Daniyeli 10:1-21
10 Mu mwaka ugira gatatu wa Kuro+ umwami w’Ubuperesi, hari ikintu cahishuriwe Daniyeli, ari we yitwa Beluteshazari+; ico kintu cari ic’ukuri, kandi haba igikorwa gikomeye ca gisirikare+. Ico kintu aragitahura, aratahura ico abonye+.
2 Muri iyo misi, jewe Daniyeli nari ngandaye+ mu kiringo c’amayinga atatu yuzuye.
3 Sinarya umukate uryoshe, kandi nta nyama canke umukate vyangera mu kanwa, kandi sinigeze nisiga amavuta gushika ayo mayinga atatu yuzuye arangiye+.
4 Maze ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kwa mbere, igihe nari ku nkombe ya rwa ruzi runini, ari rwo Hidekeli+,
5 ndaramura amaso ndaraba, maze mbona umugabo umwe yambaye impuzu y’ilino+, akenyeye mu mafyinga+ inzahabu y’i Ufazi+.
6 Umubiri wiwe wari umeze nk’ibuye rya kirisolito+, mu maso hiwe na ho nk’ishusho y’umuravyo+, amaso yiwe na yo nk’ibimuri vy’umuriro+; amaboko yiwe be n’ibirenge vyiwe vyaboneka nk’umujumpu usenye+, ijwi ry’amajambo yiwe na ryo rikamera nk’ijwi ry’isinzi.
7 Kandi jewe Daniyeli nabonye ukwo kubonekerwa ndi jenyene; mugabo abantu twari kumwe bobo ntibabonye ukwo kubonekerwa+. Ariko barafashwe n’ukujugumira gukomeye, bituma biruka, barinyegeza.
8 Nuko nsigara ndi jenyene, ndaheza mbona ukwo kubonekerwa gukomeye. Ntihagira inkomezi na nkeya zinsigaramwo, iteka ryanje rirahinduka, rirakamangana, sinasigarana inkomezi na nkeya+.
9 Nuko ntangura kwumva ijwi ry’amajambo yiwe; maze nkiriko ndumva ijwi ry’amajambo yiwe, nca ndasinzira ubutikoma+ nubamye, mu maso hanje haraba hasi+.
10 Maze ehe haza ukuboko kurankorako+, kurahava kuramvyura kugira ngo mpfukame, nishimikize ibiganza vy’amaboko yanje.
11 Araheza ambwira ati:
“Ewe Daniyeli, muntu uhimbaye cane+, nutegere amajambo ngira nkubwire+, uhagarare aho wari uhagaze, kuko ubu ndungitswe kuri wewe.”
Ambwiye iryo jambo, ndahaguruka nsusumira.
12 Hanyuma ambwira ati: “Ntutinye+, Daniyeli, kuko uhereye ku musi wa mbere washira umutima ku bwenge+ no ku kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe+, amajambo yawe yarumviswe, kandi nje kubera amajambo yawe+.
13 Mugabo umuganwa+ w’akarere kaganzwa n’Ubuperesi+ yari ahagaze andwanya+, imisi mirongo ibiri n’umwe, maze ehe Mikaheli+, umwe mu baganwa bakurubakuru+, aza kuntabara; nanje nsigara ng’aho iruhande y’abami b’Ubuperesi+.
14 Kandi nzanywe no kugutahuza ibizoshikira igisata cawe+ mu kiringo ca nyuma c’imisi+, kuko ari iyerekwa+ rikiri iry’imisi izoza+.”
15 Igihe rero yambwira amajambo nk’ayo, mu maso hanje nari naharabishije hasi+, kandi nari nacitse nk’ikiragi.
16 Maze, ehe uwufise ishusho nk’iy’abana b’abantu ankora ku minwa+, nca ntangura guteranura akanwa ndavuga+, mbwira uwari ahagaze imbere yanje nti: “Ewe mukama wanje+, ukubonekerwa kwatumye izo mu nda zimpiramwo, sinasigarana inkomezi na nkeya+.
17 Mbega none vyashobotse gute ngo umusavyi w’uyu mukama wanje avugane n’uyu mukama wanje+? Nayo jewe, gushika ubu nta nkomezi na nkeya ziri muri jewe, eka nta n’impemu na nkeya zinsigayemwo+.”
18 Maze umwe yasa n’umuntu yakuwe mw’ivu yongera kunkorako, arankomeza+.
19 Araheza avuga ati: “Ntutinye+, ewe muntu ahimbaye cane+! Gira amahoro+. Nukomere, emwe, ukomere+.” Akivugana nanje, ndinanata, ndaheza mvuga nti: “Umukama wanje navuge+, kuko unkomeje+.”
20 Nuko, avuga kandi ati:
“Ubwo vy’ukuri urazi igituma naje kuri wewe? Ubu ngira nsubire kurwana na wa muganwa w’Ubuperesi+. Ninasohoka, ehe umuganwa w’Ubugiriki na we araza+.
21 Ariko ndakubwira ivyanditswe mu candikano c’ukuri+, kandi nta n’umwe ashikamanye nanje muri ivyo atari Mikaheli+, wa muganwa wanyu+.