozi+ y’isezerano+.
23 Vyongeye, kubera ko bazokwunga urunani na we, azoshishikara gukoresha ubuhendanyi, aduge vy’ukuri, agire ubushobozi biciye kw’ihanga ritoyi+.
24 Mu gihe ata co binona+, azokwinjira mu gihimba kinuze c’intara y’ubutware, akore vy’ukuri ivyo ba se na ba sekuru batakoze. Azokwandagaza muri bo iminyago n’isahu be n’ibindi bintu; kandi azotegura imigambi yo gutera ibibanza bikingijwe ibihome+, ariko bibe gushika igihe kanaka gusa.
25 “Azovyura inkomezi ziwe be n’umutima wiwe ngo arwanye umwami wo mu bumanuko akoresheje inteko za gisirikare nyinshi; nayo umwami wo mu bumanuko, azobambarwa ku bw’intambara akoresheje inteko za gisirikare nyinshi kandi zikomeye bimwe bihebuje. Kandi ntazohagarara, kuko bazotegura imigambi yo kumurwanya.
26 Kandi abarya ibinovereye vyiwe ni bo bazotuma asenyuka.
“Nayo inteko ziwe za gisirikare, zizokukumurwa n’isegenya, kandi benshi bazogwa koko bagandaguwe.
27 “Kandi ku bijanye n’abo bami babiri, umutima wabo uzohengamira ku gukora ibibi, kandi bazoguma bavuga ikinyoma+ bari ku meza imwe+. Ariko nta na kimwe kizororana+, kuko iherezo rikiri iry’igihe cashinzwe+.
28 “Kandi azosubira mu gihugu ciwe afise umukimba w’ibintu, kandi umutima wiwe uzorwanya rya sezerano ryeranda+. Azokora yererwe+, asubire koko mu gihugu ciwe.
29 “Ku gihe cashinzwe+, azosubirayo, aze gutera koko ubumanuko+; mugabo ivyo mu nyuma ntibizomera nk’ivya mbere.
30 Emwe, imeri z’i Kitimu+ zizoza kumutera, kandi ntazobura kujonjogora.
“Azosubira inyuma vy’ukuri, arekurire imisibo+ kuri rya sezerano ryeranda+, akore yererwa; kandi azobwirizwa gusubira inyuma, yiyumvire abaheba nya sezerano ryeranda.
31 Amaboko azohaguruka, avuye kuri we; kandi ayo maboko azohumanya vy’ukuri ha heranda+, rya boma, akureho na ca kimazi c’ubudasiba+.
“Kandi azoshiraho koko ca kintu gisesemye+ giteza ubugesera+.
32 “Kandi abakorana ububisha mu kurwanya rya sezerano+, azobajana mu buhuni+ akoresheje amajambo asosa+. Mugabo abazi Imana yabo bobo+, bazotsinda+ kandi bakore bererwa.
33 Nayo abafise ugutahura kwimbitse+ bo mu bantu, bazoha abenshi ugutegera+. Emwe, bazotsitazwa n’inkota be n’urubeya, batsitazwe n’ukugirwa imbohe be n’ugusahurwa+, mu kiringo c’imisi kanaka.
34 Mugabo nibatsitazwa bazotabarwa gatoyi+; kandi benshi bazokwifatanya na bo koko biciye ku buryarya+;
35 Kandi bamwe mu bafise ugutahura kwimbitse bazotsitazwa+, kugira ngo hakorwe igikorwa c’ugutyorora kubera bo, no kugira ngo hakorwe igikorwa c’uguhumanura be n’ic’ukweza+, gushika ku gihe c’iherezo+; kuko bikiri ivy’igihe cashinzwe+.
36 “Kandi uwo mwami azokora uko yigombeye vy’ukuri, yishire hejuru, yininahaze hejuru y’icitwa imana cose+; kandi azovuga ibintu bitangaje avuga nabi ya Mana iruta izindi mana*+. Azororanirwa koko gushika ya misibo irangiye+; kuko icapfunditswe gitegerezwa gukorwa.
37 Ntazokwitaho Imana ya ba se; ntazokwitaho icipfuzo c’abagore be n’iyindi mana iyo ari yo yose, ahubwo azokwininahaza ku muntu wese+.
38 Mugabo imana y’amaboma ni yo azoha ubuninahazwa ari mu kibanza ciwe; kandi imana ba se batamenye ni yo azoha ubuninahazwa biciye ku nzahabu, kw’ifeza, ku mabuye y’agaciro no ku bintu bihimbaye.
39 Azokora yererwe mu gusenyura ibihome vyakomejwe kuruta ibindi vyose, ari kumwe n’imana y’inyamahanga. Uwuzomwemera wese azomuha ubuninahazwa bugwiriye, kandi vy’ukuri azotuma baganza hagati mu bantu benshi; kandi ubutaka azobugabanganya ku kiguzi.
40 “Kandi mu gihe c’iherezo, umwami wo mu bumanuko+ azoja mu rugamba rwo gusunikana na we; umwami wo mu buraruko azomushwabadukirako n’imikogote, n’abagendera ku mafarasi, kumwe n’imeri nyinshi; azokwinjira koko mu bihugu, asegenyuke, arengane.
41 Azokwinjira vy’ukuri+ no muri ca gihugu c’Ikirezi+, kandi ibihugu vyinshi bizotsitazwa+. Mugabo abazocika kw’icumu mu kuboko kwiwe ni aba: Edomu na Mowabu+ be n’igihimba nyamukuru ca bene Amoni.
42 Kandi azoguma atuma ukuboko ngo arwanye ibihugu; nayo igihugu ca Misiri+ coco, ntikizocika kw’icumu.
43 Azoganza vy’ukuri amatunga yanyegejwe y’inzahabu n’ifeza, aganze n’ibintu bihimbaye vyose vya Misiri. Abanyalibiya n’Abanyetiyopiya bazokurikira intambuko ziwe.
44 “Mugabo hazobaho amakuru amuhagarika umutima+, avuye i burasirazuba+ n’i buraruko, hanyuma azosohoka ari n’ubushangashirwe bwinshi, kugira ngo azimanganye benshi, abatikize+.
45 Kandi amahema yiwe y’ikirimba azoyashinga hagati ya ca kiyaga kinini na wa musozi mweranda w’Ikirezi+; azoza gushika kw’iherezo ryiwe+, kandi nta wuzomutabara+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “ingabo.”
^ Ijambo ku rindi ni “azokwerekeza mu maso hiwe ku.”
^ Canke, “uwandika abaja mu gisoda.”
^ Ijambo ku rindi ni “Imana y’imana.”