Abaroma 9:1-33

9  Ndiko mvuga ukuri+ muri Kristu; sindiko ndabesha+, kuko ijwi ryo mu mutima ryanje rishinga intahe hamwe nanje mu mpwemu nyeranda,  yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udatezura mu mutima wanje+.  Kuko nopfuma jewe ubwanje mba igicibwa kuri Kristu nkaba nk’ikivume ku bavukanyi banje+, incuti zanje hisunzwe umubiri+,  abo, uko bari ukwo, bakaba ari Abisirayeli+, bene ukugirwa abana+ na bene ubuninahazwa+ n’amasezerano+ na bene guhabwa Itegeko+ n’igikorwa ceranda+ be n’imihango+;  ni bo bafise ba sogokuruza+, ari na bo Kristu yakomotsemwo ku mubiri+: Imana+, iyiri hejuru ya vyose, ihezagirwe ibihe vyose. Amen.  Ariko si nk’aho ijambo ry’Imana ryananiwe+. Kuko abakomoka kuri Isirayeli bose atari bo “Isirayeli” vy’ukuri+.  Eka mbere bose si abana ngo ni uko ari uruvyaro* rwa Aburahamu+, ahubwo vyanditswe ngo: “Ikizokwitwa ‘uruvyaro rwawe’ kizoboneka biciye kuri Izahaki+.”  Ni ukuvuga ko abana b’umubiri+ atari bo bana b’Imana vy’ukuri+, ahubwo abana b’umuhango+ ni bo baharurwa nk’uruvyaro.  Kuko ijambo ry’umuhango ryavuga uku: “Nk’aya mango nzoza, kandi Sara azoronka umuhungu+.” 10  Yamara si ico gihe conyene, mugabo n’igihe Rebeka yasama inda y’amahasa+ kuri wa mugabo umwe, ari we Izahaki sogokuruza wacu: 11  kuko igihe batari bwavuke canke ngo bakore ikintu na kimwe ciza canke c’agahomerabunwa+, kugira ngo intumbero y’Imana ku bijanye n’itorwa ryabo igume itavana n’ibikorwa, ahubwo igume ivana n’Umwe ahamagara+, 12  Rebeka yabwiwe ati: “Bukuru azoba umushumba wa Butoyi+.” 13  Nk’uko vyanditswe ngo: “Nakunze Yakobo, mugabo Esawu naramwanse+.” 14  Tuvuge iki none? Mbega Imana irarenganya+? Ntibikabe! 15  Kuko ibwira Musa iti: “Nzogirira imbabazi uwo nshatse kugirira imbabazi, kandi nzogirira impuhwe uwo nshatse kugirira impuhwe+.” 16  Nuko rero, ntibiva ku wushaka canke ku wiruka, ahubwo biva ku Mana+, ari yo igira imbabazi+. 17  Kuko Icanditswe kibwira Farawo giti: “Iki nyene ni co catumye nkureka: ni ukugira ngo nerekanire kuri wewe ububasha bwanje, no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.” 18  Nuko rero, uwo ishaka iramugirira imbabazi+, mugabo uwo ishaka iramureka agacika intabarirwa+. 19  Wombwira rero uti: “Ni kubera iki ibandanya gutora amahinyu? Kuko ni nde ahangara ukugomba kwayo gutomoye+?” 20  Ewe muntu+, uri nde none ngo wishure nabi Imana+? Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye ngo: “Kubera iki wambumvye gutya+?” 21  Ngw’iki? Mbega umubumvyi+ ntafise ububasha kw’ibumba bwo gukora mu kibumbe kimwe c’ibumba icombo gikoreshwa ibiteye iteka, n’ikindi gikoreshwa ibiteye isoni+? 22  Nimba rero Imana, naho igomba kwerekana uburake bwayo no kumenyekanisha ububasha bwayo yarihanganiye n’ukwiyumanganya kwinshi ivyombo vy’uburake vyagizwe ibibereye gutikizwa+ 23  kugira ngo imenyekanishe ubutunzi+ bw’ubuninahazwa bwayo ku vyombo+ vy’imbabazi, ivyo yateguye imbere y’igihe ku bw’ubuninahazwa+, 24  ni ukuvuga twebwe, abo yahamagaye atari mu Bayuda gusa ariko no mu mahanga+, bitwaye iki? 25  Ni nk’uko ibivuga kandi muri Hoseya iti: “Abatari abantu banje+ nzobita ‘abantu banje,’ n’umugore atakundwa ndamwite ‘umukundwa+’; 26  kandi ahantu babwiriwe ngo: ‘Ntimuri abantu banje,’ ni ho bazokwitirwa ‘abana b’Imana nzima+.’” 27  Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+. 28  Kuko Yehova azogira ico abaza kw’isi, abisozere kandi abitebutse+.” 29  Kandi, nk’uko Yesaya yari yarabivuze kera ati: “Iyo Yehova nyen’ingabo*+ atadusigira uruvyaro, tuba twaracitse nka Sodomu, kandi tuba twaragizwe nka Gomora+.” 30  Tuvuge iki none? Yuko abanyamahanga, naho badakurikirana ubugororotsi, bahambije ubugororotsi+, bwa bugororotsi buva ku kwizera+; 31  mugabo yuko Isirayeli, naho ikurikirana itegeko ry’ubugororotsi, itashikiriye iryo tegeko+. 32  Kubera iki? Kubera itarikurikiranye biciye mu kwizera, mugabo nk’aho vyaciye mu bikorwa+. Batsitaye kuri rya “buye ritsitaza+”; 33  nk’uko vyanditswe ngo: “Ehe ndiko nshira i Siyoni ibuye+ ritsitaza n’igitandara kigwisha+, mugabo uwushingira ukwizera kwiwe kuri ryo ntazoteterwa+.”

Amakuru yiyongereye

Raba Rm 4:13, akajambo k’epfo.
Raba Inyongera ya 21.