Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Amosi 8:1-14

8  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe hari igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci+.  Araheza ambaza ati: “Ubona iki+ ga Amosi?”  Nanje nti: “Igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci+.” Hanyuma Yehova ambwira ati: “Iherezo ryashitse ku bantu banje Isirayeli+. Sinzogenda nsubiye kubababarira+.  ‘Kandi indirimbo zo mu rusengero zizoba umuborogo kuri uwo musi+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. ‘Hazoba imivyimba myinshi+. Emwe, ahantu hose, bazoyishiburira hanze—cwe!’  “Nimwumve ibi mwebwe murondera gusūmira umworo n’akanwa kanyu+, kugira ngo muzimanganye kw’isi abatekereza+,  mukavuga ngo: ‘Mbega imboneko y’ukwezi izorengana ryari+ ngo twigurishirize intete+? Be n’isabato+, ngo twidandarize intete, kugira ngo tugabanye ingero ya efa+, tuduze shekeli kandi tuzirike umunzane w’uruhendo+,  kugira ngo tugure abantu batobato ifeza igaragara, umworo na we ikiguzi c’umwambaro w’inkweto, ngo twigurishirize umucafu w’intete+?’  “Yehova arahiye Ubukuru bwa Yakobo+, ati: ‘Sinzokwigera nibagira ibikorwa vyabo vyose+.  Mbega ivyo si vyo bizotuma igihugu gihagarika umutima+, n’uwukibamwo wese akabwirizwa kugandara+, bigatuma kandi cose kiduga nka Nili, kigasebagirika hanyuma kikadwibira nka Nili yo mu Misiri+?’  “‘Kandi uku ni ko bizoba kuri uwo musi,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nzotuma izuba rirenga ku mutaga w’amaminangohe+, nteze igihugu umwiza ku musi umuco ari wose. 10  Imisi mikuru yanyu nzoyihindura ikigandaro+, n’indirimbo zanyu zose ndazihindure akaririmbo k’intimba, nzane amagunira* ku mafyinga yose, n’imitwe yose iharangurwe+; nzotuma bimera nk’igihe bagandarira umwana w’ikinege+, iherezo ryavyo rimere nk’umusi w’akabonge.’ 11  “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova+. 12  Kandi ntibazobura kudandabagirana kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva mu buraruko gushika mu burasirazuba. Bazoguma banyuragira irya n’ino barondera ijambo rya Yehova, ariko ntibazorironka+. 13  Kuri uwo musi abigeme bezabeza b’isugi, eka n’imisore, bazorabikwa n’inyo ta+, 14  abarahira icaha ca Samariya+, bakavuga ngo: “Turahiye ukubaho kw’imana ya we, ewe Dani+!”, kandi ngo: “Turahiye ukubaho kw’inzira y’i Beyeri-sheba+!” Ntibazobura kugwa, kandi ntibazokwongera guhaguruka+.’”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.