Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Amosi 6:1-14

6  “Baragowe abiraramiye+ i Siyoni be n’abizigira umusozi wa Samariya! Abo ni abanyacubahiro bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi, kandi ni bo inzu ya Isirayeli yaje igana.  Nimufate inzira muje i Kalune, mwirabire; hanyuma muveyo muje i Hamati+ ahaba abantu benshi, muheze mumanuke i Gati+ h’Abafilisitiya. Mbega ivyo bisagara vyoba ari vyo vyiza kuruta ubu bwami, canke mugira ngo akarere kavyo ni ko kanini kuruta akarere kanyu+?  Mbega muriko mwikura mu muzirikanyi wa musi w’ivyago+, mukigiza hafi inzu y’ubukazi+?  Mwebwe abiryamiye ku mariri y’amasenge y’inzovu+, mukigaramangira ku busaswa bwanyu, mukirira impfizi z’intama zo mu mukuku be n’ibimasa vyakuwe mu nyana zadoheshejwe+,  mugafondafonda indirimbo mwisunze ijwi ry’igicurarangisho c’imirya+, nka kumwe kwa Dawidi mukaba mwarihingu riye ibikoresho vyo gucuraranga indirimbo+,  mukanywera mu mabakure y’umuvinyu+, mukisiga amavuta mezameza+, kandi mukaba mutarwajwe n’ivyago vya Yozefu+.  “Ni co gituma rero bazoja mu bunyagano bari imbere y’abariko baja mu bunyagano+, kandi ukwidagadura kw’abigaramangira kuzovaho ata kabuza.  “‘Umukama Segaba Ye hova arirahiye+,’ ni ko Yehova Imana nyen’ingabo  avuze, ati: ‘“Nanka urunuka ubwishime bwa Yakobo+, n’iminara yiwe yo kubamwo ndayanse+, kandi igisagara be n’ibicuzuye nzobigabura ku bansi+.  Kandi nihasigara abantu cumi mu nzu imwe, na bo nyene ntibazobura gupfa+. 10  Kandi mwene wabo na se azobwirizwa kubatwara hanze umwumwe, abaturire umwumwe, kugira ngo asohore amagufa muri nya nzu+. Kandi azobwirizwa kubaza umuntu wese ari mu bwigobeko bwa nya nzu ati: ‘Hari abandi muri kumwe?’ Na we azovuga koko ati: ‘Nta n’umwe!’ Nya muntu na we azobwirizwa kuvuga ati: ‘Cereza! Kuko atari igihe co gucisha mu kanwa izina rya Yehova+.’” 11  “‘Kuko ehe Yehova arategetse+, kandi ntazobura gusenyura inzu nini akayigira ibisenyagurike, inzu ntoyi na yo akayigira isakamburira+. 12  “‘Mbega amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke umuntu yoharimisha inka? Kuko ubutungane mwabuhinduye igiterwa c’ubumara+, icamwa c’ubugororotsi na co mugihindura ibamba, 13  mwebwe abanezererwa ikintu kitariho+, mukavuga ngo: “Mbega inkomezi zacu si zo zatumye twironsa amahembe*+?” 14  Raba! Ngira ndabahagurukirize ihanga+, ewe nzu ya Isirayeli,’ ni ko Yehova Imana nyen’ingabo avuze, ‘babahahaze kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku mwonga wa Araba.’”

Amakuru yiyongereye

Amahembe y’igikoko arakunda gukoreshwa muri Bibiliya mu kugereranya inkomezi, ububasha canke ubukuru.