Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

Amosi 3:1-15

3  “Nimwumve iri jambo Yehova avuze ku biberekeye+, yemwe bene Isirayeli, ku vyerekeye umuryango wose naduganye ndawukuye mu gihugu ca Misiri+, ati:  ‘Ni mwebwe gusa namenye+ mu miryango yose yo ku butaka+. Ni co gituma nzogira ico ndababaza ku makosa yanyu yose+.  “‘Mbega babiri bojana batahuye kw’isango bahanye+?  Mbega intambwe yorohera mu kibira ata co yacakiye+? Mbega intambwe y’umukangara y’umugāra yokwumvikanishiriza ijwi ryayo mu bwikingo bwayo ata co yafashe namba?  Mbega inyoni yogwa mu mutego hasi ata mushibuka yatezwe+? Mbega umutego urashibuka uvuye mw’ivu ata co wafashe namba?  Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibaca bajugumira+? Iyo hashitse ivyago mu gisagara, mbega Yehova si we none aba akoze ikintu?  Kuko Umukama Segaba Yehova ata co azokora adahishuriye akabanga kiwe abasavyi biwe b’abahanuzi+.  Intambwe iraroshe+! Ni nde atotinya? Umukama Segaba Yehova ubwiwe aravuze! Ni nde atovuga ubuhanuzi+?’  “‘Nimuvyamamaze ku minara yo kubamwo i Ashidodi no ku minara yo kubamwo mu gihugu ca Misiri+, muti: “Nimukoranire imisozi ya Sama riya+, mubone imivurungano myinshi ihari be n’ubugunge buhibereye+. 10  Ntibazi gukora ibigororotse+,” ni ko Yehova avuze, “abarunda ubukazi+ n’ubunyazi mu minara yabo yo kubamwo.”’ 11  “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Hariho umurwanizi hirya no hino y’igihugu+; emwe, azomanura inkomezi zawe zikuveko, kandi iminara yawe yo kubamwo izosahurwa vy’ukuri+.’ 12  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nka kurya umwungere ashikura mu kanwa k’intambwe amaguru* abiri canke igipande c’ugutwi+, ni ko bene Isirayeli bazoshikurwa, abo biyicariye i Samariya ku buriri bwakaka+ no ku busaswa bw’i Damasiko+.’ 13  “‘Nimwumve, mushinge intahe+ mu nzu ya Yakobo,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ya Mana nyen’ingabo. 14  ‘Kuko, ku musi nzogira ico mbaza+ Isirayeli ku migararizo yiwe, nzogira n’ico mbaza ibicaniro vy’i Beteli+; kandi amahembe y’igicaniro ntazobura gucibwa, akagwa hasi+. 15  Nzosenyurira hasi inzu yo kubamwo mu rushana+ n’inzu yo kubamwo mu ci+.’ “‘Kandi amazu y’amasenge y’inzovu azokamangana+, eka n’amazu menshi azoyogera+,’ ni ko Yehova avuze.”

Amakuru yiyongereye

Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.