Daniyeli 1:1-21
1 Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma ya Yehoyakimu+ umwami wa Yuda, Nebukadinezari umwami wa Babiloni aza i Yeruzalemu, atangura kuhasugereza+.
2 Mu nyuma Yehova atanga mu kuboko kwiwe Yehoyakimu umwami wa Yuda+, na bimwe mu bikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, ku buryo abizana mu gihugu ca Shinari+ ku nzu y’imana yiwe; nya bikoresho abizana ku nzu y’itunga y’imana yiwe+.
3 Maze umwami abwira Ashipenazi umukozi wiwe mukuru wo ku kirimba+ ngo azane bamwe muri bene Isirayeli n’abo mu nda y’ingoma be n’abo mu banyacubahiro+,
4 abana batagira agahonzi+ namba, mugabo basa neza kandi bafise ugutahura kwimbitse mu vy’ubukerebutsi bwose+, bafise ubumenyi bwinshi, batahura ibizwi+, bafise n’ubushobozi bwo guhagarara mu kirimba c’umwami+; amubwira kandi ngo bigishwe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.
5 Vyongeye, umwami abagenera ingaburo ya buri musi ku binovereye+ vy’umwami no ku muvinyu wiwe wo kunywa, mbere ngo bagaburirwe imyaka itatu, kugira ngo iheze bahagarare imbere y’umwami.
6 Buno muri bo hari bamwe muri bene Yuda, ari bo Daniyeli+, Hananiya, Mishaheli na Azariya+.
7 Maze umukozi kizigenza wo ku kirimba abaha amazina+. Nuko aha Daniyeli izina Beluteshazari+; Hananiya amuha izina Shaduraki; Mishaheli amuha izina Meshaki; Azariya na we, Abedinego+.
8 Mugabo Daniyeli yiyemeza mu mutima wiwe kutiyandurisha+ ibinovereye vy’umwami be n’umuvinyu wiwe wo kunywa. Kandi yaguma asaba umukozi kizigenza wo ku kirimba ngo amukundire kutiyanduza+.
9 Nuko Imana y’ukuri ituma umukozi kizigenza wo ku kirimba agirira Daniyeli ubuntu bwuzuye urukundo be n’imbabazi+.
10 Nya mukozi kizigenza wo ku kirimba araheza abwira Daniyeli ati: “Ndatinya umukama wanje, umwami, we yabageneye ibifungurwa vyanyu n’ibinyobwa vyanyu+. Kubera iki none yoraba mu maso hanyu agasanga hajonjogoye mugereranijwe n’abana munganya imyaka, mugatuma umutwe wanje wagirwa n’icaha imbere y’umwami?”
11 Mugabo Daniyeli abwira umurinzi, uwo nya mukozi kizigenza wo ku kirimba+ yari yashinze kuraba Daniyeli, Hananiya, Mishaheli na Azariya, ati:
12 “Enda nugeze abasavyi bawe imisi cumi, baduhe indya z’insoromano+ turye, n’amazi tunywe;
13 maze twe n’abana barya ibinovereye vy’umwami tuze duseruke imbere yawe, witegereze mu maso hacu no mu maso habo, uheze ugirire abasavyi bawe ibihwanye n’ivyo uzoba ubonye.”
14 Amaherezo arabumviriza kuri ico kintu, arabageza imisi cumi.
15 Imisi cumi iheze, mu maso habo haboneka ko hasa neza, ko hadoshe, kuruta abana bose barya ibinovereye vy’umwami+.
16 Nuko wa murinzi aguma akuraho ibinovereye vyabo n’umuvinyu wabo wo kunywa, abaha indya z’insoromano+.
17 Nayo abo bana, uko ari bane, Imana y’ukuri ibaha ubumenyi n’ugutahura kwimbitse mu bijanye n’inyandiko yose be n’ubukerebutsi bwose+; kandi Daniyeli ubwiwe yari afise ugutegera mu bijanye n’ubwoko bwose bw’iyerekwa be n’indoto+.
18 Maze imisi umwami yari yavuze ko babazana iheze+, wa mukozi kizigenza wo ku kirimba ajako rero arabazana imbere ya Nebukadinezari.
19 Umwami atangura kuvugana na bo, kandi muri abo bose ntihaboneka uwumeze nka Daniyeli na Hananiya na Mishaheli na Azariya+; babandanya guhagarara imbere y’umwami+.
20 Ku kintu cose kijanye n’ubukerebutsi be n’ugutegera+ umwami yabasiguza, yasanga mbere baruta incuro cumi abaherezi b’abanyamageza bose+ be n’abahamagara imizimu+ bari mu karere kose aganza.
21 Nuko Daniyeli agumaho, gushika mu mwaka wa mbere wa Kuro umwami+.